Gucura intimba 3:1-66

  • Yeremiya avuga uko yiyumva n’icizigiro afise

    • «Nzoguma ndindiriye» (21)

    • Imbabazi z’Imana zama ari nshasha buri gitondo (22, 23)

    • Imana ni nziza ku bayizigira (25)

    • Ni vyiza ko abakiri bato bikorera umutwaro (27)

    • Imana yazibije ibicu inzira ishika iwe (43, 44)

א [Alefu] 3  Ni jewe nabonye amarushwa kubera inkoni y’uburake bwiwe.   Yaranyomoye ancisha mu mwiza, ntiyancisha mu muco+.   Emwe, ukuboko kwiwe kuguma kundwanya bukarinda bwira+. ב [Beti]   Yatumye umubiri wanje n’urukoba rwanje bihera.Yavunaguye amagufa yanje.   Yaranyugarije, ankikuza ishano rirura+ n’amagume.   Yanyicaritse mu bibanza vy’umwiza, nk’abantu bapfuye kera. ג [Gimelu]   Yanzitije uruhome kugira sincaruke.Yambohesheje amapingu y’umujumpu+ aremereye.   Kandi iyo ndamutakambiye nihebuye, aranka kwumviriza* isengesho ryanje+.   Yazibije inzira zanje amabuye abajwe.Yagoramitse amabarabara yanje+. ד [Daleti] 10  Abunze nk’idubu, nk’intambwe yihishije, ngo ancakire+. 11  Yankuye mu nzira ndimwo arantabagura*.Yatumye nsigara ndi inyakamwe+. 12  Yateguye umuheto* wiwe, andabishako umwampi. ה [He] 13  Yatobekeranije amafyigo yanje akoresheje imyampi yo mu gasaho* abikamwo imyampi. 14  Nahindutse agatwengo ku mahanga yose. Ni jewe baririmba bukarinda bwira. 15  Yanyujuje ibintu birura, ampaza ibamba*+. ו [Vau] 16  Avunaguza amenyo yanje urucekeri.Atuma nituna mu minyota+. 17  Utuma mbura amahoro. Naribagiye iciza. 18  Ni co gituma mvuga nti: «Ubwiza bwanje n’ivyo niteze kuri Yehova vyakamanganye.» ז [Zayini] 19  Niwibuke amarushwa yanje no kuba ntagira aho mba+, wibuke ko ndya ibamba n’ishano rirura+. 20  Uzokwibuka vy’ukuri, wuname unshikire+. 21  Ndavyibuka mu mutima. Ni co gituma nzoguma ndindiriye+. ח [Heti] 22  Urukundo rwa Yehova rudahera* ni rwo rwatumye tudahona+,kuko imbabazi ziwe zitigera zihera+. 23  Zama ari nshasha buri gitondo+. Ubwizigirwa bwawe ni bwinshi+. 24  Navuze nti: «Yehova ni we mugabane wanje+, ni co gituma nzoguma ndamurindiriye+ ט [Teti] 25  Yehova ni mwiza ku wumwizigira+, ku wuguma amurondera+. 26  Ni vyiza ko umuntu arindira ubukiriro bwa Yehova+ acereje*+. 27  Ni vyiza ko umuntu yikorera umutwaro* mu buto bwiwe+. י [Yodi] 28  Imana iwumuremetse, niyicare ari wenyene kandi agume acereje+. 29  Nashire umunwa mu mukungugu+. Kumbure haracariho icizigiro+. 30  Nahe itama ryiwe uwumukubita. Niyemere atukwe bikwiye. כ [Kafu] 31  Kuko Yehova atazodushibura ibihe bidahera+. 32  Naho yaduteje intuntu, azotugirira n’imbabazi kubera urukundo* rwiwe rwinshi+. 33  Kuko guteza amarushwa abana b’abantu canke kubatuntuza bitamurimwo+. ל [Lamedi] 34  Gusiribanga imbohe zose zo kw’isi+, 35  kurenganya umuntu imbere ya Musumbavyose+, 36  no kugoreka urubanza rw’umuntu,Yehova ntavyihanganira. מ [Memu] 37  Ni nde none yovuga ikintu kandi agatuma kiba, Yehova atari we abitegetse? 38  Mu kanwa ka Musumbavyosentihavamwo ibibi n’ivyiza icarimwe. 39  Kubera iki umuntu* yokwidogera ingaruka z’igicumuro ciwe+? נ [Nuni] 40  Dusuzume inzira zacu+, tuzihweze neza maze tugaruke kuri Yehova+. 41  Tuduze ibiganza vyacu n’imitima yacu ku Mana yo mw’ijuru+, tuvuge duti: 42  «Twaracumuye turagarariza+, nawe ntiwatubabarira+. ס [Sameki] 43  Kubera ishavu waratuzibiye ngo ntidushike iwawe+.Waratwirutseko, uratwica ata kagongwe+. 44  Inzira ishika iwawe wayizibije ibicu kugira ngo isengesho ryacu ntirirengane+. 45  Utugira imicafu n’umwanda mu mahanga.» פ [Pe] 46  Abansi bacu bose barasama ngo batugirire nabi+. 47  Ubwoba n’imitego vyama biduhanze+, kandi twaratikiye turasenyagurika+. 48  Amaso yanje atemba imigezi y’amazi kubera ugusenyuka kw’abantu b’iwacu*+. ע [Ayini] 49  Amaso yanje aguma arira, ntaruhuka+. 50  Azoguma arira gushika Yehova aravye hasi, akabona ibiriko biraba ari iyo mw’ijuru+. 51  Amaso yanje yanteye intuntu kubera abakobwa bose bo mu gisagara canje+. צ [Tsade] 52  Abansi banje bampize nka kurya bahiga inyoni, kandi ata gituma. 53  Banumirije ubuzima bwanje mu kinogo. Baguma bantera amabuye. 54  Amazi yararengeye umutwe wanje, mvuga nti: «Ubwanje buraheze!» ק [Kofu] 55  Ewe Yehova, nahamagaye izina ryawe ndi epfo cane mu cobo+. 56  Niwumve ijwi ryanje. Ntiwizibe ugutwi igihe ndagutabaza, igihe nsaba kuruhurirwa. 57  Umusi naguhamagara, waregereye. Wavuze uti: «Ntutinye.» ר [Reshi] 58  Ewe Yehova, waramburaniye, ucungura ubuzima bwanje+. 59  Ewe Yehova, warabonye ikibi nakorewe. Ndagusavye untunganirize+. 60  Warabonye ukwihora kwabo kwose, imigambi yabo yose yo kungirira nabi. ש [Sini] canke [Shini] 61  Ewe Yehova, warumvise agacokoro kabo, imigambi yabo yose yo kungirira nabi+. 62  Warumvise iminwa y’abandwanya n’ivyo bamvugako mu bwongoshwe bukarinda bwira. 63  Nubitegereze. Baba bicaye canke bahagaze, barancokora mu ndirimbo zabo. ת [Tau] 64  Ewe Yehova, uzobasubiriza mu nkoko ibihuye n’ivyo bakoze. 65  Uzokomantaza umutima wabo. Uwo ni wo muvumo uzobavuma. 66  Uzobakurikirana ushavuye, ubazimanganye munsi y’ijuru ryawe Yehova.

Utujambo tw'epfo

Canke «arazibira», «arugaranira hanze.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «angira nk’umurima waraye.»
Canke «yagonze umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «yahonyoye umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu (abana) b’agasaho.»
Canke «umururazi.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «yihanganye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «umuntu muzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»