Gucura intimba 4:1-22

  • Ingaruka ziteye ubwoba z’ukwugarizwa kwa Yeruzalemu

    • Ubukene bw’ibifungurwa (4, 5, 9)

    • Abagore bateka abana babo (10)

    • Yehova yasutse ishavu ryiwe (11)

א [Alefu] 4  Ewe kuntu ya nzahabu ikayangana, ya nzahabu nziza+, yafyirifyitiye! Ewe kuntu ya mabuye meranda+ yandagajwe ku masanganzira yose*+! ב [Beti]   Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni, bamwe bahora banganya agaciro* n’inzahabu ityoroye,ewe kuntu bafashwe nk’imibindiyabumbwe n’umubumvyi! ג [Gimelu]   N’imbwebwe ari imbwebwe ziraha ivyana vyazo amabere ngo vyonke,mugabo umukobwa w’abantu b’iwacu asigaye ari ruburakigongwe+ nk’ibinyoni vyitwa imbuni* vyo mu gahinga+. ד [Daleti]   Ururimi rw’uruyoya rwonka rwamase ku magage kubera inyota. Abana barasaba umukate+ mugabo ntihagire n’umwe awubaha+. ה [He]   Abahora barya uturyoshe baguye isari* mu mabarabara+. Abakuze bambara impuzu z’agahama+ barambaraye* mu birundo vy’umunyota. ו [Vau]   Igihano* c’umukobwa w’abantu b’iwacu kiruta igihano* ca Sodomu+,hamwe harandurwa mu kanya gato, hakabura uwuhatabara+. ז [Zayini]   Abanaziri+ biwe bari batyoroye kurusha shelegi*, bera kurusha amata. Bari inzobe kurusha amabuye y’agaciro yitwa korali. Bari bameze nk’amabuye ya safiro asenye. ח [Heti]   Basigaye birabura kurusha imivyiro*.Nta wukibamenya mw’ibarabara. Urukoba rwabo rwarakabiranye rwumira ku magufa+. Rusigaye rwumye nk’urukwi. ט [Teti]   Abishwe n’inkota bobo vyopfuma kurusha abishwe n’inzara+,bamwe bagenda barahera, bagasogotwa n’ukubura ivyo barya. י [Yodi] 10  Abagore b’impuhwe barafashe abana babo barabateka+. Bababereye imfungurwa z’abagandaye mu gihe c’ugusenyuka kw’abantu b’iwacu*+. כ [Kafu] 11  Yehova yerekanye uburake bwiwe.Yasutse ishavu ryiwe rirurumba+. Adomeka umuriro i Siyoni, ukayogeza imishinge yaho+. ל [Lamedi] 12  Abami bo mw’isi n’abayibako bose ntibemeyeyuko uwurwanya Yeruzalemu n’umwansi wayo bokwinjiye mu marembo yaho+. מ [Memu] 13  Vyabaye kubera ibicumuro vy’abahanuzi baho, kubera amakosa y’abaherezi baho+basheshe amaraso y’abagororotsi babayo+. נ [Nuni] 14  Bayerereye nk’impumyi+ mu mabarabara. Nta n’umwe ashobora gukora ku mpuzu zabokubera bandujwe n’amaraso+. ס [Sameki] 15  Basemerera bababwira ngo: «Nimwigireyo! Mwa bihumane mwe! Nimwigireyo! Nimwigireyo! Ntimudukoreko!» Basigaye batagira aho baba. Baguma bayerera. Mu mahanga abantu bavuze ngo: «Ntibashobora kugumana natwe ng’aha*+. פ [Pe] 16  Yehova ubwiwe* yabasanza⁠je+.Ntazosubira kubaraba ryiza. Abantu ntibazokwubaha abaherezi+. Ntibazogirira ubuntu abashingantahe+ ע [Ayini] 17  Gushika n’ubu amaso yacu aruhijwe no kuguma areretse imfashanyo itaza+. Twagumye tureretse amaso ahera mu nzira, tureretse imfashanyo yova kw’ihanga ritashobora kudukiza+. צ [Tsade] 18  Aho twaca hose baraduhiga+ ku buryo tutashobora kugendera mu bibanza rusangi vyacu. Iherezo ryacu riregereje. Imisi yacu yaheze, kuko iherezo ryacu rishitse. ק [Kofu] 19  Abadukurikirana banyaruka kurusha inkona zo mu kirere+. Batwirutseko ku misozi. Batubundiye mu bugaragwa. ר [Reshi] 20  Uwahora ari impemu zo mu mazuru yacu, uwo Yehova yarobanuje amavuta*+, yafatiwe mu cobo cabo kinini+,umwe twavuga ku bimwerekeye duti: «Tuzoba mu gitutu ciwe mu mahanga.» ש [Sini] 21  Ewe Edomu*, niwigine kandi unezerwe+ wewe uba mu gihugu ca Uzi. Ariko na wewe nyene igikombe kizogushikira+. Uzoborerwa, werekane ubwambure bwawe+. ת [Tau] 22  Ewe mukobwa wa Siyoni, igihano c’ikosa ryawe carangiye. Ntazosubira kukujana mu bunyagano+. Mugabo wewe Edomu*, ikosa ryawe azoryitaho. Azoshira ahabona ibicumuro vyawe+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Canke «uburemere.»
Mu gifaransa ni autruche.
Mu giheburayo havuga ngo «baherewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagumbira.»
Mu giheburayo havuga ngo «igicumuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikosa.»
Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «ubwirabure.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»
Canke «kuba ng’aha ari abanyamahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu maso ha Yehova.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mukobwa wa Edomu.»
Mu giheburayo havuga ngo «wewe mukobwa wa Edomu.»