Gucura intimba 5:1-22

  • Abantu basenga ngo ibintu bihinduke

    • «Ibuka ivyadushikiye» (1)

    • «Turagowe kuko twacumuye» (16)

    • «Ewe Yehova, nutugarukane» (21)

    • «Nutume ivyacu bisubira kumera nka kera» (21)

5  Ewe Yehova, ibuka ivyadushikiye. Itegereze urabe ukumaramara kwacu+.   Intoranwa yacu yahawe ab’ahandi, amazu yacu ahabwa abanyamahanga+.   Dusigaye turi impfuvyi zitagira se. Ba mama bameze nk’abapfakazi+.   Amazi yacu bwite tuyanywa ari uko dutanze amahera+, n’inkwi zacu bwite tukazironka tuziguze.   Abatwirukako baturi kw’izosi.Turarushe mugabo nta gahengwe turonka+.   Twayira amaboko Misiri+ na Ashuri+ kugira turonke ivyo kurya bikwiye.   Ba sogokuruza bacu bacumuye ntibakiriho. Ariko dutegerezwa kwikorera amakosa bakoze.   Abasuku ni bo basigaye batuganza. Nta wudukiza ngo adukure mu maboko yabo.   Duhakwa kuhasiga ubuzima kugira turonke ivyo dufungura+, kubera abantu bitwaje inkota bo mu gahinga. 10  Urukoba rwacu rusigaye ruturira nk’ifuru kubera imisonga y’inzara+. 11  Batetereje* abagore i Siyoni, batetereza abigeme b’isugi mu bisagara vy’Ubuyuda+. 12  Abatware bamanitswe ku kuboko kumwe+, abashingantahe na bo ntibubashwe+. 13  Imisore iterura urusyo*, uduhungu tukagenda turatsitara turemerewe n’inkwi. 14  Abashingantahe ntibakibarizwa kw’irembo ry’igisagara+, imisore na yo ntigicuraranga+. 15  Nta munezero tugifise mu mutima. Imvyino zacu zahindutse ikigandaro+. 16  Urugori rwahora ku mutwe wacu rwakorotse. Turagowe kuko twacumuye! 17  Kubera ivyo, umutima wacu urarwaye+.Kubera ivyo, amaso yacu asigaye abona ivyijiji+, 18  kubera ko umusozi Siyoni wacitse umusaka+. Imbwebwe ni ho zisigaye zibarizwa. 19  Ariko wewe ga Yehova, uzoguma wicaye ku ntebe y’ubwami ibihe bidahera. Intebe yawe y’ubwami izokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+. 20  Kubera iki utwibagira ibihe vyose, ukamara igihe kirekire waduhevye+? 21  Ewe Yehova, nutugarukane kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze+. Nutume ivyacu bisubira kumera nka kera+. 22  Mugabo waradutaye vy’ukuri. Uguma udushavuriye cane+.

Utujambo tw'epfo

Canke «bafashe ku nguvu.»
Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
Canke «iyaruka.»