Gucura intimba 5:1-22
5 Ewe Yehova, ibuka ivyadushikiye.
Itegereze urabe ukumaramara kwacu+.
2 Intoranwa yacu yahawe ab’ahandi, amazu yacu ahabwa abanyamahanga+.
3 Dusigaye turi impfuvyi zitagira se. Ba mama bameze nk’abapfakazi+.
4 Amazi yacu bwite tuyanywa ari uko dutanze amahera+, n’inkwi zacu bwite tukazironka tuziguze.
5 Abatwirukako baturi kw’izosi.Turarushe mugabo nta gahengwe turonka+.
6 Twayira amaboko Misiri+ na Ashuri+ kugira turonke ivyo kurya bikwiye.
7 Ba sogokuruza bacu bacumuye ntibakiriho. Ariko dutegerezwa kwikorera amakosa bakoze.
8 Abasuku ni bo basigaye batuganza. Nta wudukiza ngo adukure mu maboko yabo.
9 Duhakwa kuhasiga ubuzima kugira turonke ivyo dufungura+, kubera abantu bitwaje inkota bo mu gahinga.
10 Urukoba rwacu rusigaye ruturira nk’ifuru kubera imisonga y’inzara+.
11 Batetereje* abagore i Siyoni, batetereza abigeme b’isugi mu bisagara vy’Ubuyuda+.
12 Abatware bamanitswe ku kuboko kumwe+, abashingantahe na bo ntibubashwe+.
13 Imisore iterura urusyo*, uduhungu tukagenda turatsitara turemerewe n’inkwi.
14 Abashingantahe ntibakibarizwa kw’irembo ry’igisagara+, imisore na yo ntigicuraranga+.
15 Nta munezero tugifise mu mutima. Imvyino zacu zahindutse ikigandaro+.
16 Urugori rwahora ku mutwe wacu rwakorotse. Turagowe kuko twacumuye!
17 Kubera ivyo, umutima wacu urarwaye+.Kubera ivyo, amaso yacu asigaye abona ivyijiji+,
18 kubera ko umusozi Siyoni wacitse umusaka+. Imbwebwe ni ho zisigaye zibarizwa.
19 Ariko wewe ga Yehova, uzoguma wicaye ku ntebe y’ubwami ibihe bidahera.
Intebe yawe y’ubwami izokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.
20 Kubera iki utwibagira ibihe vyose, ukamara igihe kirekire waduhevye+?
21 Ewe Yehova, nutugarukane kuri wewe, natwe tuzogaruka n’umutima ukunze+.
Nutume ivyacu bisubira kumera nka kera+.
22 Mugabo waradutaye vy’ukuri.
Uguma udushavuriye cane+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bafashe ku nguvu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
^ Canke «iyaruka.»