Guharura 1:1-54

  • Kwandika abagabo baja mu gisoda (1-46)

  • Abalewi ntibanditswe mu baja mu gisoda (47-51)

  • Ukuntu ikambi yari itunganije (52-54)

1  Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye mu Misiri+, Yehova avugana na Musa mu bugaragwa bwa Sinayi+ ari mw’ihema ry’ibonaniro+, amubwira ati:  «Nugire rusansuma+ rw’ishengero ryose ry’Abisirayeli*, uharure umwe wese wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango* yabo hamwe n’igitigiri c’amazina y’abagabo bose.  Mwe na Aroni muzokwandika abagabo bose bafise imyaka 20 kuduga+ kandi bashobora kuja mu gisoda ca Isirayeli, mwisunze imigwi y’ingabo zabo.  Muzoba muri kumwe n’umugabo avuye mu muryango umwumwe wose. Akwiye kuba ari umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango yabo+.  Aya ni yo mazina y’abagabo bazobafasha: mu muryango wa Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.  Mu muryango wa Simeyoni ni Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi.  Mu muryango wa Yuda ni Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu.  Mu muryango wa Isakari ni Netaneli+ umuhungu wa Zuwari.  Mu muryango wa Zabuloni ni Eliyabu+ umuhungu wa Heloni. 10  Mu bahungu ba Yozefu: mu muryango wa Efurayimu+ ni Elishama umuhungu wa Amihudi, mu muryango wa Manase na ho ni Gamaliyeli umuhungu wa Pedazuri. 11  Mu muryango wa Benyamini ni Abidani+ umuhungu wa Gideyoni. 12  Mu muryango wa Dani ni Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi. 13  Mu muryango wa Asheri ni Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani. 14  Mu muryango wa Gadi ni Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli. 15  Mu muryango wa Nafutali na ho ni Ahira+ umuhungu wa Enani. 16  Abo ni bo bagabo bo mw’ishengero bahamagawe. Bari abakuru+ b’imiryango ya ba sekuru, abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli+ 17  Musa na Aroni baca batora abo bagabo bari bavuzwe amazina. 18  Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, bakoranya ishengero ryose kugira bandike umwe wese hisunzwe umuryango wiwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yabo, kuva ku myaka 20 kuduga+, 19  nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. Abandikira mu bugaragwa bwa Sinayi+. 20  Abakomoka kuri Rubeni imfura ya Isirayeli+, banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaharurwa ukwiwe. 21  Abaharuwe bose mu muryango wa Rubeni bari 46.500. 22  Abakomoka kuri Simeyoni+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaharurwa ukwiwe. 23  Abaharuwe bose mu muryango wa Simeyoni bari 59.300. 24  Abakomoka kuri Gadi+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 25  Abaharuwe bose mu muryango wa Gadi bari 45.650. 26  Abakomoka kuri Yuda+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 27  Abaharuwe bose mu muryango wa Yuda bari 74.600. 28  Abakomoka kuri Isakari+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 29  Abaharuwe bose mu muryango wa Isakari bari 54.400. 30  Abakomoka kuri Zabuloni+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 31  Abaharuwe bose mu muryango wa Zabuloni bari 57.400. 32  Abakomoka kuri Yozefu biciye kuri Efurayimu+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 33  Abaharuwe bose mu muryango wa Efurayimu bari 40.500. 34  Abakomoka kuri Manase+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 35  Abaharuwe bose mu muryango wa Manase bari 32.200. 36  Abakomoka kuri Benyamini+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 37  Abaharuwe bose mu muryango wa Benyamini bari 35.400. 38  Abakomoka kuri Dani+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 39  Abaharuwe bose mu muryango wa Dani bari 62.700. 40  Abakomoka kuri Asheri+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 41  Abaharuwe bose mu muryango wa Asheri bari 41.500. 42  Abakomoka kuri Nafutali+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 43  Abaharuwe bose mu muryango wa Nafutali bari 53.400. 44  Abo ni bo banditswe na Musa na Aroni bari kumwe n’abakuru 12 b’Abisirayeli, umwe wese aserukiye umugwi ugizwe n’imiryango yabo. 45  Abisirayeli bose bafise imyaka 20 kuduga kandi bashobora kuja mu gisoda ca Isirayeli, banditswe hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 46  Abanditswe bose hamwe bari 603.550+. 47  Ariko Abalewi+ ntibanditswe muri bo, hisunzwe imiryango ya ba sekuru babo+. 48  Maze Yehova abwira Musa ati: 49  «Umuryango wa Lewi ni wo wonyene utazokwandika. Igitigiri cabo ntuze ugishire hamwe n’ic’abandi Bisirayeli+. 50  Abalewi uze ubashinge kwitwararika ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*+, ibikoresho vy’iryo hema vyose n’ibintu vyaryo vyose+. Bazoterura iryo hema ryeranda n’ibikoresho vyaryo vyose+. Bazokorera kuri ryo+ kandi bazokambika hirya no hino yaryo+. 51  Igihe bizoba bikenewe ko ihema ryeranda ryimuka, Abalewi ni bo bazorisambura+. Kandi igihe bizoba bikenewe ko basubira kuryubaka, Abalewi ni bo bazoriteranya. Umuntu wese azoryegera atabifitiye uburenganzira* azoca yicwa+. 52  Umwisirayeli wese akwiye gushinga ihema mu kibanza yahawe, yisunze umugwi* arimwo w’imiryango itatu+. 53  Abalewi bazokambika hirya no hino y’ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*, kugira sinshavurire ishengero ry’Abisirayeli+. Abalewi ni bo bajejwe kwitwararika* ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano+ 54  Abisirayeli bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa. Babikora gutyo nyene.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «rw’abahungu bose ba Isirayeli.»
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari Umulewi.
Canke «yisunze aho akadarapo kabo gaherereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Canke «gucunga», «gukora ibikorwa.»