Guharura 2:1-34

  • Ikambi yari ipanzwe mu migwi igizwe n’imiryango itatitatu (1-34)

    • Mu buseruko hari umugwi userukiwe n’umuryango wa Yuda (3-9)

    • Mu bumanuko hari umugwi userukiwe n’umuryango wa Rubeni (10-16)

    • Hagati hari umuryango w’Abalewi (17)

    • Mu burengero hari umugwi userukiwe n’umuryango wa Efurayimu (18-24)

    • Mu buraruko hari umugwi userukiwe n’umuryango wa Dani (25-31)

    • Igitigiri c’abagabo bose banditswe (32-34)

2  Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati:  «Abisirayeli bakwiye gukambika mu kibanza umugwi wabo ugizwe n’imiryango itatitatu+ wahawe, umwe wese iruhande y’ikimenyetso* c’umugwi ugizwe n’imiryango yabo. Bakwiye gukambika baraba ihema ry’ibonaniro, hirya no hino yaryo.  Abazokambika mu buseruko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Yuda, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Yuda ni Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu.  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 74.600+.  Iruhande yiwe hazokambika umuryango wa Isakari. Umukuru w’abakomoka kuri Isakari ni Netaneli+ umuhungu wa Zuwari.  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 54.400+.  Hazoca hakurikira umuryango wa Zabuloni. Umukuru w’abakomoka kuri Zabuloni ni Eliyabu+ umuhungu wa Heloni.  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 57.400+.  Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Yuda bari 186.400. Ni bo bazohaguruka ubwa mbere+. 10  Abazokambika mu bumanuko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Rubeni+, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri. 11  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 46.500+. 12  Iruhande yiwe hazoca hakambika umuryango wa Simeyoni. Umukuru w’abakomoka kuri Simeyoni ni Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi. 13  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 59.300+. 14  Hazoca hakurikira umuryango wa Gadi. Umukuru w’abakomoka kuri Gadi ni Eliyasafu+ umuhungu wa Ruweli*. 15  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 45.650+. 16  Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Rubeni bari 151.450. Ni bo bazohaguruka ubwa kabiri+. 17  Hageze ko ihema ry’ibonaniro ryimuka+, ikambi y’Abalewi ikwiye kugendera hagati y’ayandi makambi. Uko bakurikirana mu gukambika ni ko bazokurikirana mu kugenda+, umwe wese mu kibanza ciwe, hisunzwe umugwi w’imiryango itatu arimwo. 18  Abazokambika mu burengero, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Efurayimu, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Efurayimu ni Elishama+ umuhungu wa Amihudi. 19  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 40.500+. 20  Hazoca hakurikira umuryango wa Manase+. Umukuru w’abakomoka kuri Manase ni Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri. 21  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 32.200+. 22  Hazoca hakurikira umuryango wa Benyamini. Umukuru w’abakomoka kuri Benyamini ni Abidani+ umuhungu wa Gideyoni. 23  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 35.400+. 24  Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Efurayimu bari 108.100. Ni bo bazohaguruka ubwa gatatu+. 25  Abazokambika mu buraruko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Dani, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Dani ni Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi. 26  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 62.700+. 27  Hazoca hakurikira umuryango wa Asheri. Umukuru w’abakomoka kuri Asheri ni Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani. 28  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 41.500+. 29  Hazoca hakurikira umuryango wa Nafutali. Umukuru w’abakomoka kuri Nafutali ni Ahira+ umuhungu wa Enani. 30  Abanditswe mu ngabo ziwe bari 53.400+. 31  Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Dani bari 157.600. Ni bo bazohaguruka ubwa nyuma+, hisunzwe umugwi w’imiryango itatu barimwo.» 32  Abo ni bo Bisirayeli banditswe hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Abo mw’ikambi banditswe kugira baje mu gisoda bose hamwe bari 603.550+. 33  Ariko nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa, Abalewi ntibanditswe+ hamwe n’abandi Bisirayeli+. 34  Abisirayeli bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa. Ukwo ni ko bashinga ikambi bisunze umugwi w’imiryango itatu barimwo+, kandi ni ko basambura ikambi+, umwe wese yisunze umuryango wiwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yabo.

Utujambo tw'epfo

Canke «akadarapo.»
Yitwa kandi Duweli.