Guharura 31:1-54
31 Maze Yehova abwira Musa ati:
2 «Nimwihore+ Abamidiyani kubera ivyo bakoreye Abisirayeli+. Uzoheza upfe uhamvye ab’iwanyu*+.»
3 Musa aca abwira abantu ati: «Nimuhe ibirwanisho abagabo bo muri mwebwe baje kurwanya* Abamidiyani, kugira babihore nk’uko Yehova yabivuze.
4 Muzorungika mu gisoda abagabo 1.000 bavuye ku muryango umwumwe wose w’Abisirayeli.»
5 Baca batora abagabo 1.000 ku muryango umwumwe mu Bisirayeli ibihumbi+, bose baba abagabo 12.000 biteguriye kuja ku rugamba*.
6 Musa aca arungika ku rugamba abo bagabo 1.000 bavuye mu muryango umwumwe wose, bagenda bajanye na Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari umuherezi. Yari afise mu minwe vya bikoresho vyeranda n’inzumbete zo kuvuza ku rugamba+.
7 Baraheza barwana n’Abamidiyani nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa, bica abagabo bose.
8 Bica kandi abami batanu ba Midiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba. Balamu+ umuhungu wa Beyori na we nyene bamwicisha inkota.
9 Ariko bagira imbohe abagore n’abana b’i Midiyani. Bagenda batwaye ibitungwa vyabo vyose n’ibintu vyabo vyose.
10 Baraheza baturira ibisagara vyose babamwo n’amahema* yabo yose.
11 Batwara ibintu vyose bari banyaze, ushizemwo abantu n’ibitungwa.
12 Izo mbohe n’ivyo bintu banyaze baca babizanira Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’ishengero ryose ry’Abisirayeli. Babizana mw’ikambi mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+, ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko.
13 Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru bose b’ishengero baca baja kubasanganira inyuma y’ikambi.
14 Ariko Musa ashavurira abakuru b’izo ngabo, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana bari bavuye ku rugamba.
15 Ababwira ati: «Kubera iki n’abagore mutabishe?
16 Murazi neza ko ari bo batumye Abisirayeli bahemukira+ Yehova ku vyabaye i Peyori+ biciye kuri Balamu, ku buryo ikiza gitera ishengero rya Yehova+.
17 Ubu rero nimwice abana bose b’abahungu n’abagore bose bamaze kuryamana n’abagabo.
18 Ariko abakobwa bose batararyamana n’abagabo, ntimubice+.
19 Muzomara imisi indwi muba hanze y’ikambi. Umuntu wese muri mwebwe no mu bo mwagize imbohe yishe umuntu canke agakora ku muvyimba+, ategerezwa kwihumanura+ ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi.
20 Mutegerezwa kandi gutyorora impuzu zose, ikintu cose gikozwe mu rushato, ikintu cose gikozwe mu bwoya bw’impene n’ikintu cose gikozwe mu giti.»
21 Eleyazari umuherezi aca abwira abagabo bari bagiye ku rugamba ati: «Ibi ni vyo Yehova yategetse Musa:
22 “Inzahabu, ifeza, umujumpu, icuma, ubutare bw’ibati n’ubw’isasu,
23 ikintu cose kirinda umuriro, muzogicisha mu muriro kugira kibe ikidahumanye. Mutegerezwa kandi kugicisha mu mazi bakoresha mu guhumanura+. Ikintu cose kitarinda umuriro mutegerezwa kugicisha mu mazi.
24 Mutegerezwa kumesa impuzu zanyu ku musi ugira indwi kugira mube abadahumanye, muheze mwinjire mw’ikambi+.”»
25 Yehova aca abwira Musa ati:
26 «Harura ibitungwa vyose mwasahuye n’abantu bose mwagize imbohe. Uzobiharura uri kumwe na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru y’imiryango igize ishengero.
27 Uzoca ugaburamwo kubiri ivyo mwasahuye, igice kimwe ugihe abagiye ku rugamba, ikindi ugihe abasigaye bose mw’ishengero+.
28 Mu vyegukira abasoda bagiye ku rugamba, muzotora kimwekimwe ku 500, haba mu bantu, mu nka, mu ndogobwa, mu ntama no mu mpene, kugira bibe ikori rya Yehova.
29 Iryo kori uzorikura ku mugabane wabo, uheze urihe Eleyazari umuherezi kugira ribe intererano ya Yehova+.
30 Mu vyegukira Abisirayeli na ho, uzotora kimwekimwe kuri 50, haba mu bantu, mu nka, mu ndogobwa, mu ntama, mu mpene no mu bikoko vyose vy’ibitungano, uheze ubihe Abalewi+ bajejwe ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova+.»
31 Musa na Eleyazari umuherezi baca bakora nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
32 Ivyari bisigaye ku vyo abagiye ku rugamba bari banyaze vyari intama n’impene 675.000,
33 inka 72.000
34 hamwe n’indogobwa 61.000.
35 Abakobwa batari bwaryamane n’abagabo+ bari 32.000.
36 Intama n’impene abagiye ku rugamba baronse zari 337.500,
37 baca baha Yehova ikori ry’intama n’impene 675.
38 Inka baronse zari 36.000, baca baha Yehova ikori ry’inka 72.
39 Indogobwa baronse zari 30.500, baca baha Yehova ikori ry’indogobwa 61.
40 Abantu baronse bari 16.000, baca baha Yehova ikori ry’abantu 32.
41 Musa aca aha Eleyazari umuherezi iryo kori ry’intererano ya Yehova+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
42 Umugabane w’Abisirayeli, uwo Musa yari yatandukanije n’ivyegukira abagiye ku rugamba,
43 wangana n’impene n’intama 337.500,
44 inka 36.000,
45 indogobwa 30.500
46 hamwe n’abantu 16.000.
47 Mu vyegukira Abisirayeli, Musa aca atora kimwekimwe ku 50, haba mu bantu no ku bitungwa, araheza abiha Abalewi+ bajejwe ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
48 Abakuru mu gisirikare, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana, baca begera Musa
49 bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe twaharuye abasirikare bose tujejwe dusanga nta n’umwe abuze+.
50 Twagira rero dushikanire Yehova ico umwumwe yaronse: ibintu vy’inzahabu, imigufu yo ku maguru, ibikomo, impeta z’ikidodo, amahereni n’utundi dusharizo, kugira dutangirwe impongano imbere ya Yehova.»
51 Musa na Eleyazari umuherezi baca bakira inzahabu babahaye, ni ukuvuga udusharizo twose.
52 Inzahabu zose abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana bahaye Yehova zangana na shekeli* 16.750.
53 Umusoda wese yari yaronse umugabane wiwe ku vyo bari basahuye.
54 Nuko Musa na Eleyazari umuherezi bakira inzahabu zitanzwe n’abo bakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana. Baca bazishira mw’ihema ry’ibonaniro kugira Abisirayeli baze baribuka* ingene Yehova yabafashije.
Utujambo tw'epfo
^ Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
^ Canke «mu gisoda co kurwanya.»
^ Canke «mu gisoda.»
^ Canke «amakambi azitijwe impome.»
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira ngo Yehova azoze aribuka Abisirayeli.» Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»