Guharura 5:1-31

  • Gushira umuntu ahumanye ukwa wenyene (1-4)

  • Kwatura ibicumuro hamwe no gutanga inshumbusho (5-10)

  • Amazi yo gusuzuma uwo biketse ko yarenze ibigo (11-31)

5  Yehova yongera kubwira Musa ati:  «Tegeka Abisirayeli basohore hanze y’ikambi umuntu wese arwaye imibembe+, uwurwaye ibintu biva mu gihimba c’irondoka+ n’uwahumanijwe n’ikiziga+.  Yaba ari umugabo canke umugore, mutegerezwa kumusohora. Mutegerezwa kumusohora kugira ntiyanduze+ ikambi y’abantu banje, kuko mba hagati muri bo+  Abisirayeli baca babigenza gutyo nyene, babasohora hanze y’ikambi. Bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa.  Yehova abandanya kubwira Musa ati:  «Nubwire Abisirayeli uti: “Umugabo canke umugore niyahemukira Yehova mu gucumura kuri mugenziwe, azoba yagiriwe n’icaha+.  Abwirizwa* kwatura+ igicumuro yakoze, hanyuma arihe amahera y’inshumbusho akwiranye n’igicumuro yakoze, yongereko ica gatanu cayo+. Azoyaha uwo muntu yacumuyeko.  Ariko nimba uwo muntu yacumuyeko atakiriho kandi akaba ata ncuti ya hafi afise yokwakira iyo nshumbusho, izoca ihabwa Yehova maze yegukire umuherezi. Mugabo impfizi y’intama izokoreshwa mu kumutangira impongano+ ntizokwegukira umuherezi.  Intererano nyeranda zose+ Abisirayeli bazoha umuherezi zikwiye kuba rwiwe+. 10  Ibintu vyeranda umuntu wese ahaye umuherezi bizoca vyegukira umuherezi.”» 11  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 12  «Bwira Abisirayeli uti: “Umugore niyacumura* agahemukira umugabo wiwe, 13  akaryamana n’uwundi mugabo+ ariko umugabo wiwe ntabimenye bikaguma ari ibanga, akihumanya ariko ntihagire uwumwagiriza kandi akaba ata wamufashe, uku ni ko bizogenda: 14  Umugabo wiwe niyagira ishari agatangura kumwikeka, yaba yarihumanije canke atihumanije, 15  azoca azana umugore wiwe ku muherezi yitwaje ishikanwa amutangira ringana n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu ya sayiri. Ntaze arisukeko amavuta canke ngo arishireko imibavu*, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha. 16  Umuherezi azomuzana, amuhagarike imbere ya Yehova+. 17  Azoshira amazi meranda mu gikoresho c’ibumba, hanyuma ayashiremwo ivu rikeyi ayoye hasi mw’ihema ryeranda. 18  Azoca ahagarika uwo mugore imbere ya Yehova, asambure imishatsi yiwe hanyuma amushire mu ntoke ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha, ari ryo shikanwa ry’intete ry’ishari+. Uwo muherezi azoba afise mu minwe amazi arura atera umuvumo+. 19  Umuherezi azoca amurahiza, amubwire ati: ‘Nimba ata wundi mugabo mwaryamanye ukiganzwa n’umugabo wawe+, kandi ukaba utacumuye ngo wihumanye, ingaruka z’aya mazi arura atera umuvumo ntizigufate. 20  Ariko nimba waracumuye ukihumanya kandi ukiganzwa n’umugabo wawe, ukaryamana n’uwundi mugabo+ . . .’ 21  Umuherezi azoca amurahiza indahiro irimwo umuvumo, amubwire ati: ‘Yehova natume itako* ryawe rinyunyuka* yongere atume inda yawe ivyimba. Yehova kandi natume abantu bakoresha izina ryawe mu mivumo no mu ndahiro. 22  Aya mazi atera umuvumo azokwinjira mu mara yawe kugira atume inda yawe ivyimba n’itako ryawe rinyunyuka.’ Uwo mugore azoce yishura ati: ‘Amen! Amen*!’ 23  Umuherezi azoca yandika iyo mivumo mu gitabu, hanyuma ayihanagurire muri ya mazi arura. 24  Azoca anywesha uwo mugore ayo mazi arura atera umuvumo, hanyuma amwinjiremwo amutere ububabare. 25  Azoca akura mu minwe y’uwo mugore rya shikanwa ry’intete ry’ishari+, arizungagize* imbere ya Yehova, aheze arizane hafi y’igicaniro. 26  Uwo muherezi azoheza ayore urushi kuri iryo shikanwa ry’intete, ariturire rifumbe umwotsi ku gicaniro+, bibe ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose. Azoca anywesha ayo mazi uwo mugore. 27  Nimba yarihumanije agahemukira umugabo wiwe, ayo mazi atera umuvumo azoca amwinjiramwo amutere ububabare. Inda yiwe izoca ivyimba, itako ryiwe na ryo rinyunyuke. Abantu bazoca batangura gukoresha izina ryiwe mu mivumo. 28  Ariko nimba atihumanije akaba atanduye, nta gihano azohabwa. Azoshobora gusama inda, yibaruke ibibondo. 29  Iryo ni ryo tegeko ku bijanye n’ishari+, igihe umugore acumuye akihumanya kandi akiganzwa n’umugabo wiwe, 30  canke igihe umugabo yagize ishari, akikeka ko umugore wiwe yamuhemukiye. Akwiye kuzana umugore wiwe imbere ya Yehova, hanyuma umuherezi amugirire ibintu vyose biri muri iri tegeko. 31  Umugabo ntazokwagirwa n’icaha, ariko umugore wiwe azohanirwa ikosa ryiwe.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «babwirizwa.»
Canke «niyata umurongo.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Iryo tako biboneka ko ryerekeza ku bihimba vy’irondoka.
Canke «ryonda.» Gushobora kuba ari ugutakaza ubushobozi bwo kwibaruka.
Canke «nibibe gutyo nyene. Nibibe gutyo nyene.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.