Gusubira mu vyagezwe 11:1-32

  • Mwariboneye ukuntu Yehova ahambaye (1-7)

  • Igihugu c’isezerano (8-12)

  • Imihezagiro iva ku kugamburuka (13-17)

  • Muze mushire ku mutima amajambo y’Imana (18-25)

  • «Umuhezagiro n’umuvumo» (26-32)

11  Mubwirizwa gukunda Yehova Imana yanyu+ kandi mukama mwubahiriza ivyo abasaba, ivyagezwe vyiwe, ingingo yashinze n’amabwirizwa yiwe.  Murazi neza ko ndiko mbwira mwebwe uyu musi, sindiko mbwira abana banyu batigeze bamenya canke babona ukuntu Yehova Imana yanyu atoza indero+, ukuntu ahambaye+ be n’ukuboko kwiwe gukomeye+ kandi kw’ububasha.  Ntibigeze babona ibimenyetso n’ibikorwa yakoreye mu Misiri, akabikorera umwami Farawo n’igihugu ciwe cose+.  Ntibabonye kandi ivyo yakoreye abasoda bo mu Misiri, amafarasi ya Farawo n’imikogote yiwe y’intambara, ingene vyarengewe n’amazi y’ikiyaga Gitukura igihe bariko baboma inyuma, Yehova agaca abahonereza rimwe bose+.  Ntibigeze babona n’ivyo yabakoreye mwebwe kuva mu bugaragwa gushika mushitse ng’aha,  canke ivyo yakoreye Datani na Abiramu abahungu ba Eliyabu mwene Rubeni, igihe isi yasama ikabamirana n’imiryango yabo, amahema yabo, ibitungwa vyose n’abantu bose bari kumwe na bo, kandi ivyo bikaba Abisirayeli bose babona+.  Mwariboneye n’amaso yanyu ibikorwa bihambaye vyose Yehova yakoze.  Mutegerezwa kwubahiriza amabwirizwa yose ndabahaye uno musi, kugira mube ihanga rikomeye maze mwigarurire ico gihugu kiri hakurya ya Yorodani  no kugira murambire+ mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu n’uruvyaro* rwabo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 10  Igihugu mugiye kwigarurira ntikimeze nk’igihugu ca Misiri mwavuyemwo, aho mwatera imbuto mukazivomera mukoresheje ibirenge* nka kurya kw’umurima w’imboga. 11  Igihugu mugira mwigarurire ni igihugu cuzuyemwo imisozi n’ibiyaya+. Kivomerwa n’amazi y’imvura ivuye mw’ijuru+. 12  Ni igihugu Yehova Imana yanyu yitwararika. Yehova Imana yanyu acamizako ijisho, kuva umwaka utanguye gushika urangiye. 13  Nimwubahiriza mudaca ku ruhande amabwirizwa ndabahaye uyu musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukamukorera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, 14  na we azoha* igihugu canyu imvura ku gihe kibereye, imvura y’agatasi n’iy’impeshi, kandi muzokwimbura intete, umuvinyu mushasha n’amavuta+. 15  Azotuma imirima yanyu imera ubwatsi bw’ibitungwa vyanyu kandi muzorya muhage+. 16  Murabe maso ntimureke imitima yanyu ngo ite umurongo, maze musenge izindi mana mwongere muzunamire+. 17  Ahandiho Yehova azobashavurira cane maze yugare ijuru kugira imvura ntisubire kugwa+. Isi izoca ireka kwimbuka kandi ntimuzoteba guhona mu gihugu ciza Yehova agira abahe+. 18  Aya majambo yanje muze muyashire ku mitima yanyu. Muze muyabohere ku maboko yanyu kugira muze murayibuka, kandi akwiye kuba nk’ikimenyetso* mu ruhanga* rwanyu+. 19  Muze muyigishe abana banyu, muyababwire igihe mwicaye mu mazu, igihe muriko muragenda ku nzira, igihe muryamye n’igihe muvyutse+. 20  Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku marembo yanyu, 21  kugira mwe n’abana banyu murambire+ mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu+, igihe cose ijuru rizoba riri hejuru y’isi. 22  Nimwubahiriza neza aya mabwirizwa ndabahaye, mukayashira mu ngiro, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe zose kandi mukamwumirako+, 23  Yehova azokwirukana ayo mahanga yose ababise+, kandi muzokwomora amahanga akomeye kandi arimwo abantu benshi kubarusha+. 24  Ahantu hose muzohonyoza ikirenge hazoba rwanyu+. Urubibe rwanyu ruzova mu bugaragwa gushika i Libani, ruve kuri rwa ruzi ari rwo Efurate, rushike kuri ca kiyaga* co mu burengero+. 25  Nta muntu n’umwe azoshobora kubihanga+. Yehova Imana yanyu azotuma abantu bo mu gihugu cose mugiyemwo batekerwa n’ubwoba babatinye+, nk’uko yabibasezeraniye. 26  Raba uyu musi nshize imbere yanyu umuhezagiro n’umuvumo+: 27  nimwagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse uno musi, muzoronka umuhezagiro+, 28  ariko nimutagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+, mugata inzira ndabategetse kugenderamwo uno musi maze mugakurikira imana mutigeze mumenya, muzoca muronka umuvumo. 29  Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu mugira mwigarurire, muzotangaza umuhezagiro muri ku musozi Gerizimu, umuvumo na wo muri ku musozi Ebali+. 30  None iyo misozi ntiri hakurya ya Yorodani amaja mu burengero, mu gihugu c’Abanyakanani baba muri Araba, aharabana n’i Gilugali, iruhande y’ibiti binini vya More+? 31  Mugira mujabuke uruzi Yorodani kugira mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+. Nimwamara kucigarurira mukakibamwo, 32  muze mwitwararike gushitsa amategeko yose n’ingingo zose ndabahaye uyu musi+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Kwari ugukoresha amaguru mu gukanyaga ikintu kiduza amazi canke mu kwimba imifurege y’amazi no mu kuyugurura.
Mu giheburayo havuga ngo «nzoha.» Herekeza ku Mana.
Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaso yanyu.»
Canke «agatambara batubika.»
Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.