Gusubira mu vyagezwe 12:1-32

  • Muze musengere ahantu Imana izoba yaratoye (1-14)

  • Muze murye inyama ariko ntimuze murye amaraso (15-28)

  • Ntimuzogwe mu mutego wo gusenga izindi mana (29-32)

12  Ng’aya amategeko n’ingingo muzokwitwararika gukurikiza imisi yose muzoba muri mu gihugu Yehova Imana ya ba sokuruza banyu azobaha ngo mucigarurire.  Mukwiye gukuraho burundu ibibanza vyose amahanga mugira mwirukane yahora asengeramwo imana zayo+, haba ku misozi miremire, ku mitumba canke munsi y’ibiti bitotahaye.  Muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye+, muturire ibikingi vyabo vyeranda vy’ibiti* mwongere mwicire ibishusho bibajwe vy’imana zabo+. Muze mufute amazina yazo muri ico kibanza+.  Ntimuze musenge Yehova Imana yanyu nk’uko ayo mahanga asenga imana zayo+.  Ahubwo muzoja gusengera Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye mu miryango yanyu yose ngo hitirirwe* izina ryiwe yongere ahabe+.  Aho ni ho muzozana amashikanwa yanyu aturirwa+, ibimazi, ivy’icumi+, intererano+, amashikanwa yo gushitsa indagano, amashikanwa mutanga muvyishakiye+ hamwe n’ibitungwa bivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu+.  Aho ni ho mwe n’imiryango yanyu muzobirira imbere ya Yehova+, muhimbarirwe ivyo mwakoze vyose+ kuko Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye.  Ntimuze mwigire nk’ibi turiko turigira ng’aha uno musi, aho umwe wese akora ivyo yishakiye*,  kuko mutarinjira ahantu muzoruhukira+, ahantu h’intoranwa Yehova Imana yanyu agira abahe. 10  Nimwajabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, azobakingira abansi bose babakikuje, muheze mwibere mu mutekano+. 11  Muzozana ibintu vyose ndababwiye ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe+, ni ukuvuga amashikanwa aturirwa, ibimazi, ivy’icumi+, intererano n’amashikanwa yose yo gushitsa ivyo mwasezeraniye Yehova. 12  Muzonezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+ mwe n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi baba mu bisagara* vyanyu, kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe+. 13  Muze mwiyubare ntimutangire amashikanwa yanyu aturirwa ahantu aho ari ho hose mubonye+. 14  Mutegerezwa kuyatangira gusa ahantu Yehova azoba yahisemwo mu karere k’umwe mu miryango yanyu. Aho ni ho muzokorera ibintu vyose ndabategetse+. 15  Ariko igihe cose muvyipfuje, murashobora kubaga igitungwa mukarya akanyama+ mu bisagara vyanyu vyose, bivanye n’ingene Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye. Uwuhumanye n’uwudahumanye bose barashobora kuzirya nka kurya barya ingeregere canke impongo. 16  Ariko ntimuze murye amaraso+. Mukwiye kuyasesa hasi nk’amazi+. 17  Ntimuzokwemererwa kurira mu bisagara vyanyu ic’icumi c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta, igitungwa kivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu+, amashikanwa yo gushitsa indagano, amashikanwa mutanga muvyishakiye canke intererano mutanga. 18  Muzobirira imbere ya Yehova Imana yanyu, ahantu Yehova Imana yanyu azoba yahisemwo+. Muzobisangira n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu. Muzohimbarirwa ivyo mwakoze vyose imbere ya Yehova Imana yanyu. 19  Muraba maso ntimuze mwirengagize Abalewi+ igihe cose muzoba muba mu gihugu canyu. 20  Yehova Imana yanyu niyamara kwagura akarere kanyu+ nk’uko yabibasezeraniye+, hanyuma mukavuga muti: “Dushaka kurya akanyama”, kubera mwumva mugakumbuye, muzokarya igihe cose muzoba mushatse+. 21  Ahantu Yehova Imana yanyu azoba yahisemwo gushira izina ryiwe+ nihababera kure, muzoshobora kubaga bimwe mu bitungwa vyanyu Yehova yabahaye nk’uko nabibategetse, muheze mubirire mu bisagara vyanyu igihe cose mushatse. 22  Muzobirya nka kurya murya ingeregere n’impongo+. Uwuhumanye n’uwudahumanye bose barashobora kubiryako. 23  Ariko muze mwiyubare ntimurye amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+. Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso*. 24  Ntimuze murye amaraso. Mukwiye kuyasesa hasi nka kurya kw’amazi+. 25  Ntimuze muyarye kugira bibagendere neza mwe n’abana banyu, kuko muzoba mukoze ibintu vyiza mu maso ya Yehova. 26  Nimwaja ahantu Yehova azoba yatoye, muzotwara gusa ibintu vyanyu vyeranda n’amashikanwa yanyu yo gushitsa indagano. 27  Amashikanwa yanyu aturirwa, ni ukuvuga inyama n’amaraso+, muzobitangira ng’aho ku gicaniro ca Yehova Imana yanyu. Amaraso y’ibimazi vyanyu muzoyasuka iruhande y’igicaniro+ ca Yehova Imana yanyu, ariko inyama murashobora kuzirya. 28  Muze mwitwararike kugamburuka aya majambo yose ndabategetse kugira bizokwame bibagendera neza mwe n’uruvyaro rwanyu, kuko muzoba mukoze ibintu vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yanyu. 29  Yehova Imana yanyu niyatikiza amahanga mugira mwomore+, hanyuma mukaba mu gihugu cabo, 30  muze mwiyubare ntimugwe mu mutego bamaze guhona bakava imbere yanyu. Ntimuze mubariritse ibijanye n’imana zabo ngo: “Aya mahanga yasenga imana zayo gute? Natwe tuzobigenza gutyo nyene+.” 31  Ntimuze musenge Yehova Imana yanyu muri ubwo buryo, kuko bahora bakorera imana zayo ibintu vyose bishisha kandi Yehova yanka, mbere bakanaturira abahungu babo n’abakobwa babo babahereza imana zabo+. 32  Muze mwitwararike gukurikiza amajambo yose ndabategetse+. Ntihaze hagire ico mwongerako, kandi ntihaze hagire ico mukurako+.

Utujambo tw'epfo

Canke «habe.»
Canke «ivyo yiyumvira ko bibereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ubuzima.»