Gusubira mu vyagezwe 13:1-18

  • Ingene bakwiye gufata abosha abandi gukurikira izindi mana (1-18)

13  Muri mwebwe nihaduka umuhanuzi canke umuntu avuga ibizoba afatiye ku ndoto, akababwira ikimenyetso canke ikintu gitangaje kizoba,  hanyuma ico kimenyetso canke ico kintu gitangaje yavuze kikaba, maze akababwira ati: “Ingo dukurikire izindi mana twongere tuzikorere”, kandi ari imana mutigeze mumenya,  ntimuze mwumvirize amajambo y’uwo muhanuzi canke uwo murosi+, kuko Yehova Imana yanyu azoba ariko arabageza+ kugira arabe ko mukunda Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+.  Mukwiye gukurikira Yehova Imana yanyu, mukamutinya. Mutegerezwa kugamburuka amabwirizwa yiwe kandi mukumviriza ijwi ryiwe. Ni we mukwiye gukorera kandi ni we mukwiye kwumirako+.  Uwo muhanuzi canke uwo murosi ategerezwa gupfa+, kuko yabasavye kugarariza Yehova Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Misiri, akabarokora mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*. Uwo muntu azoba yashatse kubakura mu nzira Yehova Imana yanyu yabategetse kugenderamwo. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe+.  Mwenewanyu mwonse rimwe canke umuhungu wawe, umukobwa wawe, umugore wawe wikundira canke umugenzi wawe pfampfe, niyagerageza kukwosha mu mpisho akakubwira ngo: “Ingo tugende gusenga izindi mana+”, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya,  imana z’amahanga abakikuje, yaba ayari hafi yanyu canke kure yanyu, kuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi,  ntuze wemere ivyo akubwiye canke ngo umwumvirize+. Ntuze umwumvire ikigongwe canke impuhwe kandi ntuze umukingire.  Ahubwo utegerezwa kumwica ata kabuza+. Hageze kumwica, ni wewe uzoba uwa mbere hanyuma abandi bakurikire+. 10  Mutegerezwa kumwicisha amabuye+, kuko azoba yashatse kubakura kuri Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba. 11  Abisirayeli bose bazovyumva bagire ubwoba, kandi nta wuzosubira gukora ikibi nk’ico muri mwebwe+. 12  Nimwumva inkuru muri kimwe mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe, mukumva bavuga ngo: 13  “Hari abagabo b’imburakimazi bariko bahenda abantu bo mu gisagara cabo bababwira bati: ‘Ingo tuje gusenga izindi mana’, imana mutigeze mumenya”, 14  muze musuzume ico kibazo, mugire amatohoza mwitonze kandi mubaririkirize neza+. Nimwasanga ico kintu gishisha carabaye koko muri mwebwe, 15  muzoce mwicisha inkota ababa muri ico gisagara+. Muze mutikize ico gisagara mukoresheje inkota, mutikize+ ibintu vyose biri muri co, harimwo n’ibitungwa. 16  Muze mwegeranirize mu kibanza rusangi* ivyo mwasahuye vyose, hanyuma muturire ico gisagara. Bizoba ishikanwa rya Yehova Imana yanyu riturirwa ryose*. Ico gisagara kizogume ari ikirundo c’ibihomvagurike. Ntihaze hagire uwusubira kucubaka. 17  Ntimuze mutore ku bintu vyagenewe gutikizwa+, kugira ngo ishavu rya Yehova rihere maze abagirire impuhwe n’ikigongwe, yongere abagwize nk’uko yarahiye ba sokuruza banyu+. 18  Mutegerezwa kugamburukira* Yehova Imana yanyu mu gukurikiza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi. Aho muzoba mukoze ibigororotse mu maso ya Yehova Imana yanyu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu nzu y’ubushumba.»
Canke «ritangwa ryose.»
Canke «kwumviriza ijwi.»