Habakuki 1:1-17
1 Ubutumwa buhambaye umuhanuzi Habakuki* yeretswe:
2 Ewe Yehova, nzogeza ryari kugutabaza ntiwumve+?
Nzogeza ryari kugutakambira ngo udukize abantu b’inkazi, nawe ntuhaseruke*+?
3 Kubera iki unyereka amabi?
Kubera iki wirengagiza agacinyizo?
Kubera iki mbona agatikizo n’ubukozi bw’ikibi?
Kubera iki gushwana be n’amatati vyiraye?
4 Ni co gituma itegeko ritagikora,ubutungane na bwo ntibwigere bwubahirizwa.
Umubisha abuza umugororotsi isaganirizo,ni co gituma hacibwa imanza za ngondagonde+.
5 «Nimurabe mu mahanga, mwitegereze.
Nimutangare mwumirwe.Kuko mu misi yanyu hagiye kuba ikintu mutokwemeranaho hogira uwukibiganira+.
6 Ngira mpagurutse Abakaludaya+,ihanga rikaze kandi rikora nk’iryariye amavubi.
Bakwira isi yosekugira bigarurire ahantu atari ahabo+.
7 Bateye ubwoba. Bararandura umutima.
Ni bo bishingira amategeko, bakiha n’ububasha*+.
8 Amafarasi yabo anyaruka kurusha ingwe,akaze kurusha amabingira mw’ijoro+.
Amafarasi yabo y’intambara aza yiruka cane.Amafarasi yabo ava kure.
Agenda nk’inkona imanuka buravyo gucakira ico irya+.
9 Bose baza bazanywe no kurwana+.
Iyo bagiye hamwe, igitero cabo kimeze nk’umuyaga wo mu buseruko*+.Bayora imbohe nk’umusenyi.
10 Bashinyagurira abami,bagatwenga abategetsi bakurubakuru+.
Batwenga ikibanza cose gikingijwe ibihome+,kuko baharunda ibivu buririrako, bakahafata.
11 Barahaca, bagatera baja imbere nk’umuyaga.Mugabo bazoharurwako icaha+kubera ko ububasha bwabo babwitirira imana yabo*+.»
12 Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera na rindi+?
Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa*+.
Ewe Yehova, wabashinze igikorwa co gushitsa urubanza.Gitandara+ canje, wabagenye kugira batange igihano*+.
13 Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utokwitegereza ikibi,kandi ntushobora kwirengagiza ububisha+.
Kubera iki none wirengagiza ibihemu+,ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi+?
14 Kubera iki umuntu umugira nk’amafi yo mu kiyaga,ukamugira nk’ibiremwa vyo mu mazi* bitagira uwubiganza?
15 Bose umwansi* abarobesha igera.
Abafatisha urusenga rwiwe rw’umukwabu,akabegeraniriza mu rusenga arobesha.
Ni co gituma anezerwa agahimbarwa+.
16 Ni co gituma ashikanira ibimazi urusenga rwiwe rw’umukwabu,agaha ibimazi* urusenga arobesha.Kuko izo nsenga ari zo zamutungishije*,zigatuma arya ibifungurwa vyizavyiza.
17 Yoba none azokwama yuzuza yongera acuranura urusenga rwiwe*,
agume ahonya amahanga ata kagongwe+?
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «kugumbira n’igishika cinshi.»
^ Canke «ntudukize.»
^ Canke «icubahiro.»
^ Ni umuyaga wo mu bugaragwa ukaze kandi ushushe.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ububasha bwabo babwita imana yabo.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntituzopfa.»
^ Canke «igikangiro.»
^ Canke «ivyikwega hasi.»
^ Ni Abakaludaya.
^ Canke «umwotsi w’ibimazi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «zatumye aronka ibirimwo amavuta akwiye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokwama asokora inkota.»