Hagayi 1:1-15

  • Yehova akarira Abisirayeli kubera batasubiye kwubaka urusengero (1-11)

    • «Mbega iki ni igihe c’uko mwibera mu mazu mezameza?» (4)

    • «Zirikana ingene mumerewe» (5)

    • Mubiba vyinshi ariko mukimbura bike (6)

  • Abantu baragamburuka ivyo Yehova avuze (12-15)

1  Mu mwaka ugira kabiri Dariyo abaye umwami, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatandatu, Yehova abicishije ku muhanuzi Hagayi*+ yabwiye buramatari w’Ubuyuda, ari we Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli n’umuherezi mukuru Yosuwa mwene Yehozadaki ati:  «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Aba bantu bavuga ngo: ‘Igihe co gusubira kwubaka inzu* ya Yehova ntikiragera+.’”»  Yehova yongera kuvuga biciye ku muhanuzi Hagayi+ ati:  «Mbega iki ni igihe c’uko mwibera mu mazu yanyu mezameza* kandi iyi nzu yanje yarabomaguritse+?  Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Zirikana ingene mumerewe*.  Mwabivye vyinshi ariko mwimbura bike+. Murarya ariko ntimuhaga. Muranywa ariko ntimuhera inyota. Murambara ariko ntimuhera imbeho. Uwuca amahera ayashira mw’isaho itobaguritse.”»  Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Zirikana ingene mumerewe*.”  «“Nimuduge ku musozi muzane ibiti+ maze mwubake inzu yanje+, kugira ngo inezereze kandi itume ninahazwa+”, ni ko Yehova avuze.»  «“Mwari mwiteze vyinshi ariko mwimbura bike. Mubizanye muhira na ho, narabihushe birazimangana+. Kubera iki?, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. Kubera yuko inzu yanje yabomaguritse, namwe mukaguma mwiruka mwitwararika amazu yanyu+. 10  Ni co gituma ijuru ryanse kubaha urume, isi na yo ikanka kwimbuka. 11  Narateje uruzuba kw’isi no ku misozi, bituma mutaronka intete, umuvinyu, amavuta n’ibiterwa. Mwe n’ibitungwa vyanyu mumerewe nabi kandi ivyo mukora vyose muruhira ubusa.”» 12  Nuko Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ n’umuherezi mukuru Yosuwa mwene Yehozadaki+ hamwe n’abanyagihugu bose basigaye, bumviriza ivyo Yehova Imana yabo avuze n’ivyo umuhanuzi Hagayi ababwiye, kuko yari yatumwe na Yehova Imana yabo. Abantu baca batangura gutinya Yehova. 13  Maze Hagayi intumwa ya Yehova, yisunze ivyo Yehova yari yamutumye, abwira abantu ati: «“Ndi kumwe namwe+”, ni ko Yehova avuze.» 14  Nuko Yehova ashira umutima wo gukora+ muri buramatari w’Ubuyuda+ ari we Zerubabeli mwene Shalutiyeli, n’umuherezi mukuru Yosuwa+ mwene Yehozadaki no mu banyagihugu bose basigaye. Baca baraza, batangura igikorwa co kwubaka inzu ya Yehova Nyeningabo Imana yabo+. 15  Hari ku musi wa 24 w’ukwezi kugira gatandatu, mu mwaka ugira kabiri Dariyo abaye umwami+.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «uwavutse ku musi mukuru.»
Canke «urusengero.»
Canke «yometseko imbaho.»
Mu giheburayo havuga ngo «shira umutima ku nzira zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «shira umutima ku nzira zanyu.»