Hoseya 1:1-11

  • Umugore wa Hoseya n’abana yavyaye (1-9)

    • Yezireli (4), Lo-Ruhama (6) na Lo-Ami (9)

  • Bazosubira gushimwa n’Imana no kwunga ubumwe (10, 11)

1  Ubutumwa Yehova yahaye Hoseya* mwene Beyeri ku ngoma ya Uziya+, iya Yotamu+, iya Ahazi+ n’iya Hezekiya+, abami b’Ubuyuda+, no ku ngoma ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli.  Igihe Yehova yatangura guha ubwo butumwa Hoseya, Yehova yamubwiye ati: «Genda urongore umugore. Umugore wawe azoba imaraya*, kandi uzoronka abana bavutse muri ubwo bumaraya*, kuko ubumaraya ari bwo bwatumye igihugu giheba burundu gukurikira Yehova+  Aca arongora Gomeri umukobwa wa Dibulayimu, hanyuma aribungenga maze amuvyarira umuhungu.  Yehova aca amubwira ati: «Mwite Yezireli*, kuko mu gihe gito nzogira ico mbaza umuryango* wa Yehu+ kubera ubwicanyi bwabereye i Yezireli, kandi nzokuraho ingoma y’inzu ya Isirayeli+.  Kuri uwo musi, nzovunira umuheto wa Isirayeli mu kiyaya* ca Yezireli.»  Yongera kwibungenga maze avyara umukobwa. Imana ica imubwira iti: «Mwite Lo-Ruhama*, kuko ntazosubira kugirira imbabazi+ inzu ya Isirayeli. Emwe, nzobirukana+.  Ariko nzogirira imbabazi inzu ya Yuda+, kandi jewe Yehova Imana yabo nzobarokora+. Nzobarokora ntakoresheje umuheto, inkota, intambara, amafarasi canke abagendera ku mafarasi+  Amaze gucutsa Lo-Ruhama, yongera kwibungenga maze avyara umuhungu.  Imana ica imubwira iti: «Mwite Lo-Ami*, kuko mutari abantu banje kandi nanje sinzoba Imana yanyu. 10  Mugabo igitigiri c’Abisirayeli kizoba nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga udashobora gupimwa canke guharurwa+. Aho nahora ndababwirira ngo: “Ntimuri abantu banje+”, ni ho nzobabwirira ngo: “Muri abana b’Imana nzima+.” 11  Abantu bo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bazoja hamwe bunge ubumwe+, bihitiremwo indongozi imwe maze baduge bave mu gihugu, kuko umusi wa Yezireli+ uzoba ukomeye.

Utujambo tw'epfo

Rivuye mw’izina Hoshaya. Risobanura ngo «uwarokowe na Yehova», «Yehova yararokoye.»
Canke «igihumbu», «umusambanyi.»
Canke «ubwo buhumbu», «ubwo busambanyi.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana izobiba imbuto.»
Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «mu mwonga.»
Iryo zina risobanura ngo «ntiyagiriwe imbabazi.»
Iryo zina risobanura ngo «si abantu banje.»