Hoseya 10:1-15

  • Isirayeli ni umuzabibu wononekaye kandi uzorandurwa (1-15)

    • Kubiba no kwimbura (12, 13)

10  «Isirayeli ni umuzabibu wononekaye* ariko wama+. Uko ivyamwa vyiwe vyongerekana, ni ko yongereza ibicaniro+.Uko igihugu ciwe cimbuka cane, ni ko arushiriza gushariza inkingi ziwe nyeranda+.   Umutima wabo wuzuyemwo uburyarya*.Ubu rero bazokwagirwa n’icaha. Hariho uwuzosambura ibicaniro vyabo, amenagure inkingi zabo.   Bazoheza bavuge bati: “Nta mwami dufise+, kuko tutatinye Yehova. Ubundiho umwami yotumarira iki?”   Bavuga amajambo ata co amaze, bakarahira ibinyoma+ kandi bakagira amasezerano.Ni co gituma urubanza rwabo rwanaze nk’ivyatsi vy’ubumara mu maburi yo mu murima+.   Ababa i Samariya bazotinya kubera ikigirwamana c’inyana c’i Beti-Aveni+. Abantu baho bazokigandarira,cokimwe n’abaherezi b’imana z’inyamahanga bahora baciratira bakiratira n’ubwiza bwaco,kuko kizojanwa mu bunyagano kure yabo.   Bazokijana i Ashuri kugira bakigabire umwami ahambaye+. Efurayimu izomaramara,Isirayeli na yo irye ivyatsi kubera impanuro yakurikije+.   Samariya n’umwami waho bizozimangana+,nk’agati bahanyuye bakagaterera mu mazi.   Ibibanza basengeramwo* vy’i Beti-Aveni+, ari na vyo vyacumuje Abisirayeli+, bizokurwaho+. Ibicaniro vyabo bizomerako amahwa n’ibitovu+. Abantu bazobwira imisozi bati: “Nimudupfuke!”, babwire n’imitumba bati: “Nimutugweko+!”   Ewe Isirayeli, wacumuye kuva ca gihe c’i Gibeya+. Aho ni ho mwakomantarije imitima. Intambara ntiyaherengeteje* abantu batagororotse b’i Gibeya. 10  Nzobahana ninabishaka. Ibicumuro vyabo bibiri nivyaboherwa kuri bo*,amahanga azokoranira hamwe kugira abarwanye. 11  Efurayimu ni ishashi y’inka yamenyerejwe gukubita ibinyantete.Ni co gituma izosi ryiwe ryiza naririnze ibikorwa. Ubu rero ngira ndeke Efurayimu bamurimishe*+. Yuda azorima, Yakobo na we akangaze. 12  Nimubibe imbuto mu bugororotsi maze mwimbure urukundo*. Nimwirimire isi ndimwa+hakiriho umwanya wo kurondera Yehova+,gushika aje akabigisha ubugororotsi+. 13  Ariko mwarimye ububisha,mwimbura ukutagororoka+,maze murya ivyamwa vy’ububeshi.Kuko mwizigiye inzira zanyube n’ingabo zanyu nyinshi. 14  Hazokwumvikana induru y’abaje gutera abantu banyu,kandi ibisagara vyanyu bikingijwe ibihome vyose bizosamburwa+nk’uko Shalumani yasambuye Beti-Arubeliku musi w’intambara, igihe abavyeyi bicwa rubi* bari kumwe n’abana babo. 15  Ewe Beteli, ivyo ni vyo bizogushikira+ kubera ukora ikibi kibishe. Emwe mu mutwenzi, umwami wa Isirayeli ntazoba akiriho+

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «utotahaye.»
Canke «ububeshi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyabo bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «ntiyashikiriye.»
Ni ukuvuga nibikorera igihano cabo nk’ingogo. Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «bamwambike imigozi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «igihe ba inabibondo bamenagurwa.»