Hoseya 11:1-12

  • Imana yakunze Isirayeli kuva akiri agahungu gatoyi (1-12)

    • «Nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri» (1)

11  «Nakunze Isirayeli kuva akiri agahungu gatoyi+,kandi nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri+.   Uko barushiriza* guhamagara Abisirayeli,ni ko Abisirayeli barushiriza kubahunga+. Bagumye bashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,bagashikanira ibimazi ibishusho bibajwe+.   Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka+, ndabaterura mu maboko yanje+,mugabo ntibamenye ko ari jewe nabakijije.   Nagumye ndabakwegesha imigozi y’abantu*, imigozi y’urukundo+.Nababereye nk’uwubakura ingogo* kw’izosi*,ndaheza ndabazanira imfungurwa ndabigiranye impuhwe*.   Ntibazosubira mu Misiri, ahubwo Ashuri ni yo izobabera umwami+,kuko banse kungarukako+.   Inkota izozunguruka mu bisagara vyabo+,itemagure ivyugazo vyabo yongere ibatikize kubera imigambi yabo mibi+.   Abantu banje biyemeje kumpemukira+. Naho babahamagara ngo bagaruke kuri Musumbavyose*, nta n’umwe ahaguruka.   Noguheba gute ga Efurayimu+? Ewe Isirayeli, nogutanga gute ku bansi bawe? Noshobora gute kugufata nka Adima? Noshobora gute kukugira nka Zeboyimu+? Narahinduye ivyiyumviro,ubwo nyene impuhwe zanje zica ziravyuka*+.   Sinzogira nk’uko ishavu ryanje rigize. Sinzosubira guhonya Efurayimu+,kuko ndi Imana, ntari umuntu.Ndi wa Mweranda hagati yanyu,kandi sinzobahana nashavuye. 10  Bazogendera inyuma ya Yehova, kandi azoroha nk’intambwe+.Niyaroha, abana biwe bazoza barajugumira bavuye mu burengero+. 11  Nibava mu Misiri, bazoza barajugumira nk’inyoni.Bazojugumira nk’inuma nibava mu gihugu ca Ashuri+,kandi nzotuma bibera mu mazu yabo», ni ko Yehova avuze+. 12  «Efurayimu yankikuje ibinyoma,Abisirayeli na bo bankikuza ububeshi+. Ariko Yuda aracagendana n’Imana,kandi ni umwizigirwa kuri wa Mweranda cane+

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga abahanuzi hamwe n’abandi Imana yarungitse kwigisha Abisirayeli.
Canke «imigozi y’ubuntu.» Biboneka ko yari imigozi abavyeyi bakoresha mu kwigisha abana babo gutambuka.
Mu giheburayo havuga ngo «mu mibangabanga.»
Canke «ukwengenga.»
Mu giheburayo havuga ngo «naho babahamagara ngo baje hejuru.» Ni ukuvuga ugusenga kw’ukuri kuri hejuru.
Mu giheburayo havuga ngo «zica zirashuha.»