Hoseya 12:1-14

  • Efurayimu akwiye kugaruka kuri Yehova (1-14)

    • Yakobo yaranyinyanye n’Imana (3)

    • Yakobo yararize kugira Imana imugirire ubuntu (4)

12  «Efurayimu arya umuyaga. Yirirwa ariruka inyuma y’umuyaga wo mu buseruko. Yuzuye ibinyoma n’ubukozi bw’ikibi. Bagirana isezerano na Ashuri+, bakajana amavuta mu Misiri+.   Yehova afitaniye imburano na Yuda+.Azocira urubanza Yakobo yisunze inzira ziwe,kandi azomwishura yisunze ivyo yakoze+.   Yafashe mwenewabo igitsintsiri bari mu nda+,kandi yaranyinyanye n’Imana n’inguvu ziwe zose+.   Yagumye anyinyana n’umumarayika kandi aramutsinda. Yararize yongera aramutakambira ngo amugirire ubuntu+ Imana yamusanze i Beteli, kandi aho ni ho yavuganiye natwe+,   emwe Yehova Imana Nyeningabo+.Yehova ni ryo zina yibukirwako+.   «Nugaruke rero ku Mana yawe+,ugendere urukundo* n’ubutungane+,kandi wame wizigira Imana yawe.   Ariko mu minwe y’abadandaza hari iminzane yiba,kandi bakunda guca abantu amaboko+.   Efurayimu aguma avuga ati: “Emwe, narabaye umutunzi+.Nararonse itunga ryinshi+, kandi nta kibi canke igicumuro wosanga mu vyo nkora vyose.”   Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+. Nzotuma musubira kuba mu mahema,nko mu gihe c’imisi mikuru yashinzwe. 10  Naravuganye n’abahanuzi+,ndagwiza ukwerekwa,kandi naravuze imigani biciye ku bahanuzi. 11  I Gileyadi huzuye ububeshi*+ n’ibinyoma. I Gilugali bahatangiye ibimazi vy’impfizi z’inka+,kandi ibicaniro vyabo bimeze nk’ibirundo vy’amabuye biri mu maburi yo mu murima+. 12  Yakobo yahungiye mu karere ka Aramu*+.Isirayeli+ yakoreyeyo ibikorwa kugira aronke umugore+,aragira intama kugira amuronke+. 13  Yehova yakuye Isirayeli mu Misiri biciye ku muhanuzi+,kandi yamurinze biciye ku muhanuzi+. 14  Efurayimu yarababaje Imana cane+,kandi n’ubu aracagirwa n’amaraso.Umukama wiwe azomuhanira iceyi yamusize+

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ibintu vy’amageza.»
Canke «Siriya.»