Hoseya 13:1-16

  • Efurayimu asenga ibigirwamana, akibagira Yehova (1-16)

    • «Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe?» (14)

13  «Efurayimu yaravuga abantu bakajugumira.Yari umuntu ahambaye muri Isirayeli+. Ariko yahavuye yagirwa n’icaha kubera ugusenga Bayali+ maze arapfa.   N’ubu barabandanya gucumuramu kwihingurira ibishusho mw’ifeza zabo*+.Bakora ibigirwamana ku buhinga, bikamera nk’ivyakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene. Babibwira bati: “Abagabo bashikana ibimazi nibasome inyana+.”   Ni co gituma bazomera nk’ibicu vyo mu gitondo,nk’urume rukama hakiri kare,nk’umuguruka wo ku mbuga* uguruwe n’igihuhusibe n’umwotsi uca mu ntoboro y’igisenge.   Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+.Nta yindi Mana mwigeze mumenya atari jewe,kandi nta wundi mukiza ahari atari jewe+.   Nabamenye mukiri mu bugaragwa+, mu gihugu kigadutse.   Barahagijwe n’uburagiro bwabo+.Barariye barahaga, batangura kwishira hejuru, baca baranyibagira+.   Nzobabera nk’intambwe y’umukangara+,nk’ingwe ibunze iruhande y’inzira.   Nzobatarukirako nk’idubu yatakaje ivyana vyayo,kandi nzotabagura igikiriza cabo*. Nzobarokereza aho nyene nk’intambwe.Igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.   Ewe Isirayeli, kizogutabagurakuko wangararije, jewe umutabazi wawe. 10  None wa mwami wanyu ari hehe, ngo abarokore mu bisagara vyanyu vyose+?Canke ba batware* banyu bari hehe, bamwe mwambwira ngo:“Nuduhe umwami hamwe n’abaganwa+”? 11  Nabahaye umwami nshavuye+,kandi nzomubaka narakaye+. 12  Ikosa rya Efurayimu riratekeye* neza,kandi igicumuro ciwe kirabitswe. 13  Azobabara nk’umugore afashwe n’ibise. Ariko ni umwana atagira ubwenge,ntasohoka hageze ko avuka. 14  Nzobakura mu vyara vy’ukuzimu,ndabakize urupfu+. Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe+? Wa kuzimu we, kwa gutikiza kwawe kuri hehe+? Sinzogenda ndabumviye impuhwe. 15  Naho yosagamba hagati y’amarenga,hazoza umuyaga uvuye mu buseruko, umuyaga wa Yehova.Uzozanana mu bugaragwa kugira ukamye isoko ryiwe ry’amazi n’iriba ryiwe. Uzosahura ibintu vyose vy’agaciro vyo mu bubiko bwiwe+. 16  Abanyasamariya bazokwagirwa n’icaha+, kuko bagararije Imana yabo+. Bazomarwa n’inkota+.Abana babo bazomenagurwa,abagore babo bibungenze na bo bapasurwe inda*

Utujambo tw'epfo

Canke «mw’ifeza zabo bashongesheje.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Mu giheburayo havuga ngo «uruzitiro rw’umutima wabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ba bacamanza.»
Canke «rirazigamwe.»
Canke «bafomozwe.»