Hoseya 14:1-9

  • Akamo ko kugaruka kuri Yehova (1-3)

    • Gushikana ishemezo ry’iminwa (2)

  • Imana izokiza ubuhemu bw’Abisirayeli (4-9)

14  «Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+,kuko watsitaye kubera ikosa ryawe.   Nimugaruke kuri Yehova, mumubwire muti:“Nuharire ikosa ryacu+ maze wemere iciza,natwe tuzogushikanira ishemezo ry’iminwa yacu+ nk’aho yoba ari amashuri y’inka*.   Ashuri ntizodukiza+. Ntituzogendera ku mafarasi+,kandi ntituzosubira kubwira ivyo amaboko yacu yakoze duti: ‘Ewe Mana yacu!’,kuko ari wewe ugirira imbabazi impfuvyi+.”   Nzokiza ubuhemu bwabo+. Nzobakunda bivuye ku mutima+,kuko nabakuyeko ishavu ryanje+.   Nzobera Isirayeli nk’urume.Azoshurika nk’ishurwe ry’ilisi,kandi azoshora imizi nk’ibiti vy’i Libani.   Imivyaro yiwe izosagarara,ubwiza bwiwe bube nk’ubw’igiti c’umwelayo*,akamoto kiwe na ko kabe nk’aka Libani.   Bazosubira kwibera mu gitutu canje. Bazorima intete, bashurike nk’igiti c’umuzabibu+. Nzomenyekana hose* nk’umuvinyu w’i Libani.   Efurayimu azovuga ati: “Ndacarondera iki mu bigirwamana+?” Nzomwishura nongere ndamukingire+. Nzoba nk’igiti c’umuberoshi gitotahaye. Ivyamwa vyabo bizova iwanje.»   Ni nde ari inkerebutsi? Natahure ivyo bintu. Ni nde afise ubwenge? Namenye ivyo bintu. Kuko inzira za Yehova zigororotse+,kandi abagororotsi ni bo bazozigenderamwo,ariko abacumuzi bazozitsitaramwo.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «natwe tuzoshikana amashuri y’iminwa yacu.»
Ico giti cama imyelayo (olive).
Mu giheburayo havuga ngo «icibutso canje kizomenyekana hose.»