Hoseya 5:1-15

  • Urubanza rwaciriwe Efurayimu na Yuda (1-15)

5  «Nimwumve ibi, yemwe baherezi+!Nimutege ugutwi, yemwe Bisirayeli!Nimwumvirize, yemwe abo ku kirimba* c’umwami,kuko urubanza ari mwebwe rwerekeye.Nkako, mwabereye umutego Mizipa,muba n’urusenga ruteze hejuru ya Tabora+.   Abagarariji* barisutse cane mu bwicanyi,kandi bose ndabagabishije*.   Efurayimu ndamuzi,kandi na Isirayeli ntiyonyinyegeza. Ewe Efurayimu, erega warisutse mu busambanyi*,Isirayeli na we yarihumanije+.   Ibikorwa vyabo ntibibakundira kugaruka ku Mana yabo,kuko bafise agatima* k’ubumaraya*+,kandi ntibubaha Yehova.   Ubwishime bwa Isirayeli buramwagiriza+.Isirayeli na Efurayimu baratsitaye kubera ikosa ryabo,kandi na Yuda yatsitaranye na bo+.   Bagiye kurondera Yehova batwaye amasho y’intama n’inka,ariko baramubuze. Yari yabahevye arigira+.   Barahemukiye Yehova+,kuko bavyaye abana b’abanyamahanga. Ubu rero bo hamwe n’amatongo* yabo bizoyogera mu kwezi kumwe.   Nimuvugirize inzamba+ i Gibeya, muvugirize urumbete i Rama+! Nimuvugirize akaruru k’intambara i Beti-Aveni+ muti: “Turi inyuma yawe Benyamini!”   Ewe Efurayimu, umusi uzohanwa, abantu bazokwumirwa nibakubona+. Naramenyesheje imiryango ya Isirayeli ibibwirizwa gushika. 10  Abaganwa b’Ubuyuda bameze nk’abantu bimura urubibe+. Nzobasukako ishavu ryanje nka kurya kw’amazi. 11  Efurayimu arahahazwa, kandi birabereye ko ajanjagurwa,kuko yiyemeje kwifatanya n’umwansi+. 12  Efurayimu namubereye nk’agakoko karya impuzu,abantu bo mu Buyuda na bo ndababera nk’ukubora. 13  Igihe Efurayimu yabona indwara yiwe, Yuda na we akabona igisebe ciwe,Efurayimu yaciye aja i Ashuri+, arungika intumwa ku mwami ahambaye. Ariko uwo mwami ntiyashoboye kubavura,canke ngo abakize igisebe canyu. 14  Nzoba nk’intambwe y’umukangara kuri Efurayimu,mbe nk’intambwe ikomeye* ku bantu bo mu Buyuda. Jewe ubwanje nzobatabagura maze nigire+.Nzobatwara kandi nta n’umwe azobarokora+. 15  Nzokwigira nisubirire iwanje, gushika babonye ingaruka z’igicumuro cabo.Na bo bazoheza barondere ko ndabagirira ubuntu+. Nibabona bageze habi bazondondera+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abo mu nzu.»
Canke «abampeba.»
Canke «bose nzobahana.»
Canke «mu buhumbu», «mu bumaraya.»
Canke «impwemu.»
Canke «k’ubuhumbu», «k’ubusambanyi.»
Canke «n’imirima.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»