Hoseya 6:1-11

  • Akamo ko kugaruka kuri Yehova (1-3)

  • Urukundo rw’Abisirayeli rumara akanya isase (4-6)

    • Urukundo ruruta ibimazi (6)

  • Inyifato iteye isoni y’Abisirayeli (7-11)

6  «Nimuze tugaruke kuri Yehova,kuko yadutabaguye+, ariko azodukiza. Yaradukubise, ariko azotubika ibikomere vyacu.   Haciye imisi ibiri, azotugarurira utuguvu. Ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa,dusubire tubeho imbere yiwe.   Tuzomenya Yehova, tuzokwihatira kumumenya vy’ukuri. Azoza ata gisivya nka kurya nyene umutwenzi utareka kuza.Azotuzako nka kurya kw’akavura kanyanyaga,nka kurya kw’imvura y’impeshi inywesha isi.»   «Ewe Efurayimu, mbega ndakugire gute? Ndakugire gute ga Yuda? Kuko urukundo* rwanyu rumeze nk’ibicu vyo mu gitondo,nk’urume rukamangana mu kanya isase.   Ni co gituma nzobatemagura nkoresheje abahanuzi+.Nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje+, kandi imanza nabaciriye zizokayangana nk’umuco+.   Kuko urukundo* ari rwo rumpimbara, si ibimazi,kandi ukumenya Imana ni kwo kumpimbara, si amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.   Ariko bo barahonyanze isezerano ryanje+ nk’umuntu buntu. Aho nyene ni ho bampemukiriye.   Gileyadi ni igisagara c’inkozi z’ikibi+,kandi cuzuyemwo ugusesa amaraso+.   Abaherezi bameze nk’akagwi k’abambuzi kabundiye umuntu. Bicira abantu kw’ibarabara hafi y’i Shekemu+,kuko inyifato yabo iteye isoni. 10  Narabonye ikintu c’agahomerabunwa mw’ihanga rya Isirayeli. Ni ho Efurayimu akorera ubumaraya+,kandi Isirayeli yarihumanije+. 11  Ariko wewe ga Yuda, warashingiwe igihe co kwimburwa,ninagarukana abantu banje bagizwe imbohe+

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera)», «imbabazi.»