Hoseya 7:1-16

  • Ububisha bwa Efurayimu (1-16)

    • Ntibazohunga urusenga rw’Imana (12)

7  «Igihe cose ngira nkize Isirayeli,ikosa rya Efurayimu rica rija ahabona+hamwe n’ububisha bwa Samariya+. Kuko ari ababeshi gusa+.Abasuma baramena inzu, utugwi tw’abambuzi tukabundira abantu hanze+.   Ariko ntibiyumvira ko nzokwibuka ibibi vyose bakora+. Ubu rero ibibi bakora vyabatangatanze irya n’ino.Emwe, biri ng’aha imbere y’amaso yanje.   Banezereza umwami biciye ku bubisha bwabo,bakanezereza abaganwa biciye ku bubeshi bwabo.   Bose bararenga ibigo.Bararurumba nk’ifuru yakijwe n’uwotsa imikate,agaca areka kwegenyeza kuva agicumba igikandu gushika kivyimvye.   Ku musi mukuru w’umwami wacu, abaganwa bararwaye:Barashangashiwe kubera umuvinyu+. Umwami yarifatanije n’abacokoranyi.   Bamwegera bafise umutima ururumba nk’ifuru*. Uwotsa imikate amara ijoro ryose yiryamiye,mu gitondo ifuru ikarurumba nk’umuriro.   Bose barashushe nk’ifuru,kandi bararotsa abatware* babo. Abami babo bose baratemvye+,ariko nta n’umwe yigera antabaza+.   Efurayimu yivanga n’amahanga+. Efurayimu ameze nk’agakate kiburungushuye kokeje uruhande rumwe.   Abanyamahanga baramumariyeko utwiwe+, ariko nta vyo amenya. Imishatsi yiwe yarahindutse imvi, ariko nta vyo abona. 10  Ubwishime bw’Abisirayeli bwarabagirije+,ariko ntibigeze bagaruka kuri Yehova Imana yabo+,kandi naho ivyo vyose vyabashikiye ntibigeze bamurondera. 11  Efurayimu ameze nk’inuma y’igihwiji, itagira ubwenge*+. Batabaje Misiri+ bongera basaba Ashuri ngo ibafashe+. 12  Aho bazoja hose, nzosanza urusenga rwanje hejuru yabo. Nzobakororera hasi nk’inyoni zo mu kirere. Nzobahana nk’uko nyene nabibabwiye*+. 13  Baragowe, kuko bampunze! Bazotikira, kuko bancumuyeko! Nari niteguriye kubarokora, ariko bamvuzeko ibinyoma+. 14  Bagumye baborogera ku bitanda vyabo,ariko ntibantabaje n’umutima wabo wose+. Bagumye bikebagura kugira bimbure intete nyinshi n’umuvinyu mwinshi,ariko jewe barangarariza. 15  Narabigishije nongera ndakomeza amaboko yabo,ariko bo bagumye bangarariza, biyumvira gukora ibibi. 16  Barahinduye inzira, ariko ntibafashe inzira nziza kuruta*.Ntibabaye abo kwizigirwa, babaye nk’umuheto wabohotse+. Abaganwa babo bazokwicwa n’inkota kubera amajambo yabo y’akagaye. Ni co gituma bazobatwengera mw’ijigo mu gihugu ca Misiri+

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imitima yabo irarurumba nk’ifuru igihe bamwegera bateguye imigambi mibi.»
Mu giheburayo havuga ngo «abacamanza.»
Mu giheburayo havuga ngo «itagira umutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «nabibwiye ishengero ryabo.»
Ni ukuvuga ugusenga kw’ukuri kuri hejuru.