Hoseya 8:1-14

  • Ingaruka zo gusenga ibigirwamana (1-14)

    • Babiba umuyaga, bakimbura igihuhusi (7)

    • Abisirayeli baribagiye Umuremyi wabo (14)

8  «Vuza inzamba+! Hari uwumanutse nk’inkona aje gutera inzu ya Yehova+,kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+.   Baguma bantakambira ngo: “Mana yacu, twebwe Abisirayeli turakuzi+.”   Abisirayeli bariyamirije iciza+. Umwansi nabome inyuma!   Biyimikiye abami bitanciyeko, bishiriraho abaganwa ntemera. Bihinguriye ibigirwamana mw’ifeza n’inzahabu+,baba bikwegeye gutikizwa+.   Ewe Samariya, inyana yawe irashibuwe+! Narunguye n’ishavu kubera bo+. Mbega bazonanirwa kuba intungane* gushika ryari?   Kuko iyo nyana yavuye muri Isirayeli. Yakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene kandi si Imana.Inyana ya Samariya izocika ubunywenywe.   Ko bariko babiba umuyaga,bazokwimbura igihuhusi+. Nta giterwa na kimwe cama intete+.Ikigize ngo kirama nta fu kivamwo, kandi n’iyoboneka yoca iribwa n’abanyamahanga+.   Abisirayeli bazomirwa n’abansi+. Ubu rero mu mahanga barimwo+bazomera nk’igikoresho ata n’umwe yerekwa.   Kuko baduze i Ashuri+ nk’indogobwa yo mw’ishamba y’inyakamwe. Efurayimu yarirondereye abantu ahemba ngo bamubere abahabara+. 10  Naho babakura mu yandi mahanga,ngira ndabakoranirize hamwe.Bazogira ingorane+ kubera umuzigo umwami n’abaganwa babaremeka. 11  Kuko Efurayimu yagwije ibicaniro, bigatuma acumura+. Ibicaniro vyiwe ni vyo vyamukwegeye gucumura+. 12  Naramwandikiye amategeko* yanje menshi,ariko yabifashe nk’ikintu kitamuraba+. 13  Baranshikanira ibimazi, bakarya n’inyama zavyo,ariko jewe Yehova sindavyemera+. Ubu rero nzokwibuka ikosa ryabo, ndabahanire ibicumuro vyabo+. Barongeye kwitura Misiri*+. 14  Abisirayeli baribagiye Umuremyi wabo+ maze biyubakira insengero+.Yuda yaragwije ibisagara bikingijwe ibihome+. Ariko nzorungika umuriro mu bisagara vyiwe,kandi uzorigata iminara yose yo muri vyo+

Utujambo tw'epfo

Canke «kuba abadahumanye.»
Canke «inyigisho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazosubira mu Misiri.»