Hoseya 9:1-17

  • Imana izota Efurayimu kubera ibicumuro vyiwe (1-17)

    • Bihebeye imana iteye isoni (10)

9  «Ewe Isirayeli, ntunezerwe+!Ntuhimbarwe nk’ayandi mahanga. Kuko ubumaraya* ari bwo bwatumye uheba Imana yawe+. Ukunda amahera ukura mu bumaraya ukorera ku mbuga zose bakubitirako intete+.   Ariko izo mbuga n’inganiro z’umuvinyu ntibizokugaburira,kandi n’umuvinyu mushasha uzowubura+.   Abisirayeli ntibazobandanya kuba mu gihugu ca Yehova+.Ahubwo Efurayimu azosubira mu Misiri,kandi azorira i Ashuri ibintu bihumanye+.   Ntibazokwongera gusukira Yehova amashikanwa y’umuvinyu+,kandi ibimazi vyabo ntibizomuhimbara+. Bimeze nk’umukate w’abagandaye,kandi ababirya bose bazoba bihumanije. Kuko umukate wabo ari rwabo gusa,ntuzogenda winjiye mu nzu ya Yehova.   Muzokora iki igihe co gukoranira hamwe* nicagera,igihe co guhimbaza umusi mukuru wa Yehova?   Umve, bazohunga kubera agatikizo+. Misiri izobegeranya+, Memfisi na yo ibahambe+. Ibintu vyabo vy’agaciro vy’ifeza bizomeramwo ivyatsi vy’ibisuru,amahema yabo na yo ameremwo ibisaka vy’amahwa.   Imisi yo kwishura ivyo bakoze irashitse+,imisi yo guhabwa igihano bakwiriye irashitse,kandi Isirayeli azobimenya. Abahanuzi babo bazosara, abitwa ngo baravugishwa na bo bate ubwenge.Urwanko bagufitiye ni rwinshi, kuko amakosa yawe ari menshi.»   Inderetsi+ ya Efurayimu yari kumwe n’Imana yanje+. Ariko ubu inzira zose z’abahanuzi biwe+ zimeze nk’imitego y’umuhigi w’inyoni.Mu nzu y’Imana yiwe huzuye urwanko.   Barononekaye birenze, nka ca gihe c’i Gibeya+. Imana izokwibuka amakosa yabo, ibahanire ibicumuro vyabo+. 10  «Nubutse kuri Isirayeli nk’uwubutse ku nzabibu mu gahinga+. Igihe nabona ba sokuruza banyu, wamengo mbonye insukoni zeze kare ku musukoni. Ariko bobo bakurikiye Bayali y’i Peyori+,bihebera ico kintu giteye isoni*+,baca bacika abasesemye nk’ico kintu bakunda. 11  Ubuninahazwa bwa Efurayimu buraguruka nk’inyoni bukigira.Ntibavyara, ntibibungenga canke ngo basame inda+. 12  Kandi naho borera abana,nzobahekura ku buryo ata n’umwe asigara+.Emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+! 13  Igihe nabona Efurayimu mu buragiro butotahaye, yari imeze nka Tiro+.Ariko ubu itegerezwa kuzana abana bayo ngo bicwe.» 14  Ewe Yehova, nubazaneko ivyo bakwiriye:Utume inda zabo zikoroka, n’amabere yabo anyunyuka*. 15  «Ububisha bwabo bwose bwahereye i Gilugali+, kandi aho ni ho nabankiye. Nzobirukana mu nzu yanje kubera ibikorwa vyabo bibi+. Sinzosubira kubakunda+.Abaganwa babo bose ni intagondwa. 16  Efurayimu izokwicirwa nk’igiti+. Imizi yabo izokwuma kandi ntibazokwama ivyamwa. Naho bovyara, nzokwica abana babo bikundira.» 17  Imana yanje izobata,kuko batayumviye+,kandi bazoguma bayerera mu mahanga+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»
Canke «igihe c’imisi mikuru yanyu yashinzwe.»
Canke «iyo mana iteye isoni.»
Canke «yuma.»