Imigani 10:1-32

  • Umwana w’ubwenge anezereza se (1)

  • Amaboko y’umunyamwete aratungisha (4)

  • Uwuvuga menshi ntabura gucumura (19)

  • Umuhezagiro wa Yehova uratungisha (22)

  • Gutinya Yehova bituma umuntu aramba (27)

10  Imigani ya Salomo+. Umwana w’ubwenge* anezereza se+,ariko umwana w’ikijuju atera intuntu nyina.   Itunga umuntu aronse mu nzira mbi nta co rimara,ariko ubugororotsi ni bwo bukiza umuntu urupfu+.   Yehova ntazoreka umugororotsi ngo yicwe n’inzara+,ariko ababisha azobima ivyo bahahamira.   Amaboko y’ikinebwe atera ubukene+,ariko amaboko y’umunyamwete aratungisha+.   Umwana w’ubwenge* yegeranya umwimbu mu ci,ariko umwana ateye isoni asinzira umukondorazosi mu gihe c’iyimbura+.   Imihezagiro iri ku mutwe w’umugororotsi+,ariko akanwa k’umubisha gahisha ubukozi bw’ikibi.   Umugororotsi azokwibukwa kandi azovugwa neza+,ariko izina ry’umubisha rizozimangana+.   Umuntu w’umunyabwenge* yubahiriza amategeko*+,ariko uwuvuga ivy’ubupfu azokwibonerako*+.   Umuntu w’intungane azokwiberaho mu mutekano+,ariko uwugendera mu nzira zigoramye azohinyuka+. 10  Uwuvunagura ingohe mu ntumbero mbi atera umubabaro+,kandi uwuvuga ibintu vy’ubupfu azokwibonerako+. 11  Akanwa k’umugororotsi ni isoko ry’ubuzima+,ariko akanwa k’umubisha gahisha ubukozi bw’ikibi+. 12  Urwanko ni rwo rutera amahane,ariko urukundo rupfuka ibicumuro vyose+. 13  Ubukerebutsi bubarizwa ku minwa y’umuntu afise ugutahura+,ariko inkoni igenewe umugongo w’imburabwenge*+. 14  Abanyabwenge* bazigama ubumenyi+,ariko akanwa k’ibipfu kikwegera ivyago+. 15  Itunga* ry’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye, ariko abakene bicwa n’ubukene bwabo+. 16  Igikorwa c’umugororotsi kivamwo ubuzima,ariko ibikorwa vy’umubisha bivamwo igicumuro+. 17  Uwemera gutozwa indero ni inzira ijana ku buzima*,ariko uwanka gukosorwa azimiza abandi. 18  Uwuhisha urwanko rwiwe aba ari umubeshi+,kandi uwukwiragiza amajambo ababaza* aba ari ikijuju. 19  Mu majambo menshi ntihaburamwo ugucumura+,ariko uwugumya ururimi rwiwe aba ari umunyabwenge+. 20  Ururimi rw’umugororotsi rumeze nk’ifeza nzizanziza+,ariko umutima w’umubisha ni nk’aho ata co umaze. 21  Iminwa y’umugororotsi igaburira* benshi+,ariko ibipfu vyicwa n’ukubura ubwenge+. 22  Umuhezagiro wa Yehova ni wo utungisha+,kandi nta mubabaro* awongerako. 23  Ku kijuju, gukora ibintu biteye isoni ni nko kwikinira,ariko umuntu afise ugutahura akorana ubukerebutsi+. 24  Ivyo umubisha atinya ni vyo bimuzako,ariko umugororotsi azoronswa ivyo yipfuza+. 25  Igihuhusi nicarengana, umubisha ntazosubira kubaho+,ariko umugororotsi ni umushinge wamaho+. 26  Kurya inkarihe y’umuvinyu imeze ku menyo, n’umwotsi ku maso,ni ko ikinebwe kimeze ku wagitumye*. 27  Gutinya Yehova bituma umuntu aramba+,ariko imyaka y’ababisha izogabanywa+. 28  Ivyo abagororotsi biteze* bitera umunezero+,ariko icizigiro c’ababisha kizozimangana+. 29  Inzira ya Yehova ni igihome gikomeye ku bantu b’intungane+,ariko ku banyakibi isobanura agatikizo+. 30  Umugororotsi ntazokwigera atemba+,ariko ababisha bazorandurwa kw’isi+. 31  Akanwa k’umugororotsi kavuga* ivy’ubwenge*,ariko ururimi ruvuga ibigoramye ruzokurwaho. 32  Iminwa y’umugororotsi iramenya ibibereye,ariko akanwa k’umubisha kavuga ibigoramye.

Utujambo tw'epfo

Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «afise ugutahura kwimbitse.»
Mu giheburayo havuga ngo «amabwirizwa.»
Canke «azohonyangwa.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «w’abatagira umutima.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «ibintu vy’agaciro.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aba ari mu nzira ijana ku buzima.»
Canke «uwukwiragiza ibihuha.»
Canke «iyobora.»
Canke «nta ntuntu», «nta ngorane.»
Canke «ku wugikoresha.»
Canke «bizigiye.»
Canke «kama.»
Canke «ivy’ubukerebutsi.»