Imigani 12:1-28
12 Uwukunda indero* aba akunda ubumenyi+,ariko uwanka gukosorwa ntagira ubwenge*+.
2 Yehova arakunda umuntu mwiza,ariko uwupanga gukora ikibi azomukubita intahe mu gahanga+.
3 Ububisha ntibushobora gutuma umuntu atekana+,ariko umugororotsi ntazokwigera arandurwa.
4 Umugore abishoboye ni urugori ku mugabo wiwe+,ariko umugore akora ibiteye isoni ni nk’indwara ituma amagufa yiwe abungwa+.
5 Ivyiyumviro vy’abagororotsi biragororotse,ariko impanuro z’ababisha zirazimiza.
6 Amajambo y’ababisha ni umutego wica*+,ariko akanwa k’abagororotsi karabakiza+.
7 Iyo ababisha bakuweho ntibasubira kubaho,ariko inzu y’abagororotsi izoguma ihagaze+.
8 Umuntu yiyubara mu vyo avuga arashemezwa+,ariko uwufise umutima ugoramye arasuzugurwa+.
9 Umuntu yopfuma yubahwa buhoro ariko afise umusuku,hako yishira hejuru kandi atagira n’ico arya*+.
10 Umugororotsi aritaho ibitungwa vyiwe+,ariko umubisha n’iyo agize impuhwe haba harimwo ububisha.
11 Uwurima itongo ryiwe azohaga ibifungurwa+,ariko uwishinga ibintu bitagira akamaro ntagira ubwenge*.
12 Umubisha yipfuza ivyo abandi banyakibi bafashe,ariko umuzi w’abagororotsi urama ivyamwa.
13 Amajambo mabi y’umunyakibi ni yo amubera umutego+,ariko umugororotsi aririnda ivyago.
14 Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma ahaga ivyiza+,kandi ibikorwa vy’amaboko yiwe bituma aronka impera.
15 Ikijuju kibona yuko inzira yaco igororotse+,ariko umunyabwenge* aremera impanuro*+.
16 Ikijuju cerekana ishavu ryaco ubwo nyene*+,ariko umunyabwenge arirengagiza* igitutsi.
17 Icabona cizigirwa kivuga ukuri*,ariko icabona c’ikinyoma kivuga ububeshi.
18 Amajambo umuntu avuze atiyumviriye ameze nk’ugucumita kw’inkota,ariko ururimi rw’umunyabwenge* ruravura+.
19 Iminwa ivuga ukuri izokwamaho ibihe vyose+,ariko ururimi rubesha rumara akanya gato gusa+.
20 Umutima w’abategura ikibi wuzuyemwo ibinyoma,ariko abaremesha amahoro bifitiye umunezero+.
21 Nta kibi na kimwe kizoshikira umugororotsi+,ariko ababisha bazoshikirwa n’ivyago vyinshi+.
22 Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova+,ariko umuntu w’umwizigirwa aramuhimbara.
23 Umunyabwenge arahisha ivyo azi,ariko umutima w’ikijuju usuka ubujuju bwaco+.
24 Ukuboko kw’abanyamwete kuzoganza+,ariko amaboko y’ibinebwe azokora ibikorwa vy’agahato+.
25 Amaganya mu mutima w’umuntu arawuremera*+,ariko ijambo ryiza rirawunezereza+.
26 Umugororotsi arasuzuma uburagiro bwiwe,ariko inzira y’ababisha irabazimiza.
27 Ibinebwe ntivyiruka inyuma y’ico bihiga+,ariko umwete ni ubutunzi bw’agaciro.
28 Inzira y’ubugororotsi ishikana ku buzima+,kandi muri yo nta rupfu ruhari.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «aba ari ikijuju.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni umutego uvisha amaraso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntagira umutima.»
^ Canke «aremera ko bamugira inama.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «uwo musi nyene.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «arapfuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibigororotse.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «atuma adendebukirwa.»