Imigani 13:1-25
13 Umwana w’ubwenge* aremera ko se amutoza indero+,ariko umwana w’ikigaba ntiyemera gukosorwa+.
2 Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma yironkera ivyiza+,ariko umuhemu nta kindi yipfuza atari ugukora ikibi.
3 Uwucungera ivyo avuga* aba akingiye ubuzima bwiwe+,ariko uwuvuga menshi* yikwegera ivyago+.
4 Ikinebwe kiripfuza ibintu mugabo nta na kimwe kironka+,ariko umunyamwete azoronka ivyo yipfuza vyose*+.
5 Umugororotsi aranka ibinyoma+,ariko ibikorwa vy’umubisha bizana ibimaramare n’agateterwe.
6 Ubugororotsi bukingira umuntu w’intungane+,ariko ububisha butembagaza umucumuzi.
7 Hari uwigira umutunzi kandi ata kintu afise+,hakaba n’uwigira umukene kandi atunze ibintu vyinshi.
8 Ubutunzi bw’umuntu buracungura ubuzima bwiwe+,ariko abakene nta n’uwubakomakoma*+.
9 Umuco w’abagororotsi urabonesha cane*+,ariko itara ry’ababisha rizozima+.
10 Ukwita imbere kuzana ibihari gusa+,ariko abarondera impanuro* baba bafise ubukerebutsi+.
11 Itunga rije bukwi na bukwi* rizokamangana+,ariko itunga ry’uwuza aregeranya dukeduke* rizogwira.
12 Iyo umuntu yiteze* ibintu bigateba aravunika umutima+,ariko iyo icipfuzo kirangutse kimera nk’igiti c’ubuzima+.
13 Uwusuzugura itegeko* azohanwa+,ariko uwubahiriza amabwirizwa azoronka impera+.
14 Inyigisho* y’umunyabwenge* ni isoko ry’ubuzima+,kugira umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu.
15 Ugutahura kwimbitse gutuma umuntu ashimwa,ariko inzira y’ibihemu irimwo ingorane nyinshi.
16 Umunyabwenge akorana ubumenyi+,ariko ikijuju gishira ahabona ubujuju bwaco+.
17 Intumwa mbi igwa mu ngorane+,ariko intumwa yizigirwa irakiza+.
18 Uwanka gutozwa indero yikwegera ubukene n’ibimaramare,ariko uwemera gukosorwa azoninahazwa+.
19 Umuntu araryoherwa iyo icipfuzo ciwe kirangutse+,ariko ibijuju ntibivirira ikibi+.
20 Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge*+,ariko uwifatanya n’ibijuju azokwibonerako+.
21 Ivyago biguma bikurikirana abacumuzi+,ariko abagororotsi bironkera ivyiza vyinshi+.
22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abuzukuru biwe,ariko ubutunzi bw’umucumuzi buzobikirwa umugororotsi+.
23 Umurima w’umukene urimbuka cane,ariko barashobora kuwumutwara* ku karenganyo.
24 Uwurinda inkoni* umwana wiwe aba amwanka+,ariko uwumukunda aritwararika* kumukosora+.
25 Umugororotsi ararya agahaga+,ariko inda y’umubisha iguma igaragara+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «w’inkerebutsi.»
^ Canke «akanwa kiwe.»
^ Canke «uwutaburura iminwa yiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azodoheshwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nta n’uwubakankamira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uranezerwa.»
^ Canke «abaja inama.»
^ Canke «ribonetse mu nzira mbi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’uwutoragura n’intoke.»
^ Canke «yizigiye.»
^ Canke «ijambo.»
^ Canke «itegeko.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «kumwica.»
^ Canke «uwanka gutoza indero», «uwanka guhana.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntateba.»