Imigani 15:1-33
15 Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake+,ariko ijambo ribabaza ritera ishavu+.
2 Ururimi rw’abanyabwenge* rukoresha neza ubumenyi+,ariko akanwa k’ibijuju gasuka ubupfu.
3 Amaso ya Yehova ari ahantu hose:aguma yihweza ababi n’abeza+.
4 Ururimi rw’ubwitonzi* ni igiti c’ubuzima+,ariko amajambo y’ububeshi avuna* umutima.
5 Umuntu w’ikijuju asuzugura indero ya se+,ariko umuntu yiyubara aremera gukosorwa+.
6 Mu nzu y’umugororotsi hari itunga ryinshi,ariko umwimbu w’umubisha umutera ingorane+.
7 Iminwa y’abanyabwenge iguma ikwiragiza ubumenyi+,ariko umutima w’ibijuju si ko umera+.
8 Ikimazi c’ababisha kirashisha Yehova+,ariko isengesho ry’abagororotsi riramuhimbara+.
9 Inzira y’umubisha irashisha Yehova+,ariko uwihatira gukora ibigororotse aramukunda+.
10 Uwuriko arata inzira abona ko gutozwa indero ari bibi*+,ariko umuntu wese yanka gukosorwa azopfa+.
11 Ukuzimu n’ikibanza c’agatikizo* biri imbere ya Yehova+.
Hari akantu rero imitima y’abantu+!
12 Ikigaba ntigikunda uwugikosora+.
Nticigera gihanuza abanyabwenge*+.
13 Umutima unezerewe utuma mu maso haba ahakeye,ariko umubabaro utuma umuntu avunika umutima+.
14 Umutima w’umunyabwenge* urarondera ubumenyi+,ariko akanwa k’ibijuju gakurikirana* ubupfu+.
15 Imisi yose y’umuntu yigorewe ni mibi+,ariko uwufise umutima uhimbawe* yama mu misi mikuru+.
16 Wopfuma utunga bike ariko ugatinya Yehova+hako uronka itunga ryinshi ariko ukama mu maganya*+.
17 Isahani y’imboga itanganywe urukundo+iruta impfizi y’inka ivyibushe* itanganywe urwanko+.
18 Umuntu ashavura ningoga avyura amahane+,ariko uwuteba gushavura atururuza amatati+.
19 Inzira y’ikinebwe imeze nk’uruzitiro rw’amahwa+,ariko inzira y’abagororotsi imeze nk’ibarabara riringaniye+.
20 Umwana w’ubwenge* anezereza se+,mugabo umuntu w’ikijuju asuzugura nyina+.
21 Ubupfu buraryohera umuntu atagira ubwenge*+,ariko umuntu afise ugutahura agenda atumbereye imbere+.
22 Imigambi irapfa iyo hatabaye ukuja inama*,ariko iyo hari abajanama* benshi iragenda neza+.
23 Umuntu arahimbarwa no gutanga inyishu nziza*+,kandi ijambo rivuzwe ku mwanya ubereye ni ryiza cane+!
24 Inzira y’ubuzima itera iduga ku muntu afise ugutahura*+,kugira imukure epfo mu kuzimu+.
25 Yehova azosambura inzu y’abishira hejuru+,ariko azokingira akarimbi k’umupfakazi+.
26 Amayeri y’ababisha arasesema Yehova+,ariko amajambo meza aramuhimbara+.
27 Uwurondera itunga ribi akwegera ingorane* urugo rwiwe+,ariko uwanka igiturire azobandanya kubaho+.
28 Umutima w’umugororotsi urazirikana imbere yo kwishura*+,ariko akanwa k’ababisha gasuka ibintu bibi.
29 Yehova ari kure y’ababisha+,ariko arumva isengesho ry’abagororotsi.
30 Amaso akeye atuma umutima unezerwa,kandi agakuru keza karahembura amagufa*+.
31 Uwumvira impanuro itanga ubuzimaaharurwa mu bantu b’inkerebutsi+.
32 Uwanka gutozwa indero ntaba yikunda+,ariko uwemera gukosorwa arironkera ugutegera*+.
33 Gutinya Yehova bituma umuntu aba inkerebutsi+,kandi imbere y’ubuninahazwa habanza ukwicisha bugufi+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «ururimi ruvura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ajanjagura.»
^ Canke «bikaze.»
^ Canke «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «karya.»
^ Canke «w’umuntu afise ugutegera.»
^ Canke «mwiza.»
^ Canke «mu ruhagarara.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yagabuririwe mu bwato.»
^ Canke «w’inkerebutsi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»
^ Canke «hatabaye ikiyago co mw’ibanga.»
^ Canke «abahanuzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inyishu y’akanwa kiwe.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «ibimaramare.»
^ Canke «urasuzuma neza ukuntu wishura», «uriyumvira imbere yo kuvuga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «karadohesha amagufa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»