Imigani 18:1-24

  • Kwigunga si vyiza (1)

  • Izina rya Yehova ni umunara ukomeye (10)

  • Ubutunzi ntibukingira umuntu vy’ukuri (11)

  • Ni vyiza kwumviriza impande zose (17)

  • Umugenzi arakwumirako kuruta uwo muvukana (24)

18  Uwigunga aba arondera guhaza ivyipfuzo vyiwe bibi,kandi arwanya* impanuro nziza zose*.   Umuntu w’ikijuju ntahimbarwa n’ugutegera.Ahitamwo guserura ibiri mu mutima wiwe+.   Umubisha n’agateterwe biragendana,kandi uwukoze ibintu biteye isoni aba yisize iceyi+.   Amajambo y’umuntu ameze nk’amazi y’ibenga+. Isoko ry’ubukerebutsi rimeze nk’umugezi utemba.   Si vyiza kugirira nkunzi umubisha+,canke kurenganya umugororotsi+.   Amajambo y’ikijuju akwega amahane+,kandi akanwa kaco kagikwegera inkoni+.   Akanwa k’ikijuju kagikwegera guhona+,kandi iminwa yaco ni umutego ku buzima bwaco.   Amajambo y’umubeshi* ameze nk’ivyo kurya biryoshe*+:umuntu arabimira ubwo nyene bigaca bimanuka mu nda+.   Umuntu anebwa ku gikorwa ciweaba yigize mwenewabo n’umwambuzi+. 10  Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi arawuhungiramwo agakingirwa*+. 11  Itunga ry’umutunzi ni co gisagara ciwe gikomeye.Mu bwenge bwiwe rimeze nk’uruhome rumukingira+. 12  Ubwibone mu mutima w’umuntu bumushikana ku gutemba+,ariko ukwicisha bugufi kumushikana ku buninahazwa+. 13  Uwishura atarumva neza uko ibintu vyifashe,aba ari ikijuju kandi aba yimaramaje+. 14  Umutima uremye utuma umuntu yihanganira indwara+,ariko umutima utuntuye*, ni nde yowihanganira+? 15  Umutima w’umuntu aciye ubwenge* uraronka ubumenyi+,kandi ugutwi kw’umuntu w’inkerebutsi kurarondera ubumenyi. 16  Ingabire y’umuntu iramucira inzira+.Ituma ashikira abantu bakomakomeye. 17  Uwutanguye kuvuga mu rubanza womenga ari mu kuri+,gushika uwo baburana aje akamuhinyuza*+. 18  Ubupfindo burarangiza impari+,bukabanguranya* abakomeye bari bahanganye. 19  Kugarura umuvukanyi yababaye biragoye kuruta gufata igisagara gikingijwe ibihome+,kandi hariho amatati ameze nk’ivyugazo vy’igisagara gikomeye+. 20  Amajambo ava mu kanwa k’umuntu atuma inda yiwe ihaga+.Azohazwa n’ivyo iminwa yiwe yama. 21  Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi+.Abakunda kurukoresha bategerezwa kwemera ingaruka zarwo+. 22  Uwuronse umugore mwiza aba aronse ikintu c’agaciro+,kandi Yehova aramushima*+. 23  Umukene avuga yinginga,ariko umutunzi akamwishura amukarira. 24  Hariho abagenzi baguma barondera kumarana+,ariko hariho umugenzi akwumirako kuruta uwo muvukana+.

Utujambo tw'epfo

Canke «asuzugura.»
Canke «ubukerebutsi nyabwo bwose.»
Canke «nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho.»
Canke «uwambika ibara abandi.»
Mu giheburayo havuga ngo «agashirwa hejuru.» Ni ukuvuga ahantu ata wohashika, hatekanye.
Canke «wihebuye cane.»
Canke «afise ugutegera.»
Canke «akamuserangura.»
Mu giheburayo havuga ngo «bugatandukanya.»
Canke «aramugirira neza.»