Imigani 2:1-22
2 Mwananje, niwakira neza amajambo yanjekandi ukabika muri ntibate amabwirizwa yanje+,
2 mu gutega ugutwi ubukerebutsi+no mu gushira umutima ku gutahura+,
3 vyongeye, niwahamagara ugutegera+kandi ugashira ijwi hejuru urondera ugutahura+,
4 niwaguma ubirondera nk’uwurondera ifeza+kandi ukaguma ubirondera nk’uwurondera itunga ryanyegejwe+,
5 uzoheza utahure ico ari co gutinya Yehova+kandi uzomenya Imana+.
6 Kuko Yehova ari we atanga ubukerebutsi+,kandi mu kanwa kiwe havayo ubumenyi n’ugutahura.
7 Abikira abagororotsi ubukerebutsi nyabwo.Ni inkinzo ku baguma ari intungane+.
8 Arinda abagororotsi mu nzira zabo,agakingira intahemuka ziwe mu nzira yabo+.
9 Uzoheza kandi utahure ibintu bigororotse, bitunganye kandi vy’ukuri,utahure n’inzira nziza iyo ari yo+.
10 Ubukerebutsi nibwinjira mu mutima wawe+kandi ubumenyi bukaguhimbara+,
11 ubushobozi bwo kwiyumvira buzogukingira+,ugutahura na kwo kukuzigame,
12 kugira bikurinde inzira mbin’abantu bavuga ibigoramye+,
13 bikurinde abantu bava mu nzira igororotsekugira bagendere mu nzira y’umwiza+,
14 abantu banezerwa no gukora ibibi,bagahimbarwa n’ibibi vy’agahomerabunwa,
15 abagendera mu nzira zigoramyekandi buzuye amanyanga mu vyo bakora vyose.
16 Bizokurinda umugore w’igitandero*,bikurinde amajambo asosa* y’umugore w’igihumbu*+,
17 ata umugenzi somambike* wo mu bukumi bwiwe+,akibagira isezerano yagiranye n’Imana yiwe.
18 Kuko inzu yiwe inyika ija mu rupfu,kandi inzira ziwe zijana mu kuzimu+.
19 Mu basambana na we* nta n’umwe azogaruka,kandi ntibazosubira kugendera mu nzira y’ubuzima+.
20 Nugendere rero mu nzira y’abantu bezakandi wigumire mw’ibarabara ry’abagororotsi+.
21 Kuko abagororotsi gusa ari bo bazokwibera kw’isi,kandi intungane* gusa ni zo zizoyisigarako+.
22 Ariko ababisha bazokurwa kw’isi+,kandi ibihemu bizorandurwa kuri yo+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «w’umunyamahangakazi.» Yitwa umunyamahangakazi kubera atisunga amategeko y’Imana yerekeye inyifato runtu.
^ Canke «aryosharyosha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «w’umunyamahangakazi.» Yitwa umunyamahangakazi kubera atisunga amategeko y’Imana yerekeye inyifato runtu.
^ Canke «ata umugabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu binjira iwe.»
^ Canke «abatagirako umugayo.»