Imigani 24:1-34

  • Ntiwumvire agashari inkozi z’ikibi (1)

  • Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu (3)

  • Umugororotsi naho yogwa azohaguruka (16)

  • Ntiwihore (29)

  • Gukunda agatiro bitera ubukene (33, 34)

24  Ntiwumvire agashari abantu b’inkozi z’ikibi,kandi ntiwipfuze kwifatanya na bo+,   kuko baguma biyumvira ibintu vy’ububisha,bakaguma bavuga ibibi bagomba gukora.   Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu*+,kandi ugutahura* ni kwo gutuma itekana.   Ubwenge ni bwo butuma ivyumba vyayo vyuzuraibintu vyose vy’agaciro kandi bihimbaye+.   Umuntu w’inkerebutsi ari n’ububasha+,kandi ubumenyi burongereza ububasha umuntu afise.   Ukwiye kurwana intambara yawe wisunze impanuro nziza*+,kandi abajanama* benshi batuma haboneka intsinzi*+.   Ikijuju ntigishobora kuronka ubukerebutsi nyakuri+.Ntikironka ico kivuga kw’irembo ry’igisagara.   Umuntu wese ategura gukora ikibiazokwitwa karuhariwe mu vyiyumviro bibi+.   Imigambi y’ikijuju* ishikana ku gicumuro,kandi abantu baranka umucokoranyi+. 10  Niwacika intege ku musi w’ivyago*,inkomezi zawe zizogabanuka. 11  Nutabare abariko bajanwa kwicwa,urokore abagenda baricako bagiye kwicwa+. 12  Hamwe wovuga uti: «Ivyo nta vyo twari tuzi», mbega umwe asuzuma imitima* ntazobimenya+? Emwe, umwe akwitegereza azobimenyakandi azohemba umuntu wese yisunze ivyo yakoze+. 13  Mwananje, rya ubuki kuko ari bwiza.Ubuki bwo mu kimamara buraryoshe. 14  Ariko kandi umenye ko ubukerebutsi ari bwiza kuri wewe+. Niwaburonka uzogira kazoza keza,kandi uzokwamana icizigiro+. 15  Ntubunde iruhande y’inzu y’umugororotsi ufise intumbero mbi.Ntusambure ahantu hiwe aruhukira. 16  Kuko umugororotsi yoshobora kugwa incuro indwi, mugabo azohaguruka+.Ariko ababisha bazotsitazwa n’ivyago+. 17  Umwansi wawe niyagwa, ntuze uhimbarwe,kandi niyatsitara, ntuze unezerwe mu mutima+. 18  Ahandiho Yehova azobibona bimubabaze,maze ace areka kumushavurira+. 19  Ntushavure* kubera inkozi z’ikibi,kandi ntiwumvire agashari ababisha, 20  kuko abanyakibi ata kazoza bagira+kandi itara ry’ababisha rizozima+. 21  Mwananje, tinya Yehova n’umwami+. Ntiwifatanye n’abagumutsi*+, 22  kuko amakuba azobazako giturumbuka+. None ni nde azi ivyago bazobateza*+? 23  Aya majambo na yo nyene ni ay’abanyabwenge: si vyiza kugira nkunzi mu rubanza+. 24  Uwubwira umubisha ngo «uri umugororotsi+», abantu bazomuvuma kandi amahanga azomwiyamiriza. 25  Ariko abamukosora+ bizobagendera neza.Bazokwironkera umuhezagiro w’ibintu vyiza+. 26  Abantu bazosoma umuntu avugisha ukuri mu kwishura*+. 27  Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, utegure ibikenewe vyose mu mirima,uheze wubake inzu yawe*. 28  Ntiwagirize mugenzawe ibintu bitagira ishingiro+. Ntukoreshe iminwa yawe mu guhenda abandi+. 29  Ntuvuge ngo: «Nzomukorera nk’ivyo yankoreye.Nzomusubiriza mu nkoko*+ 30  Naciye iruhande y’umurima w’ikinebwe+,iruhande y’umurima w’imizabibu w’umuntu atagira ubwenge*. 31  Nasanze wuzuyemwo ivyatsi bibi.Wari wuzuyemwo ivyatsi vy’ibisuru,kandi uruhome rwawo rw’amabuye rwari rwarasambutse+. 32  Naravyitegereje kandi ndabizirikana.Narabibonye maze ndahakura iki cigwa: 33  Iryamire gatoyi, wisinzirire gatoyi,uzinge amaboko wiruhukire 34  maze ubukene buzokuzako nk’igisuma,amagorwa akuzeko nk’umuntu yitwaje ikirwanisho+.

Utujambo tw'epfo

Canke «urugo.»
Canke «ukubona kure.»
Canke «uburongozi bw’ubuhanga.»
Canke «abahanuzi.»
Canke «ukuroranirwa», «ubukiriro.»
Canke «y’ubupfu.»
Canke «mu bihe vy’ingorane.»
Canke «imvo.»
Canke «nturungure.»
Canke «n’abashaka amahinduka.»
Ni ukuvuga Yehova n’umwami.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kwishura udakikiriza bimeze nko gusoma umuntu.»
Canke «urugo rwawe.»
Canke «nzomwishura ingere ku yindi.»
Mu giheburayo havuga ngo «atagira umutima.»