Imigani 3:1-35

  • Ca ubwenge wizigire Yehova (1-12)

    • Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vy’agaciro (9)

  • Ubukerebutsi butuma duhimbarwa (13-18)

  • Ubukerebutsi buraturinda (19-26)

  • Ingene dukwiye gufata abandi (27-35)

    • Korera iciza abandi igihe ubishoboye (27)

3  Mwananje, ntiwibagire inyigisho* yanje,kandi wubahirize amabwirizwa yanje n’umutima wawe wose,   kuko bizokuronsa imisi myinshin’imyaka myinshi yo kubaho hamwe n’amahoro+.   Ntuhebe urukundo* n’ubwizigirwa*+. Nubibohere kw’izosi ryawe,uvyandike ku gisate c’umutima wawe+.   Uzoheza ugire ubutoni, uboneke ko uciye ubwenge*imbere y’Imana n’abantu+.   Niwizigire Yehova+ n’umutima wawe wose,kandi ntiwiheke* ku bwenge bwawe*+.   Numwibuke mu vyo ukora vyose+,na we azogorora inzira zawe+.   Ntiwigire umunyabwenge*+. Tinya Yehova, uce kure ikibi.   Ivyo bizobera umuti umubiri* wawe,kandi bizoruhurira amagufa yawe.   Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro+be n’ivyeze ubwa mbere* mu mwimbu wawe wose+. 10  Maze ibigega vyawe bizokwuzura bisesekare,amato* uganiramwo na yo yuzure umuvinyu mushasha+. 11  Mwananje, ntiwanke gutozwa indero na Yehova+kandi nturakare igihe agukosoye+, 12  kuko Yehova akosora uwo akunda+,nka kurya umuvyeyi akosora umwana amuhimbara+. 13  Hahiriwe umuntu yironkera ubukerebutsi+be n’umuntu yironkera ugutahura. 14  Kuronka ubwenge biruta kuronka ifeza,kandi kubwunguka biruta kwunguka inzahabu+. 15  Buri n’agaciro kuruta amabuye yitwa korali*.Nta kintu na kimwe umuntu yipfuza cogereranywa na bwo. 16  Mu kuboko kwabwo kw’ukuryo hari ukuramba,mu kubamfu na ho hari ubutunzi n’ubuninahazwa. 17  Inzira zabwo zirahimbaye,kandi amabarabara yabwo yose arangwa n’amahoro+. 18  Ni igiti c’ubuzima ku babucakira,kandi ababugumya bose bazokwitwa abahirwe+. 19  Yehova yaremye isi akoresheje ubwenge*+. Yarakomeje ijuru akoresheje ugutahura+. 20  Biciye ku bumenyi bwiwe, yaratandukanije amabenga y’amazi,yongera atuma ibicu vyo mu kirere bitonyanga imvura+. 21  Mwananje, nubigumizeko* ijisho. Zigama ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira. 22  Bizotuma uronka ubuzimakandi bizokubera agasharizo mw’izosi. 23  Uzoheza wigire utekanye mu nzira yawe,kandi ikirenge cawe ntikizokwigera gitsitara+. 24  Nta bwoba uzogira niwaryama+.Uzokwiryamira kandi uzosinzira agatiro karyoshe+. 25  Ntuzotinya ibintu biteye akaga bije giturumbuka+canke igihuhusi kije ku babisha+. 26  Kuko Yehova azokubera ivyizigiro+.Azorinda ikirenge cawe ntigifatwe n’umutego+. 27  Ntureke kugirira iciza abagikeneye*+kandi wari ushoboye kubafasha+. 28  Ntubwire mugenzawe ngo: «Genda uzogaruka, nzoguha ejo», kandi wari ushoboye kumuha ubwo nyene. 29  Ntiwiyumvire kugirira nabi mugenzawe+,kandi yibaniye amahoro nawe. 30  Ntushwanire umuntu ata co mupfa+,nimba ata kibi yagukoreye+. 31  Ntiwumvire agashari umuntu w’inkozi y’ikibi+canke ngo wigane ingeso ziwe, 32  kuko umuntu w’amanyanga ashisha Yehova+,ariko abagororotsi ababera umugenzi somambike+. 33  Umuvumo wa Yehova uri ku nzu y’ababisha+,ariko umuhezagiro wiwe uri ku nzu y’abagororotsi+. 34  Kuko atwengera mw’ijigo abacokoranyi+,ariko abitonda abagirira ubuntu+. 35  Abanyabwenge bazoterwa* iteka,ariko ibijuju bishira imbere ibintu vy’akamaramaza+.

Utujambo tw'epfo

Canke «itegeko.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «n’ukuri.»
Canke «ko ufise ugutahura kwimbitse.»
Canke «ntiwishimikize.»
Canke «ku gutegera kwawe.»
Canke «inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukondo.»
Canke «ibintu vyizavyiza», «umushuzo.»
Canke «ibikono.»
Canke «ubukerebutsi.»
Biboneka ko ari kamere z’Imana zavuzwe mu mirongo y’imbere y’aho.
Canke «ababibereye.»
Canke «bazotorana.»