Imigani 31:1-31

  • AMAJAMBO Y’UMWAMI LEMUWELI (1-31)

    • Umugore abishoboye ni nde yomuronka? (10)

    • Arakora cane (17)

    • Avugana ubuntu (26)

    • Abana biwe n’umugabo wiwe baramushemeza (28)

    • Igikundiro n’ubwiza birahera (30)

31  Amajambo y’umwami Lemuweli, ubutumwa buhambaye nyina wiwe yamuhaye kugira amwigishe+:   Ndakubwire iki ga mwananje?Ndakubwire iki ga mwana nivyariye?Ndakubwire iki ga mwana w’indagano zanje+?   Ntuhe inkomezi zawe abagore+,canke ngo ufate inzira zitikiza abami+.   Ewe Lemuweli, ntibibereye,ntibibereye ko abami banywa umuvinyu,canke ko abatware bavuga ngo: «Duhe inzoga twinywere+   Ahandiho bonywa bakibagira amategeko,maze bakagoramika urubanza rw’abantu batobato.   Nimuhe inzoga abagira bacikane+,muhe umuvinyu abadundumiwe mu mutima+.   Nibanywe maze bibagire ubukene bwabo,ntibasubire kwibuka ingorane zabo.   Vugira abatazi kwivugira,uburanire abagiye gupfa bose+.   Vuga, kandi uce imanza mu bugororotsi.Buranira* abantu batobato n’abakene+. א [Alefu] 10  Umugore abishoboye*+ ni nde yomuronka? Ari n’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali*. ב [Beti] 11  Umugabo wiwe aramwizigira n’umutima wiwe wose,kandi araronka ivyo akeneye vyose. ג [Gimelu] 12  Yishura ivyiza umugabo wiwe,kandi nta kibi na kimwe amukorera, ubuzima bwiwe bwose. ד [Daleti] 13  Ararondera ubwoya n’inyuzi z’ilino,kandi arahimbarwa no gukoresha amaboko yiwe+. ה [He] 14  Ameze nk’amato* y’umudandaza+.Ibifungurwa vyiwe abikura kure. ו [Vau] 15  Vyongeye, avyuka butaracamaze agaha ibifungurwa urugo rwiwe,n’abasukukazi akabaha rwabo+. ז [Zayini] 16  Ariyumvira kwironsa itongo kandi akarigura,agatera umurima w’imizabibu akoresheje ivyo yabiriye akuya*. ח [Heti] 17  Arakora ibikorwa biruhisha*+,kandi agakoresha amaboko yiwe yivuye inyuma. ט [Teti] 18  Arabona ko urudandaza rwiwe rwunguka,kandi itara ryiwe ntirizima mw’ijoro. י [Yodi] 19  Amaboko yiwe afata inkoni iriko ikizingo kivamwo inyuzi,intoke ziwe na zo zigafata agati bazingirako urunyuzi+. כ [Kafu] 20  Araramvura ukuboko agafasha abantu batobato,agapfumbaturura igipfunsi agafasha abakene+. ל [Lamedi] 21  Ntatinya ko imbeho* yobangamira urugo rwiwe,kuko abo mu rugo rwiwe bose bambaye impuzu zisusurutsa*. מ [Memu] 22  Ni we yihingurira ibisaswa. Impuzu ziwe zikozwe mu nyuzi z’ilino* no mu bwoya busa n’umuyugubwe*. נ [Nuni] 23  Umugabo wiwe arazwi neza mu marembo y’igisagara+,aho yicara ari kumwe n’abashingantahe baho*. ס [Sameki] 24  Arahingura impuzu z’ilino kandi akazigurisha,akagurisha n’imikaba* ku badandaza. ע [Ayini] 25  Inkomezi n’icubahiro ni vyo bimuranga*,kandi ntatinya kazoza*. פ [Pe] 26  Iyo ateranuye akanwa avugana ubwenge+,kandi itegeko ry’ubuntu* riri ku rurimi rwiwe. צ [Tsade] 27  Arakurikirana neza ibikorwa vy’urugo rwiwe,kandi ntarya ivyo kurya atakoreye*+. ק [Kofu] 28  Abana biwe barahaguruka bakavuga ko ahiriwe,kandi umugabo wiwe arahaguruka akamushemeza. ר [Reshi] 29  Hari abagore benshi babishoboye*,ariko wewe, emwe urabaheta bose. ש [Shini] 30  Igikundiro kirashobora guhenda, n’ubwiza burashobora guhera*+,ariko umugore atinya Yehova azoshemezwa+. ת [Tau] 31  Nimumuhe impembo kubera ivyo akora*+,kandi ashemezwe mu marembo y’igisagara kubera ibikorwa vyiwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «buranira uburenganzira.»
Canke «ameze neza cane.»
Canke «nk’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «ivyo yungutse.» Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa vy’amaboko yiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «arakenyera inkomezi mu mafyinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «impuzu zirimwo zibirizibiri.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «b’igihugu.»
Canke «imisipi.»
Canke «ni vyo yambaye.»
Canke «kandi aratwenga umusi w’ejo.»
Canke «inyigisho irimwo urukundo», «itegeko ry’urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate w’ubunebwe.»
Canke «bameze neza cane.»
Canke «gucika ubusa.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimumuhe ku vyamwa vy’amaboko yiwe.»