Imigani 5:1-23
5 Mwananje, nutege ugutwi amajambo yanje y’ubukerebutsi.
Niwumvirize neza ivyo ndakwigisha ku bijanye n’ugutahura+,
2 kugira uzigame ubushobozi bwawe bwo kwiyumvirakandi wame uvuga ibintu bihuye n’ukuri+.
3 Kuko iminwa y’umugore w’igitandero* itonyanga nk’ikimamara c’ubuki+,kandi akanwa kiwe kanyerera kuruta amavuta+.
4 Ariko ingaruka ziva kuri we zimeze nk’umururazi*+,kandi zirakarishe nk’inkota y’ubugi bubiri+.
5 Ibirenge vyiwe bimanuka bija mu rupfu,
kandi intambwe ziwe zishikana neza na neza mu kuzimu.
6 Ntiyitaho na gato inzira y’ubuzima.
Aguma ayerera atazi n’iyo ariko araja.
7 Ubu rero ga mwananje*, nunyumvirizekandi ntufate minenegwe ivyo nkubwira.
8 Numuce kure,kandi ntiwegere umuryango w’inzu yiwe+,
9 kugira ntuhave uha abandi icubahiro cawe+canke ngo wimbure imibabaro mu myaka usigaje kubaho+,
10 kugira abantu b’ivyaduka ntibakumarireko utwawe*+,ngo ivyo wabiriye akuya biherere mu nzu y’umunyamahanga.
11 Ahandiho uzoboroga mu mpera y’ubuzima bwawe,igihe inyama zawe n’umubiri wawe bizoba biriko birashira+,
12 maze ukavuga uti: «Ese ukuntu nanse gutozwa indero!
Ese ukuntu umutima wanje wanse gukosorwa!
13 Naranse kwumviriza abanyigishakandi sinateze ugutwi abampanura.
14 None ehe raba ngeze ku munwa w’icoboishengero ryose rikoranye*+.»
15 Nunywe amazi yo mw’itangi ryawehamwe n’ayatemba* ava mw’iriba ryawe+.
16 Kubera iki amasoko yawe y’amazi yosanzara hanze,n’imigezi yawe igasanzara mu bibanza rusangi*+?
17 Nibibe rwawe gusa,ntibibe ivy’abantu b’ivyaduka+.
18 Isoko ryawe ry’amazi nirihezagirwe,kandi unezeranwe n’umugore wo mu busore bwawe+,
19 impongokazi y’igikundiro, impene ihimbaye yo mu misozi+.
Amabere yiwe nakubumbe* ibihe vyose.
Urukundo rwiwe rwame rugutwara umutima+.
20 Mwananje, kubera iki wotwarwa umutima n’umugore w’igitandero*canke ukagumbira* umugore w’igihumbu*+?
21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere ya Yehova,kandi arasuzuma ivyo akora vyose+.
22 Umubisha azogwa mu mutego kubera amakosa yiwe,kandi azofatwa n’imigozi y’igicumuro ciwe+.
23 Azopfa kubera yanka gutozwa indero,kandi azozimira kubera ubujuju bwiwe burenze.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nk’ibamba.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bane banje.»
^ Canke «inguvu zawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’ikoraniro n’ishengero.»
^ Canke «n’amazi meza.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «nakuboreze.»
^ Canke «ukagumbira igikiriza.»