Imigani 8:1-36

  • Ubukerebutsi burasemerera nk’umuntu (1-36)

    • «Ndi intango y’ibikorwa vy’Imana vya kera cane» (22)

    • «Nari iruhande y’Imana nk’umukozi w’umuhanga» (30)

    • «Narakunda cane abana b’abantu» (31)

8  Mbega ubukerebutsi ntibuguma buhamagara? Mbega ugutahura ntikuguma gusemerera+?   Ahantu hataramutse+ iruhande y’inzira,ku masanganzira, ni ho buhagaze.   Iruhande y’amarembo yinjira mu gisagara,ku bwinjiriro bw’imiryango yaco,buguma busemerera n’ijwi rirenga+ buti:   «Ni mwebwe ndiko ndaha⁠magara, mwa bantu mwe!Ndiko ndasemerera mbwira abantu bose*!   Yemwe bantu mutagira ubwenge, nimwige kwiyubara+.Mwa bijuju mwe, nimwironse ugutegera*.   Nimunyumvirize, kuko ivyo mvuga bihambaye,kandi iminwa yanje ivuga ibigororotse.   Akanwa kanje kavuga ukuri n’ijwi ritoyi,kandi iminwa yanje ntiyerekwa ikinyoma.   Ivyo mvuga vyose biragororotse, nta na kimwe kigoramye canke gihetamye.   Vyose birumvikana ku bantu bafise ugutahura,kandi biragororotse ku bantu bafise ubumenyi. 10  Nimuhitemwo indero* yanje aho guhitamwo ifeza,muhitemwo ubumenyi aho guhitamwo inzahabu nzizanziza+. 11  Kuko ubukerebutsi ari bwiza kuruta amabuye yitwa korali*.Ibindi bintu vyose vy’agaciro ntivyogereranywa na bwo. 12  Jewe bukerebutsi mbana n’ukwiyubara.Ubumenyi n’ubushobozi bwo kwiyumvira+ bibarizwa iwanje. 13  Gutinya Yehova bisobanura kwanka ikibi+. Ndanka ukwishira hejuru, ubwishime+, inzira mbi n’amajambo agoramye+. 14  Ndafise impanuro nziza n’ubukerebutsi nyabwo+.Ugutegera+ n’ububasha+ ni ivyanje. 15  Biciye kuri jewe, abami baguma baganza,kandi abategetsi bakurubakuru bafata ingingo zigororotse+. 16  Biciye kuri jewe, abategetsi* baguma bategeka,kandi abanyacubahiro baca imanza zigororotse. 17  Ndakunda abankunda,kandi abandondera barandonka+. 18  Ubutunzi n’ubuninahazwa bibarizwa iwanje,ubutunzi bwamaho* be n’ubugororotsi. 19  Ivyo ntanga ni vyiza kuruta inzahabu, mbere inzahabu ityoroye,kandi ivyo nama ni vyiza kuruta ifeza nzizanziza+. 20  Ngendera mu nzira y’ubugororotsi,hagati mu nzira y’ubutungane. 21  Abankunda ndabaha intoranwa nziza,ibigega vyabo nkavyuzuza ibintu vy’agaciro. 22  Ni jewe Yehova yatanguriyeko kurema+,intango y’ibikorwa vyiwe vya kera cane+. 23  Nashizweho kuva kera cane+,kuva mu ntango, kuva isi itarabaho+. 24  Navyawe ibiyaga bitarabaho+,inzuzi zuzuye amazi zitarabaho. 25  Navutse imitumba itarabaho,imbere y’uko imisozi ishirwaho, 26  atararema isi n’agahinga*canke ikinonko na kimwe c’ivu. 27  Igihe yategura ijuru+ ni ho nari.Igihe yashiraho urubibe* rutandukanya ijuru n’ikiyaga+, 28  igihe yashira ibicu hejuru,igihe yashiraho amasoko y’amazi yo mu kuzimu, 29  igihe yashingira ikiyaga itegekokugira amazi yaco ntarenge akarimbi yagishingiye*+,igihe yashiraho* imishinge y’isi, 30  ico gihe nari iruhande yiwe nk’umukozi w’umuhanga+. Yaranyiyumvamwo cane+ imisi yose.Nama mpimbawe igihe cose imbere yiwe+. 31  Narahimbarwa n’isi yateguye kugira ibeko abantu,kandi narakunda cane abana b’abantu*. 32  Ubu rero bane banje, nimunyumvirize.Hahiriwe abagumya inzira zanje. 33  Nimwemere gutozwa indero+ maze mube inkerebutsi,ntimwigere muyisuzugura. 34  Hahiriwe umuntu anyumviriza,akama azindukira* ku muryango wanje buri musi,akarindirira ku bwinjiriro bw’inzu yanje. 35  Kuko uwundonse aba aronse ubuzima+,kandi arashimwa na Yehova. 36  Ariko uwunyirengagiza aba yigiriye nabi,kandi abanyanka baba bakunda urupfu+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’abantu.»
Canke «umutima utegera.»
Canke «abaganwa.»
Canke «iragi ry’agaciro.»
Canke «n’imirima yayo.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe yaca umuzingi.»
Canke «ntarenge itegeko ryiwe.»
Canke «yashinga.»
Canke «umuryango w’abantu.»
Canke «akaguma ari maso.»