Indirimbo ya Salomo 1:1-17

  • Indirimbo nziza kuruta izindi (1)

  • Umukobwa (2-7)

  • Abakobwa b’i Yeruzalemu (8)

  • Umwami (9-11)

    • «Tuzogukorera udusharizo tw’inzahabu» (11)

  • Umukobwa (12-14)

    • «Umukunzi wanje ameze nk’agasaho k’imira kamota neza» (13)

  • Umwungere (15)

    • «Uri mwiza rukundo rwanje»

  • Umukobwa (16, 17)

    • «Mukunzi wanje, uri mwiza» (16)

1  Indirimbo nziza kuruta izindi*, ikaba ari iya Salomo+:   «Nunsomagure n’iminwa yawe,kuko urukundo rwawe ruruta umuvinyu+.   Akamoto k’amavuta yawe ni keza cane+. Izina ryawe rimeze nk’amavuta amota basuka ku mutwe+. Ni co gituma abakobwa bagukunda.   Numfate unjane*, twiruke. Kuko umwami yanyinjije mu vyumba vyiwe! Reka turyoherwe, tunezeranwe. Duhayagize* urukundo rwawe kuruta umuvinyu. Ni co gituma bagukunda*.   Mwa bakobwa b’i Yeruzalemu, ndirabura ariko ndi mwiza.Meze nk’amahema y’i Kedari+, nk’ibitambara vy’amahema+ ya Salomo.   Ntimundabe cane ngo ni uko nirabura,ngo ni uko izuba ryambabuye. Basazanje baranshavuriye,baca bandungika gucunga imirima y’imizabibu,ariko umurima wanje bwite sinawucunze.   Ewe mukunzi wanje, mbwiraaho uragira ibitungwa vyawe+,aho biruhukira ku mutaga. Kubera iki noba nk’umugore yitwikiriye*hagati y’ibitungwa vya bagenzawe?»   «Nimba utahazi, ga mwigeme mwiza kuruta abandi bose,nukurikire inzira ibitungwa vyaciyemwo,uragire imyagazi yawe y’impene iruhande y’amahema y’abungere.»   «Rukundo rwanje, uri mwiza nk’ifarasi* iboheye ku mikogote ya Farawo+. 10  Amatama yawe araberewe n’udusharizo*,izosi ryawe na ryo risharijwe n’imirongo y’utudede. 11  Tuzogukorera udusharizo* tw’inzahabuturiko udupfundo tw’ifeza.» 12  «Igihe umwami akiri ku meza yiwe,amavuta yanje*+ ararekura akamoto kayo. 13  Umukunzi wanje ameze nk’agasaho k’imira* kamota neza+ndarana mw’ijoro hagati y’amabere yanje. 14  Umukunzi wanje ameze nk’agashami k’ihina*+mu mirima y’imizabibu y’i Eni-Gedi+ 15  «Uri mwiza rukundo rwanje! Uri mwiza cane! Amaso yawe asa n’ay’inuma+ 16  «Mukunzi wanje, uri mwiza kandi urahimbaye+. Amababi y’ibiti atibagurika mw’ishamba ni yo gitanda cacu. 17  Amatangi y’inzu yacu* ni amasederi,igisenge cayo na co ni ibiti vy’imiberoshi*.

Utujambo tw'epfo

Canke «indirimbo y’agaheta.»
Canke «nunkwege unjane.»
Canke «tuyage.»
Ni ukuvuga ba bakobwa.
Canke «yambaye umwitwikiro w’ikigandaro.»
Canke «nk’ifarasi yanje y’ingore.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu bisuko vy’imishatsi yawe.»
Canke «ingori.»
Mu giheburayo havuga ngo «narada yanje.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «nk’umusoko w’ihina.»
Canke «inzu yacu nziza.»
Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.