Indirimbo ya Salomo 3:1-11
3 Nararondeye umukunzi wanje+,ndi ku gitanda canje mw’ijoro.
Naramurondeye ariko sinamuronka+.
2 Naciye nibwira nti: “Ngira mvyuke, ntembere mu gisagara.Ngira ndondere umukunzi wanje,mu mabarabara no mu bibanza rusangi.”
Naramurondeye ariko sinamuronka.
3 Inderetsi zari kw’irondo mu gisagara zarambonye+, nca ndazibaza nti:
“Hari umukunzi wanje mwamboneye?”
4 Napfuye kubarengana,nca ndabona umukunzi wanje.
Naciye ndamwumirako, sinamureka ngo agende,gushika ndamuzanye mu nzu ya mawe+,mu cumba c’uwanyibarutse.
5 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahijeingeregere n’impongokazi zo mw’ishamba:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
6 «Kirya ni igiki kiriko kiraduga mu bugaragwa nk’inkingi z’umwotsi,kimota imira* n’imibavun’amapuderi yose amota y’abadandaza+?»
7 «Ni inderuzo* ya Salomo!
Ikikujwe n’abagabo 60 b’intwari,abagabo b’intwari bo muri Isirayeli+.
8 Bose bafise inkota,kandi bose barigishijwe kurwana.Umwe wese afise inkota kw’itakokugira bikingire ivyobatera mw’ijoro.»
9 «Ni inderuzo y’iteka y’umwami Salomo,iyo yikoreshereje mu biti vy’i Libani+.
10 Inkingi zayo yazikoze mw’ifeza,ivyo yishimikiza na vyo mu nzahabu.
Ivyo yicarako bikozwe mu bwoya busa n’umuyugubwe*.Abakobwa b’i Yeruzalemubasharije imbere muri yo babigiranye urukundo.»
11 «Nimusohoke yemwe bakobwa b’i Siyoni,mwitegereze umwami Salomo!Yambaye urugori rw’ubugeni* nyina wiwe+ yamukoresherejeku musi w’ubugeni bwiwe,ku musi wahimbaye umutima wiwe.»
Utujambo tw'epfo
^ Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni inderuzo imeze nk’intebe yakoreshwa mu kurerura abanyacubahiro.
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Canke «urugori rw’amashurwe.»