Itanguriro 12:1-20
12 Yehova abwira Aburamu ati: «Va mu gihugu cawe, mu ncuti zawe no mu muryango wawe, uje mu gihugu nzokwereka+.
2 Nzokugira ihanga rikomeye kandi nzoguhezagira. Izina ryawe nzorigira rurangiranwa kandi uzobera abandi umuhezagiro+.
3 Nzohezagira abaguhezagira, mvume abakuvuma+, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe+.»
4 Aburamu aca aragenda nk’uko Yehova yari yamubwiye, na Loti ajana na we. Aburamu yari afise imyaka 75 igihe yava i Harani+.
5 Aburamu afata Sarayi+ umugore wiwe, Loti umuhungu wa mwenewabo+, ibintu vyose bari bararonse+ n’abashumba bari bararonkeye i Harani, maze bafata inzira baja mu gihugu ca Kanani+. Bashitse i Kanani,
6 Aburamu aca muri ico gihugu, arabandanya gushika mu karere ka Shekemu+, hafi y’ibiti binini vya More+. Ico gihe Abanyakanani baba muri ico gihugu.
7 Maze Yehova abonekera Aburamu, amubwira ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.» Aburamu aca yubakira igicaniro Yehova aho hantu yari yamubonekeye.
8 Mu nyuma ava ng’aho aja mu misozi iri mu buseruko bwa Beteli+, ashinga ihema ryiwe ku buryo Beteli iba mu burengero, Ayi+ na yo mu buseruko. Araheza yubakira igicaniro Yehova+ ng’aho, atangura kwambaza izina rya Yehova+.
9 Hanyuma Aburamu asambura ihema maze afata urugendo aja i Negebu+, agenda arimukira mu bibanza bitandukanye.
10 Nuko inzara iratera mu gihugu, Aburamu aca amanuka mu Misiri kugira abe arabayo+, kuko inzara yari ikaze cane+.
11 Agira yinjire mu Misiri, abwira umugore wiwe Sarayi ati: «Umve, ndazi ko uri mwiza cane+.
12 Abanyamisiri nibakubona, ntibazobura kuvuga ngo: “Ni umugore wiwe.” Bazoca banyica nawe bakureke.
13 Ndagusavye rero uzovuge ko uri mushikanje kugira ntibangirire nabi, uzoba urokoye ubuzima bwanje+.»
14 Aburamu akimara kwinjira mu Misiri, Abanyamisiri babona ko umugore wiwe yari mwiza cane.
15 Abaganwa ba Farawo na bo nyene baramubona, baca batangura kubwira Farawo ukuntu yari mwiza. Uwo mugore rero aca ajanwa ku kirimba kwa Farawo.
16 Farawo aca afata neza Aburamu kubera Sarayi, amuha intama, inka, indogobwa, abasuku n’abasukukazi hamwe n’ingamiya+.
17 Maze Yehova ateza Farawo n’urugo rwiwe ivyago bikomeye kubera Sarayi, umugore wa Aburamu+.
18 Farawo aca ahamagara Aburamu, amubwira ati: «Ivyo wankoreye ni ibiki? Kuki utambwiye ko ari umugore wawe?
19 Kuki wavuze ko ari mushikawe+? Urazi ko nahatswe kumugira umugore wanje! Ehe ng’uyu umugore wawe. Mutore ugende!»
20 Maze Farawo ategeka abantu biwe ngo bamurungike agende, ajane n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose+.