Itanguriro 13:1-18

  • Aburamu agaruka i Kanani (1-4)

  • Aburamu na Loti batandukana (5-13)

  • Imana isubiriramwo Aburamu umuhango yamuhaye (14-18)

13  Aburamu aca ava mu Misiri aduga i Negebu+, ari kumwe n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose hamwe na Loti.  Aburamu yari atunze cane: yari afise ibitungwa, ifeza n’inzahabu vyinshi cane+.  Nuko ava i Negebu aja i Beteli, agenda arimukira mu bibanza bitandukanye gushika hamwe yari yarashinze ihema hagati ya Beteli na Ayi+,  hamwe yari yarubatse igicaniro. Ashitseyo aca yambaza izina rya Yehova.  Loti yari kumwe na Aburamu, kandi na we nyene yari afise intama, inka n’amahema.  Ntivyaba rero bigikunda ko bagumana muri ako karere, kuko ibintu vyabo vyari vyaragwiriye cane ku buryo bitari bigishoboka ko baguma babana.  Abungere ba Aburamu batangura gushwana n’abungere ba Loti. (Ico gihe Abanyakanani n’Abaperizi baba muri ako karere+.)  Maze Aburamu abwira Loti+ ati: «Ndagusavye ntihabe ugushwana hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abungere bawe, kuko tuvukana.  Ehe igihugu cose kiri mu maboko yawe. Reka dupfume dutandukana. Niwaja ibubamfu, nanje ndaja iburyo. Niwaja iburyo na ho, nanje ndaja ibubamfu.» 10  Loti yunamura amaso maze abona ko akarere kose ka Yorodani+ gushika i Zowari+ kari kavomereye neza. Kari kameze nka wa murima wa Yehova+, nk’igihugu ca Misiri (aho hari imbere y’uko Yehova atikiza Sodomu na Gomora). 11  Loti rero ahitamwo akarere kose ka Yorodani, aca yimukira mu buseruko. Ukwo ni ko batandukanye. 12  Aburamu aca aba mu gihugu ca Kanani, Loti na we aba mu bisagara vyo muri ako karere+. Amaherezo, Loti ashinga ihema ryiwe hafi ya Sodomu. 13  Ariko abantu b’i Sodomu bari babi, baracumura cane kuri Yehova+. 14  Loti amaze gutandukana na Aburamu, Yehova abwira Aburamu ati: «Ndagusavye wunamure amaso, urabe mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero, 15  kuko iki gihugu cose ubona nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe, kibe rwanyu ibihe vyose+. 16  Kandi uruvyaro rwawe nzorugwiza nka kurya kw’umukungugu wo kw’isi. Nimba umuntu yoshobora guharura umukungugu wo kw’isi, n’uruvyaro rwawe rero rwoshobora guharurwa+. 17  Haguruka, ugendure iki gihugu cose iyo kiva kikagera, kuko ari wewe nzogiha.» 18  Nuko Aburamu abandanya kuba mu mahema. Yahavuye aja kuba mu biti binini biri i Mamure+ muri Heburoni+, maze yubakira igicaniro Yehova ng’aho+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»