Itanguriro 20:1-18
-
Abimeleki asubiza Sara (1-18)
20 Nuko Aburahamu yimukira+ mu gihugu ca Negebu, aba hagati ya Kadeshi+ na Shura+. Igihe yaba i Gerari+,
2 yongera kuvuga ko Sara umugore wiwe yari mushikiwe+. Maze Abimeleki umwami w’i Gerari atumako Sara, aramutwara+.
3 Inyuma y’ivyo, Imana ibonekera Abimeleki mu ndoto mw’ijoro, imubwira iti: «Urapfa kubera uwo mugore watwaye+, kuko yubakanye n’uwundi mugabo+.»
4 Ariko Abimeleki ntiyari bwaryamane na we. Aca avuga ati: «Yehova, mbega ugira wice ihanga ata co rizira* vy’ukuri?
5 None ntiyambwiye ko ari mushikiwe, Sara na we akambwira ko ari musazawe? Nabikoze ata co niyagiriza, kandi sinari nzi ko ari bibi.»
6 Imana y’ukuri imubwira iti: «Ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza. Ni co gituma nakubujije kuncumurako, sindakwemerere kumukorako.
7 Ubu rero numusubize umugabo wiwe kuko ari umuhanuzi+. Na we azotakambira Imana ku bwawe+ kugira ubandanye kubaho. Ariko ukabona utamusubije, umenye ko uzoca upfa, wewe n’abawe bose.»
8 Abimeleki aca avyuka kare mu gitondo, ahamagara abasuku biwe bose, abiganira ivyo bintu vyose. Baca bagira ubwoba bwinshi.
9 Abimeleki aca ahamagara Aburahamu, amubwira ati: «Ivyo wadukoreye ni ibiki? Ikosa nagukoreye ni irihe ku buryo jewe n’ubwami bwanje udukwegera igicumuro gikomeye gutyo? Ivyo wangiriye si vyiza.»
10 Yongerako ati: «Wari ufise intumbero iyihe+?»
11 Aburahamu amwishura ati: «Ni uko nari nibwiye nti: “Abantu bo ng’aha ntibatinya Imana, bazohava banyica kubera umugore wanje+.”
12 Kandi ni mushikanje vy’ukuri, kuko dusangiye dawe mugabo ntidusangiye mawe. Twahavuye twubakana+.
13 Igihe rero Imana yandungika kure y’inzu ya dawe+, namubwiye nti: “Iki ni co kizonyereka ko unkunda*: aho tuzoja hose uzovuge ko ndi musazawe+.”»
14 Abimeleki aca afata intama, inka, abasuku n’abasukukazi, abiha Aburahamu yongera amusubiza umugore wiwe Sara.
15 Maze amubwira ati: «Igihugu canje cose ng’ico, nube aho ushaka.»
16 Abwira Sara na we ati: «Ehe mpaye musazawe+ ifeza* 1.000. Ni ikimenyetso cereka abo muri kumwe n’abandi bose yuko wambitswe izera. Urakuweko iceyi.»
17 Aburahamu aca atakambira Imana y’ukuri, iraheza ikiza Abimeleki n’umugore wiwe n’abasukukazi biwe, basubira kuvyara.
18 Kuko Yehova yari yatumye abagore bose bo mu rugo rwa Abimeleki badasubira gusama inda* kubera Sara umugore wa Aburahamu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «rigororotse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ko unkunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
^ Canke «baba ingumba.»