Itanguriro 35:1-29
35 Inyuma y’ivyo, Imana ibwira Yakobo iti: «Haguruka uduge kuba i Beteli+, uhubakire igicaniro Imana y’ukuri yakubonekeye igihe wariko urahunga mwenewanyu Esawu+.»
2 Yakobo aca abwira abo mu rugo rwiwe n’abantu bose bari kumwe na we ati: «Nimwikureko imana z’inyamahanga mufise+, mwihumanure kandi muhindure impuzu zanyu
3 maze tuduge i Beteli. Nzohubakira igicaniro Imana y’ukuri, yo yanyishuye igihe nari mu maganya kandi ikagumana nanje aho nagiye hose*+.»
4 Baca baha Yakobo imana z’inyamahanga zose bari bafise n’amahereni yari ku matwi yabo, maze Yakobo abihamba* munsi y’igiti kinini cari hafi y’i Shekemu.
5 Nuko baragenda, Imana ica iteza ubwoba ababa mu bisagara vyari bibakikuje, ku buryo badakurikira abahungu ba Yakobo.
6 Amaherezo, Yakobo n’abantu bose bari kumwe na we bashika i Luzi+, ari ho Beteli mu gihugu ca Kanani.
7 Aca ahubaka igicaniro maze ahita Eli-Beteli*, kuko ari ho Imana y’ukuri yari yamubonekeye igihe yariko ahunga mwenewabo+.
8 Mu nyuma, Debora+ umurezi wa Rebeka arapfa maze bamuhamba hafi y’i Beteli, munsi y’igiti c’umweloni. Yakobo aca acita Aloni-Bakuti*.
9 Imana yongera kubonekera Yakobo igihe yariko ava i Padani-Aramu maze iramuhezagira.
10 Imubwira iti: «Izina ryawe ni Yakobo+. Ntuzosubira kwitwa Yakobo, ahubwo uzokwitwa Isirayeli.» Ica itangura kuza iramwita Isirayeli+.
11 Imana yongerako iti: «Ndi Imana Mushoboravyose+. Nurondoke, ugwire. Amahanga azogukomokako, emwe amahanga menshi+, kandi abami bazova muri wewe+.
12 Igihugu nahaye Aburahamu na Izahaki nzokiguha, mu nyuma zawe na ho ndagihe uruvyaro* rwawe+.»
13 Imana ica iraduga itandukana na we, iva aho hantu bariko baravuganira.
14 Yakobo aca ashinga inkingi y’ibuye aho hantu yariko avuganira n’Imana, araheza ayisukako ishikanwa ry’ikinyobwa n’amavuta+.
15 Aho hantu Imana yari yavuganiye na we aca abandanya kuhita Beteli+.
16 Hanyuma bava i Beteli baragenda. Bagisigaje urugendo rutari ruto ngo bashike i Efurata, Rasheli aribaruka mugabo avyara bibanje kugorana cane.
17 Maze bikiriko biramugora kwibaruka, umwakirizi amubwira ati: «Ntutinye, n’uyu muhungu uramuronka+.»
18 Rasheli yumvise ko agira apfe (kuko yariko aracikana), aca amwita Beni-Oni*, ariko se wiwe amwita Benyamini*+.
19 Nuko Rasheli arapfa maze bamuhamba ku nzira ija i Efurata, ni ukuvuga Betelehemu+.
20 Yakobo aca ashinga inkingi hejuru y’imva yiwe, kandi iracari inkingi y’imva ya Rasheli gushika n’uyu musi.
21 Inyuma y’ivyo, Isirayeli abandanya urugendo maze ashinga ihema ryiwe arenganye umunara wa Ederi.
22 Umusi umwe igihe Isirayeli yaba muri ico gihugu, Rubeni aragenda maze aryamana na Biluha incoreke ya se hanyuma Isirayeli aravyumva+.
Yakobo yari afise abahungu 12.
23 Abahungu yavyaye kuri Leya bari Rubeni imfura yiwe+, Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari na Zabuloni.
24 Abo yavyaye kuri Rasheli bari Yozefu na Benyamini.
25 Abo yavyaye kuri Biluha umusukukazi wa Rasheli bari Dani na Nafutali.
26 Abo yavyaye kuri Zilupa umusukukazi wa Leya bari Gadi na Asheri. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyariye i Padani-Aramu.
27 Nuko Yakobo ashika kwa se wiwe Izahaki i Mamure+ muri Kiriyati-Aruba, ni ukuvuga Heburoni, aho Aburahamu na Izahaki bigeze kuba ari abanyamahanga+.
28 Izahaki yabayeho imyaka 180+.
29 Hanyuma Izahaki aracikana, ahamvya ab’iwabo*, apfa ari umutama ahimbawe*. Abahungu biwe Esawu na Yakobo baca baramuhamba+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu nzira naciyemwo.»
^ Canke «abinyegeza.»
^ Iryo zina risobanura ngo «Imana y’i Beteli.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umweloni w’amarira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umuhungu w’ikigandaro canje.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umuhungu w’iburyo.» Ni ukuvuga umuhungu akundwa kurusha abandi.
^ Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
^ Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»