Itanguriro 37:1-36
37 Yakobo abandanya kuba mu gihugu ca Kanani, aho se yari yarabaye ari umunyamahanga+.
2 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Yakobo.
Igihe Yozefu+ yari umusore w’imyaka 17, yararagira ibitungwa+ ari kumwe n’abahungu ba Biluha+ hamwe n’abahungu ba Zilupa+, abagore ba se wiwe. Umusi umwe, Yozefu yariganiye se wiwe ibintu bibi abo bahungu bakora.
3 Isirayeli yarakunda Yozefu kuruta abandi bahungu biwe bose+, kuko yari yamuvyaye ashaje. Nuko amukoreshereza ikanzu idasanzwe*.
4 Benewabo babonye ko se amukunda cane*, baca batangura kumwanka kandi ntibasubira kumuvugisha neza.
5 Haciye igihe, Yozefu arota indoto araheza ayiganira benewabo+, baba baronse iyindi mvo yo kumwanka.
6 Ababwira ati: «Umve namwe iyi ndoto narose:
7 twariko turaboha imiganda hagati mu murima, nza mbona umuganda wanje uravyutse uguma uhagaze, imiganda yanyu ica irawukikuza irawunamira+.»
8 Benewabo bamwishura bati: «Ushatse kuvuga ko ugiye kwigira umwami wo kutuganza+?» Baba baronse iyindi mvo yo kumwanka kubera indoto ziwe n’ivyo yari yavuze.
9 Hanyuma arota iyindi ndoto, ayibwira benewabo ati: «Nasubiye kurota. Ubu na ho nabonye izuba, ukwezi n’inyenyeri 11 biriko biranyunamira+.»
10 Mu nyuma yiganira iyo ndoto se wiwe benewabo bumva, se wiwe aca aramukarira, amubwira ati: «Iyo ndoto yawe isobanura iki? Ushatse kuvuga ko jewe na nyoko wawe na benewanyu tugiye kukwunamira gushika hasi?»
11 Benewabo baca bamugirira ishari+, ariko se wiwe abika ayo majambo ku mutima.
12 Nuko benewabo baja kuragira ibitungwa vya se hafi y’i Shekemu+.
13 Mu nyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: «Benewanyu baragiye ibitungwa hafi y’i Shekemu. Ingo ndagutumeyo.» Yozefu amwishura ati: «Nta ngorane.»
14 Isirayeli amubwira ati: «Ndakwinginze ugende urabe ko benewanyu bakomeye, urabe n’ingene ibitungwa bimerewe hanyuma uze umbwire.» Aca aramurungika, ava mu kiyaya c’i Heburoni+ aja i Shekemu.
15 Mu nyuma, umugabo umwe amusanga ariko ayerera mu gahinga, maze amubaza ati: «Uriko urondera iki?»
16 Na we amwishura ati: «Ndiko ndondera benewacu. Woba uzi iyo baragiye?»
17 Uwo mugabo amwishura ati: «Bavuye ng’aha, kuko numvise bavuga ko bagiye i Dotani.» Yozefu aca arabakurikira, abasanga i Dotani.
18 Benewabo bamubona akiri kure, maze atarabashikira, batangura kugira umugambi wo kumwica.
19 Babwirana bati: «Ehe ka gahungu k’indoto karaje+!
20 Ubu rero ingo tumwice, tumuterere mu kinogo c’amazi. Tuzoca tuvuga ko igikoko co mw’ishamba camuriye, hanyuma turabe ikizova mu ndoto ziwe.»
21 Rubeni+ avyumvise, aca agerageza kumurokora. Ababwira ati: «Ntitumwice+.»
22 Abandanya ati: «Ntimusese amaraso+. Nimumuterere muri iki kinogo c’amazi co mu gahinga ariko ntimumugirire nabi*+.» Yashaka kumurokora kugira amusubize kwa se.
23 Yozefu agishikira benewabo, baca bamwambura ikanzu yari yambaye, ya kanzu idasanzwe+,
24 maze bamuterera mu kinogo c’amazi. Ico gihe caragaragara, nta mazi yarimwo.
25 Hanyuma baricara kugira barye. Ariko baza babona umugwi w’Abishimayeli+ bavuye i Gileyadi. Ingamiya zabo zari zitwaye ibintu bimota vyitwa labudano*, amavuta amota neza* n’ibishishwa vy’uburembo+. Bariko bamanuka mu Misiri.
26 Yuda aca abwira benewabo ati: «Vyotumarira iki kwica mwenewacu hanyuma tukanyegeza ivyo twakoze*+?
27 Ingo tumugurishe+ ku Bishimayeli, ariko ntitumugirire nabi. Erega ni mwenewacu, umubiri wacu.» Nuko bumvira mwenewabo.
28 Baca bakura Yozefu muri ca kinogo maze bamugurisha ifeza* 20+ ku badandaza b’Abamidiyani*+ bariko bararengana. Abo Bishimayeli baca bajana Yozefu mu Misiri.
29 Mu nyuma Rubeni agaruka kuri ca cobo c’amazi, asanga Yozefu nta wuriyo. Aca yitaburirako impuzu ziwe.
30 Nuko asubira kwa benewabo, ababwira ati: «Umwana yatakaye! None ga yemwe ndabigenza gute?»
31 Baca bakerera isuguru y’impene maze bafata ya kanzu ya Yozefu, bayijobeka mu maraso yayo.
32 Baraheza barungika iyo kanzu kwa se, bavuga bati: «Ni iyo twatoye. Suzuma urabe ko ari ya kanzu y’umuhungu wawe canke ko atari yo+.»
33 Nuko arayisuzuma maze avuga ati: «Ni ya mpuzu y’umuhungu wanje! Igikoko co mw’ishamba caramuriye! Yozefu yaratabaguwe nta kabuza!»
34 Yakobo aca yitaburirako impuzu ziwe maze akenyera igunira. Amara imisi myinshi agandariye umuhungu wiwe.
35 Abahungu biwe n’abakobwa biwe bose baguma bagerageza kumuhoza, ariko aguma yanka, avuga ati: «Nzorinda nja mu kuzimu+ nkigandariye umuhungu wanje!» Nuko se wiwe aguma amuririra.
36 Ba Bamidiyani bashitse mu Misiri, baca bagurisha Yozefu kuri Potifari. Potifari yari umukozi wo ku kirimba kwa Farawo+, akaba n’umukuru w’abacungera umwami+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «impuzu ndende nziza cane.»
^ Canke «amukunda kuruta uko abakunda.»
^ Canke «ntimumukozeko ukuboko.»
^ Labudano ni ibirirarira vyirabura bimota neza biva ku mababi n’amashami y’ibiterwa bimwebimwe.
^ Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
^ Mu giheburayo havuga ngo «tugapfuka amaraso yiwe.»
^ Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
^ Ni bo Bishimayeli bavugwa muri iki kigabane.