Itanguriro 45:1-28

  • Yozefu yimenyesha benewabo (1-15)

  • Benewabo na Yozefu baja kuzana Yakobo (16-28)

45  Maze Yozefu ntiyaba agishobora kwigumya imbere y’abasuku biwe bose+. Aca abategeka ati: «Nimusohoke mwese!» Nta n’umwe yari kumwe na we igihe yimenyesha benewabo+.  Aca araturikisha ararira, gushika n’aho Abanyamisiri hamwe n’abo mu rugo kwa Farawo bavyumva.  Amaherezo, Yozefu abwira benewabo ati: «Ndi Yozefu. Mbega dawe aracariho?» Ariko benewabo ntibashobora kumwishura kuko bari bumiwe.  Yozefu ababwira ati: «Nimunyegere.» Na bo baramwegera. Abandanya ati: «Ndi Yozefu mwenewanyu, umwe mwagurisha mu Misiri+.  Ariko ntimubabare kandi ntimutaneko ishavu ngo ni uko mwangurishije, kuko Imana ari yo yandungitse ino imbere yanyu kugira irokore ubuzima+.  Uyu ni umwaka ugira kabiri w’inzara mu gihugu+, kandi haracasigaye imyaka itanu aho ata wuzorima canke ngo yimbure.  Imana yandungitse imbere yanyu kugira ibarokore mu buryo butangaje, ntimuzimangane kw’isi*+.  Si mwebwe rero mwandungitse ino, ahubwo ni Imana y’ukuri. Ni yo yangize umuhanuzi mukuru* wa Farawo, impa kugaba urugo rwiwe rwose yongera ingira umutware w’igihugu cose ca Misiri+.  Nimusubire ningoga kwa dawe, mumubwire muti: “Ibi ni vyo umuhungu wawe Yozefu avuze: ‘Imana yarampaye kugaba Misiri yose+. Nyaruka uze iyo ndi, ntutebe+. 10  Uzoba hafi yanje mu ntara ya Gosheni+, wewe n’abana bawe, abuzukuru bawe, ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyose ufise. 11  Nzokuronsa ibifungurwa uri ng’aho, kuko hagisigaye imyaka itanu y’inzara+. Ahandiho wewe n’urugo rwawe muzoja mu bukene, kandi ibintu vyawe vyose bizoyogera.’” 12  Mwebwe na mwenewacu Benyamini muribonera neza ko ari jewe ndiko mvugana namwe+. 13  Muze mubwire dawe icubahiro* cose mfise mu Misiri n’ibintu vyose mwiboneye. Nimunyaruke rero mumuzane ino.» 14  Yozefu aca agumbira Benyamini maze araturikisha ararira, Benyamini na we nyene amuririra mu maboko+. 15  Araheza asoma benewabo bose ariko ararira, na bo babona kumuvugisha. 16  Inkuru y’uko benewabo na Yozefu baje imenyekana mu rugo kwa Farawo, bituma Farawo n’abasuku biwe bahimbarwa. 17  Farawo aca abwira Yozefu ati: «Bwira benewanyu uti: “Pakira imizigo ku bitungwa vyanyu muje mu gihugu ca Kanani, 18  muheze mutore so wanyu n’imiryango yanyu hanyuma muze ino. Nzobaha ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, kandi muzorya* ibintu vy’ahantu himbuka* kuruta ahandi hose mu gihugu+.” 19  Ubabwire kandi uti+: “Nimutore imikogote+ yo mu Misiri muzozanako abana banyu n’abagore banyu. So wanyu muzomwuriza kuri umwe muri iyo mikogote muheze mumuzane ng’aha+. 20  Ivyo mutunze+ ntibibahagarike umutima, kuko ivyiza vyo mu gihugu cose ca Misiri ari rwanyu.”» 21  Bene Isirayeli baca bagira gutyo nyene. Yozefu abaha imikogote nk’uko Farawo yategetse, abatekerera n’ibifungurwa barira ku nzira. 22  Umwe wese amuha impuzu yo gukuranya, ariko Benyamini amuha ifeza* 300 n’impuzu zitanu zo gukuranya+. 23  Se wiwe na we amurungikira ibi: indogobwa cumi zitwaye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri n’indogobwa cumi zivyara zitwaye intete, umukate n’ibindi bifungurwa azofungurira ku rugendo. 24  Araheza arungika benewabo. Ariko bahagurutse, ababwira ati: «Ntimuze gutanako ishavu mu nzira+ 25  Nuko bava mu Misiri, barateba bashika i Kanani kwa se wabo Yakobo. 26  Maze bamubwira bati: «Yozefu aracariho, kandi ni we atwara igihugu cose ca Misiri+!» Ariko Yakobo aca amera nk’igiti*, kuko atemera ivyo bamubwiye+. 27  Babandanije kumubwira ivyo Yozefu yari yababwiye vyose, akabona n’imikogote Yozefu yari yarungitse ngo imutware, aca atangura gutora akenge*. 28  Isirayeli aca avuga ati: «Shaka mwigereze aho. Yozefu umuhungu wanje aracariho! Reka nje kumuraba ntarapfa+

Utujambo tw'epfo

Canke «mu gihugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «se wa Farawo.»
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «muzotungwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «hanuze.»
Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wiwe uca uratimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wiwe urahembuka.»