Itanguriro 7:1-24

  • Binjira mu bwato (1-10)

  • Umwuzure utera kw’isi yose (11-24)

7  Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Nowa ati: «Injira mu bwato, wewe n’umuryango wawe wose, kuko ari wewe nasanze ugororotse mu bantu bo muri iki gihe*+.  Ku bwoko bwose bw’ibikoko bidahumanye uze winjirane indwi*+, ikigabo n’ikigore caco. Ku bihumanye uze winjirane bibiri gusa, ikigabo n’ikigore caco.  No mu bikoko biguruka mu kirere uze winjirane indwi*, ikigabo n’ikigore, kugira birokoke bibandanye kugwira mw’isi+.  Kuko hasigaye imisi indwi gusa nkagwisha imvura+ kw’isi imisi 40 n’amajoro 40+, kandi nzozimanganya kw’isi ikintu cose kiri n’ubuzima naremye+  Nuko Nowa akora ivyo Yehova yari yamutegetse vyose.  Nowa yari afise imyaka 600 igihe umwuzure watera kw’isi+.  Maze Nowa yinjira mu bwato ari kumwe n’abahungu biwe, umugore wiwe n’abagore b’abahungu biwe, imbere y’uko umwuzure ushika+.  Mu bikoko bidahumanye vyose no mu bihumanye, mu biguruka no mu bigendagenda kw’isi+ vyose,  hinjira mu bwato bibiribibiri, ikigabo n’ikigore, bija aho Nowa ari nk’uko Imana yari yamutegetse. 10  Nuko haciye imisi indwi, umwuzure uratera kw’isi. 11  Nowa ashikanye imyaka 600, ku musi ugira 17 w’ukwezi kugira kabiri, kuri uwo musi nyene amasoko y’amazi yose yo mu kirere arasegenyuka, ingomero zose zo kw’ijuru zirugururwa+. 12  Imvura imara imisi 40 n’amajoro 40 igwa kw’isi. 13  Kuri uwo musi nyene, Nowa yinjira mu bwato ari kumwe n’abahungu biwe, Shemu, Hamu na Yafeti+ hamwe n’umugore wiwe n’abagore batatu b’abahungu biwe+. 14  Binjirana n’ibikoko vyo mw’ishamba vyose nk’uko amoko yavyo ari, ibitungano vyose nk’uko amoko yavyo ari, ibikwega inda hasi vyose nk’uko amoko yavyo ari, n’ibiguruka mu kirere vyose nk’uko amoko yavyo ari, inyoni zose n’ibikoko vyose bifise amababa. 15  Ibikoko vy’ubwoko bwose bibandanya kwinjira mu bwato iyo Nowa ari, ari bibiribibiri. 16  Hinjira ikigabo n’ikigore vy’ubwoko bwose, nk’uko Imana yari yamutegetse. Yehova aca arugara umuryango. 17  Imvura ibandanya kugwa kw’isi imisi 40. Amazi aguma yongerekana maze atangura guterura bwa bwato, buguma bureremba hejuru cane y’isi. 18  Amazi aba menshi cane kandi aguma yongerekana kw’isi, ariko ubwato buguma bureremba kuri yo. 19  Aguma agwira kw’isi ku buryo apfuka+ imisozi miremire yose yari munsi y’ijuru. 20  Araduga gushika ku ntambwe 15* hejuru y’imisozi. 21  Nuko ibintu vyose bifise ubuzima* vyagendagenda kw’isi, vyaba ibikoko biguruka, ibitungano, ivyo mw’ishamba, udukoko dutoduto* hamwe n’abantu+, vyose birapfa+. 22  Ikintu cose gihema* cari kw’isi kirapfa+. 23  Imana izimanganya kw’isi ikintu cose gifise ubuzima: abantu n’ibikoko, mbere n’ibikwega inda hasi n’ibiguruka mu kirere, vyose bizimangana kw’isi+. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato ni bo bonyene barokotse+. 24  Amazi amara imisi 150+ yuzuye kw’isi.

Utujambo tw'epfo

Canke «bo muri uru runganwe», «bo muri iri yaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigabo indwi n’ibigore indwi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigabo indwi n’ibigore indwi.»
Ni nk’imetero 6,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibifise umubiri vyose.»
Biboneka ko iyo mvugo yerekeza ku turemwa dutoduto tubana mu migwi.
Mu giheburayo havuga ngo «gifise impwemu y’ubuzima mu mazuru.»