Ivyahishuriwe Yohani 13:1-18
13 Maze gihagarara* ku musenyi w’ikiyaga.
Nca mbona igikoko+ kiduze kiva mu kiyaga+. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi. Amahembe yaco yariko ingori cumi, ariko imitwe yaco yariko amazina yo gutuka Imana*.
2 Igikoko nabonye cari kimeze nk’ingwe, ariko amaguru yaco yari ameze nk’ay’idubu, kandi umunwa waco wari umeze nk’uw’intambwe. Ca gisato+ gica giha ico gikoko ububasha bwaco, intebe y’ubwami yaco n’ubushobozi bukomeye+.
3 Hanyuma mbona umwe mu mitwe yaco wasa n’uwakomeretse uhakwa gupfa, ariko ico gikomere cica cari cakize+. Ababa kw’isi bose baca bakurikira ico gikoko bagitangariye.
4 Baraheza basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, bongera basenga ico gikoko mu kuvuga bati: «Ni nde ameze nk’iki gikoko, kandi ni nde yoshobora kukirwanya?»
5 Maze ico gikoko gihabwa akanwa kavuga amajambo y’ubwishime n’ayo gutuka Imana*, gihabwa n’ububasha bwo gukora mu kiringo c’amezi 42+.
6 Gica cugurura akanwa kaco kugira gituke Imana+, kiraheza gituka izina ryayo, aho iba, mbere n’ababa mw’ijuru+.
7 Caremerewe kurwanya aberanda no kubatsinda+, kandi carahawe ububasha ku miryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.
8 Ababa kw’isi bose bazogisenga, kandi uhereye kw’ishingwa ry’isi, nta n’umwe muri bo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo w’ubuzima+ wa wa Mwagazi w’intama wicwa+.
9 Uwuri n’ugutwi niyumve+.
10 Uwutegerezwa kugirwa imbohe, azogirwa imbohe. Uwicisha inkota*, azokwicwa n’inkota+. Aho rero ni ho hasaba ko abagororotsi+ bagira ukwihangana+ n’ukwizera+.
11 Hanyuma mbona ikindi gikoko kiduga kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo gitangura kuvuga nk’igisato+.
12 Kiraheza gikoresha ububasha bwose bwa ca gikoko ca mbere+, kibukoresha na co kibona. Gituma isi n’abayibako basenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere cica+.
13 Gikora ibitangaro bikomeye, mbere kigatuma umuriro ukorokera kw’isi uvuye mw’ijuru, abantu babona.
14 Kizimiza ababa kw’isi gikoresheje ibitangaro cemerewe gukorera imbere ya ca gikoko, kikababwira kandi ngo bakore ishusho+ ya ca gikoko cakomereka kigahakwa gupfa ariko kigakira+.
15 Hanyuma cemererwa guha ubuzima* ishusho ya ca gikoko, kugira ngo iyo shusho igire ubushobozi bwo kuvuga n’ubwo kwicisha abantu bose banka gusenga iyo shusho.
16 Kirahata abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’abakene, abidegemvya n’abashumba, ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kw’ukuryo canke mu ruhanga+,
17 kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora kugura canke kugurisha adafise ico kimenyetso, ni ukuvuga izina+ ry’ico gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+.
18 Aho rero ni ho hasaba ubukerebutsi: uwufise ubwenge* naharure igitigiri c’ico gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu. Ico gitigiri ni 666+.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ukuvuga ca gisato.
^ Canke «amazina yo kurogota.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «n’ayo kurogota.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwutegerezwa kwicwa n’inkota.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «impwemu.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»