Ivyahishuriwe Yohani 15:1-8

  • Abamarayika indwi bafise ivyago indwi (1-8)

    • Ururirimbo rwa Musa n’urwa wa Mwagazi w’intama (3, 4)

15  Maze mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gikomeye kandi gitangaje: abamarayika indwi+ bafise ivyago indwi. Ivyo vyago ni vyo vya nyuma, kuko ari vyo birangiza ishavu ry’Imana+.  Maze mbona ikintu kimeze nk’ikiyaga c’ikiyo+ kivanze n’umuriro. Iruhande y’ico kiyaga c’ikiyo hari hahagaze abatsinze+ ca gikoko, ishusho yaco+ n’igitigiri c’izina ryaco+, kandi bari bafise inanga z’Imana.  Bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ umusavyi w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bavuga bati: «Ewe Yehova* Mana Mushoboravyose+, ibikorwa vyawe+ birakomeye kandi ni agatangaza. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.  Ewe Yehova*, ni nde atazogutinya canke atazoninahaza izina ryawe+? Kuko ari wewe wenyene uri intahemuka! Amahanga yose azoza imbere yawe agusenge+, kuko wahishuye ingingo zawe zigororotse.»  Inyuma y’ivyo, mbona ihema ryeranda*+ ryuguruwe mw’ijuru+.  Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi+ baca barasohoka bava muri iryo hema ryeranda, bambaye impuzu z’ilino zisukuye kandi zikayangana, bakenyeye n’imikanda y’inzahabu mu bikiriza vyabo.  Kimwe muri vya binyabuzima bine gica giha abo bamarayika indwi amabakure indwi y’inzahabu. Ayo mabakure yari yuzuye ishavu ry’Imana+, imwe yamaho gushika ibihe bidahera.  Umwotsi uca wuzura muri iryo hema ryeranda kubera ubuninahazwa bw’Imana+ no kubera ububasha bwayo. Nta n’umwe yashoboye kwinjirayo ivyo vyago indwi+ vy’abamarayika indwi bitarahera.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero. Mu kigiriki havuga ngo «ihema ry’icabona.»