Ivyahishuriwe Yohani 17:1-18

  • Urubanza rwaciriwe «Babiloni Akomeye» (1-18)

    • Umumaraya akomeye yicaye ku gikoko gitukura (1-3)

    • Ico gikoko «cariho, ariko ntikikiriho, mugabo kigira kiduge kiva mu nyenga» (8)

    • Amahembe cumi azorwanya wa Mwagazi w’intama (12-14)

    • Amahembe cumi azokwanka wa mumaraya (16, 17)

17  Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi+ araza, ambwira ati: «Ingo nkwereke urubanza rwaciriwe wa mumaraya akomeye yicaye ku mazi menshi+,  umwe yasambana*+ n’abami bo kw’isi, ababa kw’isi na bo bakaborerwa umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe+  Araheza anjana mu bugaragwa biciye ku bubasha bw’impwemu. Maze mbona umugore yicaye ku gikoko gitukura* cuzuye amazina yo gutuka Imana*, kandi cari gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.  Uwo mugore yari yambaye impuzu zisa n’umuyugubwe*+ n’izitukura. Yari ashajije n’inzahabu, amabuye y’agaciro n’imaragarita*+. Yari afise mu minwe igikombe c’inzahabu cuzuye ibintu bishisha kandi bihumanye vy’ubusambanyi* bwiwe.  Mu ruhanga rwiwe hari handitse izina ry’akabanga ngo: «Babiloni Akomeye, nyina w’abamaraya+ n’uw’ibintu bishisha vyo kw’isi+  Uwo mugore namubonye yaborewe amaraso y’aberanda n’ay’ivyabona vya Yezu+. Erega ndamubonye, ndatangara cane.  Wa mumarayika aca ambwira ati: «Kubera iki utangaye? Ngira ndakubwire akabanga k’uwo mugore+ n’ak’ico gikoko yicayeko gifise imitwe indwi n’amahembe cumi+:  ico gikoko wabonye cariho ariko ntikikiriho, mugabo kigira kiduge kiva mu nyenga+, kandi kibwirizwa kurandurwa. Ababa kw’isi bazotangara nibabona ingene ico gikoko cariho hanyuma kikavaho, ariko kigasubira kubaho. Amazina yabo ntiyanditswe mu gitabu c’ubuzima+ kuva kw’ishingwa ry’isi.  Aha rero ni ho hasaba ubwenge* n’ubukerebutsi: iyo mitwe indwi+ igereranya imisozi indwi uwo mugore yicayeko. 10  Ni abami indwi: batanu baravuyeho, umwe aracariho, uwundi na we ntarashika, ariko niyashika azomara igihe gito. 11  Kirya gikoko cariho ariko kikaba kitakiriho+, na co nyene ni umwami agira umunani, ariko kiva kuri ba bami indwi kandi kizorandurwa. 12  Ayo mahembe cumi wabonye agereranya abami cumi batararonka ubwami, ariko bazoronka ububasha bwo kuganza isaha imwe, bafadikanije n’ico gikoko. 13  Abo bafise umugambi* umwe, bagaha ico gikoko ububasha bwabo n’ubushobozi bwabo. 14  Bazorwana na wa Mwagazi w’intama+, ariko uwo Mwagazi w’intama azobatsinda+, kuko ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami+. Kandi n’abazoba bari kumwe na we bahamagawe, batowe kandi b’abizigirwa, na bo nyene bazotsinda+ 15  Hanyuma ambwira ati: «Amazi wabonye, amwe urya mumaraya yari yicayeko, agereranya amoko y’abantu, amasinzi y’abantu, amahanga n’indimi+. 16  Arya mahembe cumi+ wabonye na kirya gikoko+ bizokwanka urya mumaraya+, bimunyage ivyo afise vyose, bimusige ari gusa. Bizorya inyama ziwe zose maze bimuturire ashe ahere+. 17  Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo+, emwe gushitsa umugambi* wabo umwe wo guha ubwami bwabo ca gikoko+, gushika amajambo y’Imana arangutse. 18  Umugore+ wabonye na we agereranya ca gisagara kinini kiganza abami bo kw’isi.»

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «gisa n’agahama.»
Canke «yo kurogota.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.
Canke «ubumenyi.»
Canke «iciyumviro.»
Canke «iciyumviro.»