Ivyahishuriwe Yohani 19:1-21

  • Shemeza Yehova kubera imanza ziwe (1-10)

    • Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama (7-9)

  • Uwicaye kw’ifarasi yera (11-16)

  • Inzimano nyinshi Imana yateguye (17, 18)

  • Ca gikoko gitsindwa (19-21)

19  Inyuma y’ivyo, numva ikintu kimeze nk’ijwi rirenga ry’isinzi rinini riri mw’ijuru, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+! Ubukiriro, ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu,  kuko imanza zayo ari iz’ukuri kandi ziragororotse+. Yarashikije urubanza yaciriye wa mumaraya akomeye, umwe yonona isi akoresheje ubusambanyi* bwiwe, kandi yarahoye amaraso y’abashumba bayo uwo mumaraya yavishije*+  Ubwo nyene iryo sinzi rica rivuga ubugira kabiri riti: «Shemeza Yehova*+! Kuko umwotsi wa wa mumaraya uguma uduga gushika ibihe bidahera+  Ba bakurambere 24+ na vya binyabuzima bine+ bica birapfukama, maze bisenga Imana yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, bivuga biti: «Amen! Shemeza Yehova*+  Hanyuma ijwi rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: «Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo+ muyitinya, abato n’abahambaye+  Maze numva ijwi rimeze nk’iry’isinzi rinini, nk’iry’amazi menshi, nk’iry’imituragaro ikomeye, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+, kuko Yehova* Imana yacu Mushoboravyose+ yatanguye kuganza+.  Nimuze tunezerwe, duhimbarwe cane! Nimuze tumuninahaze, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bwageze, kandi umugore wiwe yiteguye.  Egome, yaratewe iteka ryo kwambara impuzu y’ilino* nziza, yakaka kandi isukuye, kuko iyo mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda+  Aca ambwira ati: «Andika uti: hahiriwe abatumiwe ku nzimano* y’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama+.» Yongerako ati: «Ayo ni amajambo y’Imana, kandi ni ay’ukuri.» 10  Nca ndapfukama* imbere y’ibirenge vyiwe kugira ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo+! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Nusenge Imana+! Kuko ubuhanuzi bufise intumbero yo gushingira intahe Yezu+ 11  Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+. 12  Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro+, kandi yambaye ingori nyinshi ku mutwe. Afise izina ryanditswe kuri we ata wundi arizi kiretse we. 13  Yambaye impuzu iriko* amaraso, kandi yitwa Jambo+ w’Imana. 14  Vyongeye, ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu z’ilino nziza, zera kandi zisukuye. 15  Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+. 16  Ku mpuzu yiwe, emwe kw’itako ryiwe, hari izina ryanditswe ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama+. 17  Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, maze asemerera n’ijwi rirenga abwira inyoni zose ziguruka mu kirere* ati: «Nimuze mukoranire ku nzimano* nyinshi Imana yabateguriye+, 18  kugira murye inyama z’abami, iz’abakuru mu gisirikare*, iz’abantu bakomakomeye+, iz’amafarasi n’abayagenderako+, emwe murye inyama z’abantu bose, iz’abidegemvya n’abashumba, iz’abantu batobato n’abahambaye.» 19  Maze mbona ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kugira birwanye umwe yicaye kuri ya farasi n’ingabo ziwe+. 20  Ca gikoko gica kirafatwa, hamwe na wa muhanuzi w’ikinyoma+ yahora akorera ibimenyetso imbere yaco kugira azimize abashizweko ikimenyetso c’ico gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+. Vyose uko ari bibiri bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, bikiri bizima+. 21  Ariko abasigaye bose, bicwa na ya nkota ndende iva mu kanwa k’umwe yicaye kuri ya farasi+. Inyoni zose ziraheza zihaga inyama zabo+.

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «amaraso y’abashumba bayo ari ku maboko yiwe.»
Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «nca nikubita.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imijagiyeko.»
Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «hagati mu kirere», «hejuru y’umutwe.»
Canke «iz’abakomanda.»
Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.