Ivyahishuriwe Yohani 3:1-22
3 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Umwe afise za mpwemu indwi z’Imana+ be na za nyenyeri indwi+, avuze ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, ndazi kandi ko uboneka ko uri muzima ariko warapfuye+.
2 Niwikangure*+ ukomeze ibisigaye vyagira bipfe, kuko nasanze utararangiza neza ibikorwa vy’Imana yanje.
3 Guma rero wibuka ivyo waronse n’ivyo wumvise, ubandanye kubigumya kandi wigaye+. Emwe nutikangura, nzoza iwawe nk’igisuma+ kandi ntuzomenya isaha nzozirako+.
4 Ariko urafise abantu bakeyi* i Sarudi batahumanije impuzu zabo+, kandi bazogendana nanje bambaye impuzu zera+, kuko babibereye.
5 Uwutsinda+ azokwambikwa impuzu zera+, kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima+. Ahubwo nzokwemeza ko ndamuzi imbere ya Data n’imbere y’abamarayika biwe+.
6 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”
7 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: wa mweranda+, umwe w’ukuri+, umwe afise urupfunguruzo rwa Dawidi+, umwe yugurura ntihagire uwugara kandi akugara ntihagire uwugurura, avuze ati:
8 “Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe ndakwugururiye umuryango+ ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise ububasha bukeyi, ariko waragumije ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.
9 Abo mu kagwi ka Shetani* bigira ngo ni Abayuda kandi atari bo+ ahubwo babesha, emwe nzobazana buname* imbere y’ibirenge vyawe, ndabamenyeshe ko nagukunze.
10 Ko wakurikije akarorero kanje ko kwihangana+, nanje nzokurinda igihe* c’ibigeragezo+ kigiye kuza kw’isi yose, kugira kigerageze ababa kw’isi bose.
11 Ndaje ningoga+. Guma wumiye ku co ufise, kugira ntihagire uwugutwara urugori rwawe+.
12 Uwutsinda nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazogenda aruvuyemwo. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje+ n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu nshasha+ imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, hamwe n’izina ryanje rishasha+.
13 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”
14 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Lawodiseya+ uti: Umwe yitwa Amen+, ca cabona+ cizigirwa kandi c’ukuri+, umwe Imana yatangurirako kurema+, avuze ati:
15 “Ndazi ibikorwa vyawe, kandi ndazi ko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha!
16 Ko rero uri akazuyazi, ntushuhe+ canke ngo ukanye+, ngira ndakudahwe umve mu kanwa.
17 Wewe uvuga ngo: ‘Ndi umutunzi+, nararonse ubutunzi kandi nta kintu na kimwe nkeneye’, ariko ntuzi ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umukene n’impumyi be n’uko uri gusa.
18 Ndaguhanuye ugurire iwanje inzahabu ityorojwe umuriro kugira ube umutunzi, ugure n’impuzu zera kugira wambare maze ubwambure bwawe ntibuje ahabona ngo umaramare+, ugure n’umuti w’amaso wo gusiga ku maso yawe+ kugira ubone+.
19 Abo nkunda bose ndabakosora kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero kandi wigaye+.
20 Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Nihagira uwumva ijwi ryanje akanyugururira, nzokwinjira mu nzu iwe dusangire imfungurwa zo ku mugoroba.
21 Uwutsinda+ nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubwami+, nk’uko nanje natsinze nkicarana+ na Dawe ku ntebe yiwe y’ubwami.
22 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nube maso.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «amazina makeyi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «abo mw’isinagogi ya Shetani.»
^ Canke «bikubite.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «isaha.»