Ivyahishuriwe Yohani 6:1-17

  • Wa Mwagazi w’intama amatura udushashara 6 twa mbere (1-17)

    • Uwicaye kw’ifarasi yera agenda aratsinda (1, 2)

    • Uwicaye kw’ifarasi y’ibara risa n’umuriro akura amahoro kw’isi (3, 4)

    • Uwicaye kw’ifarasi yirabura atuma hatera inzara (5, 6)

    • Uwicaye kw’ifarasi ibenjutse yitwa Rupfu (7, 8)

    • Abishwe bari munsi y’igicaniro (9-11)

    • Nyamugigima ikomeye (12-17)

6  Hanyuma mbona wa Mwagazi w’intama+ amatuye kamwe muri twa dushashara indwi+, nca numva kimwe muri vya binyabuzima bine+ kivuze n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: «Ingo!»  Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+.  Amatuye agashashara kagira kabiri, nca numva ikinyabuzima kigira kabiri+ kivuze giti: «Ingo!»  Haca haza iyindi farasi y’ibara risa n’umuriro. Uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira abantu bicane, ahabwa n’inkota ndende+.  Amatuye agashashara kagira gatatu+, nca numva ikinyabuzima kigira gatatu+ kivuze giti: «Ingo!» Ngize gutya, mbona ifarasi yirabura kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe.  Maze numva ijwi rivugiye hagati ya vya binyabuzima bine riti: «Ingero* imwe y’ingano kw’idenariyo*+, n’ingero zitatu za sayiri kw’idenariyo, kandi ntusesagure* amavuta y’imyelayo* n’umuvinyu+  Amatuye agashashara kagira kane, nca numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane+ rivuze riti: «Ingo!»  Ngize gutya, mbona ifarasi ibenjutse kandi uwuyicayeko yitwa Rupfu. Kuzimu na we yaguma amukurikira ari hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi kugira bicishe abantu inkota ndende, inzara+, ibiza hamwe n’ibikoko vyo mw’ishamba+.  Amatuye agashashara kagira gatanu, nca mbona munsi y’igicaniro+ amaraso*+ y’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa co gushinga intahe bakoze+. 10  Baca barasemerera n’ijwi rirenga bati: «Mukama Segaba, wewe mweranda kandi w’ukuri+, uzorindira gucira urubanza ababa kw’isi gushika ryari no kubahora amaraso yacu+ 11  Umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera+, maze basabwa kuruhuka kandi gatoyi, mu kurindira ko igitigiri c’abashumba bagenzi babo na benewabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bishwe gikwira+. 12  Hanyuma mbona amatuye agashashara kagira gatandatu, haca haba nyamugigima ikomeye. Izuba rica ririrabura nk’igunira ry’ubwoya*, ukwezi kwose kumera nk’amaraso+, 13  inyenyeri zo kw’ijuru na zo zitibagurikira kw’isi nka kurya igiti c’umusukoni gitibagura insukoni z’ibiturumbwe, iyo kinyigangijwe n’umuyaga ukomeye. 14  Ijuru rica ririzinga nka kurya kw’umuzingo bazinze+, imisozi yose n’amazinga yose na vyo biva mu bibanza vyavyo+. 15  Maze abami bo kw’isi, abategetsi bakurubakuru, abakuru mu gisirikare*, abatunzi, abakomakomeye, abashumba bose n’abantu bose bidegemvya, binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi+. 16  Baguma babwira imisozi n’ibitandara bati: «Nimutugweko+, muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami+ n’uburake bw’Umwagazi w’intama+, 17  kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo ushitse+. Ni nde yoshobora kuwihanganira+

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki iyo ngero yitwa konigisi. Yajamwo ilitiro irenga gatoyi. Raba Inyongera ya B14.
Cari igiceri c’ifeza c’Abaroma kingana n’umushahara w’umusi umwe. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ntiwonone.»
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «ubuzima.»
Bushobora kuba ari ubwoya bw’impene.
Canke «abakomanda.»