Ivyakozwe n’intumwa 1:1-26
1 Ewe Tewofile, inkuru ya mbere nanditse yari ijanye n’ibintu vyose Yezu yakoze n’ivyo yigishije kuva mu ntango+,
2 gushika ku musi yaduzwa+, amaze guha amategeko intumwa yatoye+, akayabaha biciye ku mpwemu nyeranda.
3 Amaze kubabazwa, yarabiyeretse, abaha ibimenyamenya vyinshi bibemeza ko ari muzima+. Yamaze imisi 40 abiyereka yongera ababwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana+.
4 Igihe yari kumwe na bo, yabategetse ati: «Ntimuve i Yeruzalemu+, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye+, kimwe nababwira.
5 Kuko mu vy’ukuri Yohani yabatiza abantu mu mazi, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+ mu misi mikeyi iri imbere.»
6 Igihe rero bari bakoraniye hamwe, bamubaza bati: «Mukama, ubu ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli+?»
7 Ababwira ati: «Si ivyanyu kumenya ibihe canke ibiringo Data yashize munsi y’ububasha* bwiwe+.
8 Mugabo muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako+, kandi muzombera ivyabona+ i Yeruzalemu+ n’i Yudaya hose n’i Samariya+, no mu mihingo ya kure cane y’isi*+.»
9 Amaze kuvuga ivyo, aca araduzwa bakiriko bararaba, hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona+.
10 Bagihanze amaso mw’ijuru akiriko aragenda, baja babona abagabo babiri bambaye impuzu zera+ bahagaze iruhande yabo,
11 bavuga bati: «Bagabo b’i Galilaya, kubera iki muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yezu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azoza ukwo nyene mumubonye aja mw’ijuru.»
12 Maze basubira i Yeruzalemu+ bavuye ku musozi w’Imyelayo* uri hafi y’i Yeruzalemu. Rwari urugendo rungana n’urwo umuntu yogira ku musi w’isabato.
13 Bahashitse, baduga mu cumba co hejuru bari bacumbitsemwo. Yari Petero, Yohani, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Barutelemi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni umunyamwete, na Yuda mwene Yakobo+.
14 Abo bose bariko bakovya mu gusenga bahuje inama, bari kumwe n’abagore+ bamwebamwe, na Mariya nyina wa Yezu na benewabo na Yezu+.
15 Muri iyo misi, Petero arahaguruka hagati y’abavukanyi, (abari ng’aho* bose bakaba bari nka 120) avuga ati:
16 «Bagabo benewacu, vyari bikenewe ko icanditswe kiranguka, kimwe impwemu nyeranda yavuga imbere y’igihe biciye kuri Dawidi ku vyerekeye Yuda+ umwe yayobora abafashe Yezu+.
17 Yaharurwa muri twebwe+ kandi yari yaratowe ngo akorane natwe iki gikorwa.
18 (Uwo mugabo nyene rero, amaze kugura itongo impembo yahawe kubera ibintu bitagororotse yakoze+, yaraguye atanguje umutwe, umutumba wiwe uca uraturika*, ivyo mu nda vyose birasanzara+.
19 Ivyo vyaramenyekanye ku baba i Yeruzalemu bose, ku buryo iryo tongo ryitwa mu rurimi rwabo ngo Akeludama, ni ukuvuga “itongo ry’amaraso.”)
20 Kuko vyanditswe mu gitabu c’Amazaburi ngo: “Aho aba nihacike umusaka, ntihagire uwuhaba+.” Handitswe kandi ngo: “Ibanga ryiwe ry’ubuhagarikizi* nirihabwe uwundi+.”
21 Birakenewe rero ko asubirirwa n’umwe mu bagabo bamye bajana natwe mu gihe cose Umukama Yezu yamaze akorera ibikorwa vyiwe* muri twebwe,
22 kuva igihe yabatizwa na Yohani+ gushika umusi yakurwa muri twebwe+. Umwe muri abo bagabo akwiye kuba icabona c’izuka ryiwe cokimwe natwe+.»
23 Nuko bashikiriza babiri: Yozefu ari we Barusaba (uwitwa kandi Yusito) hamwe na Matiyasi.
24 Hanyuma barasenga bati: «Ewe Yehova*, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye
25 kugira azezwe iki gikorwa yongere abe intumwa, asubire mu kibanza Yuda yataye akigira mu vyiwe+.»
26 Baca babagirira ubupfindo+ maze bugwa kuri Matiyasi, aca yongerwa kuri za ntumwa 11*.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubukuru.»
^ Canke «no ku mpera z’isi.»
^ Imyelayo bayita kandi olive.
^ Canke «isinzi ryari ng’aho.»
^ Canke «aturika hagati na hagati.»
^ Canke «ubucungezi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yamaze agenda agaruka.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «aharurwa muri za ntumwa 11.» Bisigura ko yabonwa nk’izo ntumwa 11.